Wari ubizi?
Amabuye y’agaciro yari ku kambarwa ko ku gikiriza k’umuherezi mukuru wa Isirayeli yavuye hehe?
▪ Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri bakinjira mu gahinga, Imana yarabategetse ngo bakore ako kambarwa ko ku gikiriza. (Kuvayo 28:15-21) Ng’aya amabuye yari kuri ako kambarwa: ibuye ry’umutuku, topazi, emerode, turukwazi, safiro, yasipi, leshemu, agata, ametisito, kirisolito, onigisi hamwe na yade.a None Abisirayeli boba vy’ukuri bari bashoboye kuronka mwene ayo mabuye y’agaciro?
Mu bihe vya Bibiliya, abantu baraha agaciro cane mwene ayo mabuye bakongera bakayadandaza. Nk’akarorero, kugira Abanyamisiri baronke amabuye y’agaciro baragenda kure cane gushika n’ahasigaye hitwa Irani, Afganistani, kumbure mbere no mu Buhindi. Amacukuriro y’Abanyamisiri yaravamwo amabuye y’agaciro y’ubwoko butari buke. Abami b’Abanyamisiri ni bo bari biharije ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro mu ntara batwara. Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yaradondoye ukuntu abo mu gihe ciwe bimba ibinogo n’imiserege ica mu kuzimu barondera ubutare bw’agaciro. Mu vyo bacukura, Yobu aradomako ko harimwo ibuye rya safiro n’irya topazi.—Yobu 28:1-11, 19.
Inkuru yo muri Kuvayo ivuga ko Abisirayeli “bako[vye] Abanyamisiri” ibintu vyabo vy’agaciro igihe bava mu Misiri. (Kuvayo 12:35, 36) Amabuye y’agaciro yashizwe ku kambarwa ko ku gikiriza k’umuherezi mukuru ashobora rero kuba ari ayo Abisirayeli bakuye mu Misiri.
Kubera iki umuvinyu wakoreshwa nk’umuti mu bihe vya Bibiliya?
▪ Muri umwe mu migani ya Yezu, yaravuze ivyerekeye umugabo yari yakubiswe n’abambuzi. Yezu yavuze yuko Umusamariya ari we yafashije uwo mugabo mu gutubika ibikomere vyiwe agaca abisukako “amavuta n’umuvinyu.” (Luka 10:30-34) Igihe intumwa Paulo yandikira ikete umugenzi wiwe Timoteyo, yamuhanuye ati: “Ntiwongere kunywa amazi, mugabo uze uranywa akavinyu gakeyi ku bw’umushishito wawe n’ukurwaragurika kwawe.” (1 Timoteyo 5:23) None ico kintu Yezu yavuze co gukoresha umuvinyu mu kuvura be n’iyo mpanuro Paulo yatanze, vyoba vyari bihuje n’ubuvuzi?
Igitabu citwa Umuvinyu wa kera (mu congereza) kivuga ko umuvinyu ari “umuti ugabanya ububabare, ukica imigera, eka ukavura vyinshi ari umwe.” Mu bihe vya kera, Abanyamisiri, Abanyamezopotamiya n’Abasiriya barakoresha cane umuvinyu mu kuvura. Igitabu kimwe kivuga ivy’umuvinyu (The Oxford Companion to Wine) kivuga yuko umuvinyu ari “wo muti wa kera kuruta iyindi yose abantu bakoresheje uvugwa mu vyandikano.” Nayo ku bijanye n’impanuro Paulo yahaye Timoteyo, igitabu citwa Inkomoko y’umuvinyu na kahise kawo (mu congereza) kivuga giti: “Abahinga baragerageje basanga umukorobi utera tifoyide be n’iyindi mikorobi iteye akaga ipfa ningoga iyo ivanganye n’umuvinyu.” Ubushakashatsi bwo mu gihe ca none buremeza yuko bimwebimwe mu bintu birenga 500 bigize umuvinyu bifise ubwo bushobozi bwo kuvura hamwe n’ubundi.
[Akajambo k’epfo]
a Biragoye kumenya ingene ayo mabuye yose yitwa muri iki gihe.
[Ifoto ku rup. 26]
Abanyagihugu bariko bahonyora inzabibu. Ni ishusho yo ku mva ya Nakht, i Thèbes mu Misiri
[Abo dukesha ifoto]
Gianni Dagli Orti/The Art Archive at Art Resource, NY