Abasomyi bacu barabaza . . .
Kubera iki Imana yasavye ko abayisenga bubakana gusa n’abo basangiye ukwemera?
▪ Muri rya Tegeko Imana yaha ihanga rya Isirayeli, yari yarabwiye abasavyi bayo ku bijanye n’amahanga yari abakikuje iti: “Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe.” (Gusubira mu vyagezwe 7:3, 4) Kubera iki yababujije ico kintu?
Dufashe iryo hanga muri rusangi, Yehova yari azi ko Shetani yashaka kwonona abasavyi biwe mu gutuma basenga imana z’ikinyoma. Imana yaciye rero ibagabisha ku bijanye n’abatemera iti: ‘Bazokevya abahungu banyu bababuze kunkurikira, kandi ntibazobura gukorera izindi mana.’ Ivyo vyogize ingaruka zikomeye. Ihanga rya Isirayeli riramutse rikoreye izindi mana, Imana ntiyobaye ikiritonesha canke ngo irikingire, bigatuma rishobora kugwa mu vyara vy’abansi baryo. Wumva none ico gihe ryoshoboye gukomokamwo Mesiya yari yarasezeranywe? Biratomoye yuko Shetani yari afise imvo yo kwosha Abisirayeli ngo babirane n’abatemera.
Dufashe umuntu umwumwe ukwiwe, turibuka ko Imana yari yitayeho umwe wese mu basavyi bayo. Yari izi yuko kugira umwe wese muri bo agire agahimbare kandi amererwe neza vyasaba ko aba afitaniye ubucuti somambike n’Imana yiwe. Yehova yoba yari afise imvo yumvikana yo kurazwa ishinga n’akosho gateye akaga uwutemera yogize ku wo bubakanye asenga Yehova? Zirikana ivyashikiye Umwami Salomo. Yari azi iyi ngabisho Yehova yari yaratanze ku bijanye n’abagore batemera yagira iti: “Bazohengekera umutima wanyu ku gukurikira imana zabo.” Kubera yuko yari afise ubukerebutsi budasanzwe, ashobora kuba yabona ko arengeye impanuro y’Imana, ko we itamuraba. Yarayirengagije. None vyahavuye bigenda gute? Bibiliya ivuga iti: “Buhorobuhoro, abagore biwe bahengekera umutima wiwe . . . ku gukurikira izindi mana.” Umve iryo bara yemwe! Salomo ntiyabaye agitoneshwa na Yehova, kandi abo yatwara barigabuye bimwe bikomeye kubera ubuhemu bwiwe.—1 Abami 11:2-4, 9-13.
Hari aboca bavuga yuko hari abo bitagendeye nabi naho bubakanye n’abatemera. Nk’akarorero, Umwisirayeli yitwa Mahiloni yarubakanye n’Umunyamowabukazi yitwa Rusi, uno akaba yahavuye aba umusavyi akomeye wa Yehova. Mugabo kwubakana n’abagore b’Abanyamowabukazi vyarimwo akaga. Mahiloni ntavugwa neza kubona yarubakanye n’Umunyamowabukazi; yapfuye akiri muto, bikaba biboneka ko yapfuye Rusi ataratangura kuvuga ko Yehova ari Imana yiwe. Kiliyoni mwene wabo na Mahiloni yubakanye na Orupa Umunyamowabukazi, uno akaba yagumye asenga “imana ziwe.” Bowazi wewe yubakanye na Rusi haciye igihe Rusi yarabaye umusavyi wa Yehova. Nkako, Abayuda bahavuye babona ko Rusi ari “uwahindukiriye idini ryabo abushitse.” Umubano wa Rusi na Bowazi wabaye umuhezagiro kuri bompi.—Rusi 1:4, 5, 15-17; 4:13-17.
Wumva none vyoba biranga ubukerebutsi umuntu yiyumviriye yuko akarorero nk’ako ka Mahiloni na Rusi hari ukuntu kavuguruza impanuro Yehova yahaye Abisirayeli yo kwubakana gusa n’abo basangiye ukwemera? Tuvugishije ukuri, kwiyumvira gutyo ntikwoba none ari nko gufatira ku mukinyi kanaka w’akamari yatsindiye amahera menshi cane, tugaca tuvuga yuko akamari ari uburyo bwiza bwo kurondera ikidutunga?
Bibiliya ihimiriza abakirisu muri iki gihe kwubaka “mu Mukama gusa.” Ibagabisha ngo “nti[ba]boherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana.” Iyo mpanuro igenewe canecane abakirisu b’ukuri bakeneye uwo bubakana. Abasanzwe bubakanye n’abatemera, Bibiliya irabaha impanuro zishobora kubafasha mu rugamba barimwo kugira bibagendere neza ku rugero rushoboka. (1 Abakorinto 7:12-16, 39; 2 Abakorinto 6:14) Izo mpanuro zose zirerekana ko Yehova Imana, ari na we yatanguje umubano w’abubatse, yipfuza ko abasavyi biwe bahimbarwa, baba abubatse canke abatubatse.