ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/8 rup. 28-31
  • Intwari zirwanira ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intwari zirwanira ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Nimushishikare igikorwa kandi mwumvire ubuyobozi”
  • “Nimukure inkeka mu mizirikanyi yanyu”
  • Izindi nsiguro ziremesha
  • Ivyabonywe be n’ukubaza ibibazo
  • Bari babirindiranye igishika cinshi n’ivyizigiro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ukuntu umumisiyonari yororanirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ishure ry’i Gileyadi—riramaze imyaka 60 rimenyereza abamisiyonari
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi baronka inyigisho ikora ku mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/8 rup. 28-31

Umugwi ugira 132 w’abasohoka Ishure rya Gileyadi

Intwari zirwanira ukuri

KU WA 10 Ntwarante 2012 wari umusi udasanzwe ku kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri New York. Abantu ibihumbi bambaye neza, harimwo n’abashitsi baje bava mu mahanga, bariko baraza kugira bitabe ibirori vyo guha impapuro z’umutsindo umugwi ugira 132 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Benshi muri bo binjiye mu ngoro y’amakoraniro y’i Patterson, abandi na bo bakoranira hamwe mu bindi bibanza kugira bakurikirane ivyo birori biciye ku mboneshakure. Bose hamwe bari 9.042.

Ivyo birori vyari birindiranywe igishika cinshi. Uwo mugwi w’abanyeshure wari utandukanye n’iyindi migwi yaciye muri iryo shure kubera ko abari bawugize bose bari basanzwe bari mu mice itandukanye y’umurimo udasanzwe w’igihe cose ari abanyabeteli, abatsimvyi badasanzwe, abacungezi b’ingenzi canke abamisiyonari, mugabo bakaba batari bwace muri iryo Shure rya Gileyadi. None ni ibiki abo banyeshure bazi utuntu n’utundi bagira babwirwe?

Abari ng’aho ntibatevye kubimenya. Gerrit Lösch wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni we yahagarikiye ivyo birori, akaba ari na we yashikirije insiguro yugurura ivyo birori. Yabajije ikibazo gikabura ubwenge kigira giti: “Woba uri intwari?” Yarasiguye ko abakirisu ari intwari zirwanira ukuri, zikaburanira inyigisho za gikirisu zose. Kuburanira ukuri ntibisobanura gusa kwigisha abantu ukwo kuri; bisaba kandi ko tubafasha gukunda ukwo kuri.

Umuvukanyi Lösch yaciye abaza ati: “None tuzi gute ko dufise ukwo kuri?” Yaciye yerekana ko icemeza ko dufise ukuri atari igitigiri c’abakwakira. Naho ubu hari abantu amamiliyoni bakiriye ugusenga gutyoroye, kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. hoho hari bakeyi gusa (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”). Yaciye avuga ibintu bitanu vyerekana ko dufise ukuri: (1) Tuguma mu nyigisho za Yezu, (2) turakundana, (3) turumira ku ngingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu ziri hejuru, (4) tuguma tutagira aho duhengamiye mu matati y’iyi si, kandi (5) turi igisata citirirwa izina ry’Imana.

“Nimushishikare igikorwa kandi mwumvire ubuyobozi”

Abumviriza baribajije ibigira bikurikire igihe babona Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi aje ku mukiruruko afise ivalisi! Yashikirije insiguro ifise umutwe-shimikiro uvuga ngo: “Nimushishikare igikorwa kandi mwumvire ubuyobozi,” ukaba wari ushingiye kuri Yesaya 50:5. Ico canditswe kivuga mu buryo menyeshakazoza ivyerekeye Yezu Kristu giti: “Nanje sinagarari[je]. Kandi sinahindukiriye hirya.”

Umuvukanyi Jackson yahimirije abanyeshure ngo babe abanyaruka gutahura ubuyobozi Yehova atanga biciye ku mpwemu yiwe, kuri Bibiliya no kw’ishirahamwe ryiwe. Muri wa mugani w’italanto uvugwa muri Matayo 25:14-30, twovuga ko abashumba bose baronse italanto zingana kubera ko umwe wese muri bo yahawe izihuye n’ubushobozi bwiwe. Vyari vyitezwe ko bakora ivyo bashoboye vyose. Babiri muri bo barakejwe bongera bitwa abashumba ‘beza kandi b’abizigirwa.’ Ubwizigirwa ntibwama burabirwa ku vyo umuntu ashikako, ahubwo burabirwa ku kuntu ashishikara igikorwa kandi akumvira ubuyobozi.

Umushumba agira gatatu yiswe umushumba “mubi kandi w’ikinebwe” yongera yitwa “imburakimazi.” None ingorane yiwe yabaye iyihe? Italanto yari yarahawe yaciye ayihamba. Italanto nticari igiceri, ahubwo yari ingero y’uburemere ingana n’idenariyo 6.000, ni ukuvuga ibilo 20. Ivyo bilo bigomba kungana n’ivyo basaba ko ivalisi y’umuntu itorenza igihe aba afashe indege aja mu mahanga. Guhamba ikintu kingana n’ivalisi, emwe, nta gukeka ko vyasavye akigoro. Uwo mushumba rero yaragize ico akoze kuko yahamvye iyo talanto, mugabo si vyo yari yarabwiwe gukora. Umumisiyonari na we nyene yoshobora kugira ivyo akora, ariko none biba ari ibikorwa nyabaki? Kwoba ari ukwandikira udukete incuti n’abagenzi, ukwirabira utuntu n’utundi kuri Internet, ukumarana umwanya n’abandi, canke ugukora urudandaza? Yiriwe muri ivyo, umusi worangira yarushe yasanzaye, ariko ntaba yakoze ivyo yabwiwe gukora. Umuvukanyi Jackson yaciye asozera ati: “Nimwame mukurikiza ubuyobozi!”

“Nimukure inkeka mu mizirikanyi yanyu”

Uwo ni wo wari umutwe-shimikiro w’insiguro Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi yashikirije. Yavuze ati: “Bibiliya ntiyigera yerekana ko ukwizera kuri n’ico gusa gusana n’inkeka. Ukwizera n’inkeka ntibicana uwaka.” Shetani yarashoboye kubiba inkeka mu muzirikanyi wa wa mugore yari atunganye ari we Eva; arashoboye rero kubiba inkeka mu muzirikanyi wacu. Umuvukanyi Morris yongeyeko ati: “Nimugaburire ukwizera kwanyu, mwirabire ingene inkeka zizokwicwa n’inzara.” Yaciye afatira ku nkuru yerekeye Petero. Petero ‘yaragendeye ku mazi’ mugabo “aravye ikirura c’umuyaga” aca agira ubwoba, hanyuma atangura kunyika. Yezu amaze kumufata, yaciye abaza Petero ati: “Kubera iki waretse ugatwarwa n’ugukekeranya?” (Matayo 14:29-31) Umuvukanyi Morris yaciye avuga ati: “Mwebwe abamisiyonari, uko muzoba mufise vyinshi mukora mu murimo w’igihe cose, abandi boshobora kuzotangazwa n’ivyo mukora vyose, babone umengo muriko mugendera ku mazi; ariko igihuhusi nicaramuka giteye, ntimuze mureke ngo mutwarwe n’ugukekeranya.”

Umuvukanyi Morris yabandije yerekana yuko naho bitoroshe kwihanganira ibihe bigoye vyogereranywa n’ibihuhusi, imiyaga y’ico gihuhusi iteba igahwama. Ku bijanye n’ibihe bigoye, yahimirije abo banyeshure ngo barimbure ico Paulo na Silasi bakoze igihe bari bapfungiwe i Filipi. Mu Vyakozwe 16:25 higana hati: “Nko mu gicugu Paulo na Silasi bariko barasenga bongera bashemeza Imana mu kuririmba; egome, imbohe zarabumva.” Wabonye ico kintu? Ntibasenze gusa, ariko kandi bararirimvye. Bararirimvye ku buryo n’izindi mbohe zibumva. Umuvukanyi Morris yaciye yerekana yuko naho benshi muri twebwe tudafise agahogo kamenyerejwe kuririmba neza, tudakwiye gutinya kuririmba, na canecane igihe turi mu bihe bitoroshe. Umuvukanyi Morris yarangije abasomera amajambo yo mu ruririmbo nomero 135 rwo mu gitabu Turirimbire Yehova, uruvuga ngo “Twihangane gushika kw’iherezo.”

Izindi nsiguro ziremesha

“Woba ukunda imisi ihagije?” Uwo ni wo mutwe-shimikiro w’insiguro yashikirijwe na Robert Luccioni wo mu Rwego rujejwe kugura ibikenewe. Wari ushingiye ku majambo Umwami Dawidi yanditse muri Zaburi 34:12. Iyo nsiguro yaraciye irya n’ino ingene twovyifatamwo mu bihe bitoroshe kandi tukaguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Hari vyinshi twokwigira ku nkuru dusanga muri 1 Samweli ikigabane ca 30. Igihe Dawidi, abagabo bari kumwe na we be n’imiryango yabo bariko bahunga Umwami Sauli, barahungiye i Zikulagi babayo. Igihe Abamaleki bagaba igitero aho hantu bagatwara iyo miryango nk’imbohe, nya bagabo baciye bata ishavu kuri Dawidi, bashaka no kumwicisha amabuye. None Dawidi yaciye avyifatamwo gute? Ntiyacitse intege, ahubwo yaciye “atangura kwikomeza biciye kuri Yehova Imana yiwe.” (1 Samweli 30:6) Yarahanuje Yehova, akurikiza ubuyobozi bw’Imana, maze arakiza abo bantu bari bagizwe imbohe. Umuvukanyi Luccioni yarakuye amazinda abo banyeshure yuko mu gihe bokwizigira Yehova nk’ukwo kwa Dawidi, bakumvira ubuyobozi bwiwe, bazoshobora kwironkera imisi ihagije bakabona ivyiza. Bazogira ubuzima buhimbaye uko barangura igikorwa giteye iteka bashinzwe.

“Amaso yanyu nagume yitangiye imbere amaterama y’ijoro.” Uwo ni wo wari umutwe-shimikiro w’insiguro yashikirijwe na Michael Burnett, akaba ari umwe mu bigisha bo kw’Ishure rya Gileyadi. Umwanya wo kuva izuba rirenze gushika riserutse, Abisirayeli bawugaburamwo amaterama atatu y’amasaha ane-ane. Mw’iterama rya nyuma, iryatangura isaha umunani z’ijoro rikarangira isaha 12 z’igitondo, haba hari umwiza mwinshi n’imbeho nyinshi gusumba mu yandi materama, kandi vyaba bigoye cane ko umuntu aguma ari maso. Umwanditsi w’amazaburi yaca aguma azirikana ku majambo ya Yehova kugira ngo agatiro ntikamutware mu gihe c’iterama rya nyuma ry’ijoro. (Zaburi 119:148) Umuvukanyi Burnett yabwiye abo banyeshure ati: “Muzokenera kuguma muri maso. Muzoshikirwa n’ibihe vy’umwiza bica intege, mwongere mwibonere ibizobashikira biturutse kuri iyi si ikonje, itagira urukundo. Murakeneye kuba muriyumvira ingene muzovyifatamwo.” Yaciye abibutsa ko bakwiye kwihata bakiga ibintu vyimbitse kugira ngo bazogume bari maso mu vy’impwemu. Umuvukanyi Burnett yabitangiye aka karorero: “Imisi yose murasenga Yehova kubera ko mwipfuza ko ababera umugenzi. Nimureke rero Yehova na we abayagire nk’umugenzi imisi yose biciye kuri Bibiliya. Ijoro rigeze kure. Ku bw’ivyo, nimube muriyumvira ingene muzokoresha imisi iri imbere, gutyo amaso yanyu azoguma yitangiye imbere amaterama y’ijoro.”

“Mwaramenyerejwe ku bw’igikorwa kibarindiriye.” Uwo ni wo mutwe-shimikiro uwundi mwigisha wo kw’Ishure rya Gileyadi yitwa Mark Noumair yashimitseko, ukaba wari ushingiye kuri 1 Petero 5:10. Yabajije abanyeshure iki kibazo: “Ko mwari musanzwe muri abasuku bazi utuntu n’utundi, kubera iki none mwatumiwe ku Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova?” Yishuye ati: “Kubera ko muri abahinga mu gikorwa canyu. Abahinga benshi usanga bafata umwanya bakava ku kivi kugira baje gukurikirana ivyigwa nkarishabwenge. Mu mezi atanu aheze, Yehova ‘yarabashikamishije’ yongera ‘arabakomeza’ biciye ku nyigisho yitondewe y’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, kugira ngo muze mushobore kwitwararika amabanga aremereye mushingwa. Umwamba w’inzu ukomeye, iyo bishitse ukaremerwa ntuca ugorama, canke ngo wihotore canke ngo umanyuke. Ivyo mwakuye muri iri shure bizokwibonekeza uko mukorana na bene wanyu na bashiki banyu musangiye ukwizera. Nihagira ibibaremera mwoba muzoca muva ku ngingo ngenderwako z’Imana, canke mwoba muzoguma mushikamye, mwisunga ivyo mwize mw’Ijambo ry’Imana? Ikintu gikomeye kirashobora kwikorera umutwaro. Inkomezi z’umwamba w’inzu ziva ku kuntu ibiwugize biri imbere muri wo bifatanye neza. Namwe inkomezi zanyu zivana n’ingene umuntu w’ibwina muri mwebwe ameze. Yehova yabazanye ng’aha kugira mube abakomeye n’abizigirwa ku bw’igikorwa kibarindiriye. Imana ahayo yahejeje, hasigaye ahanyu. Dusenga rero dusaba ko namwe mwoshitsa uruhara rwanyu, mukareka wa ‘Mwigisha Ahambaye’ wanyu ngo arangize ukumenyerezwa kwanyu.”

Ivyabonywe be n’ukubaza ibibazo

Mu gihe c’ibirori vyo guha impapuro z’umutsindo abasohotse Ishure rya Gileyadi, vyama biremesha kwumva abanyeshure ubwabo bagira ico bashikirije; ni ko vyagenze no kuri uwo musi. Mu gihimba kimwe c’ivyo birori, abanyeshure barasubiyemwo mu buryo bw’agakino bimwebimwe mu vyari biherutse kuba igihe bariko baramamaza inkuru nziza. Nk’akarorero, hari umugabo n’umugore b’Abafaransa bamaze amasaha atandatu barindiriye ku kibuga c’indege igihe bari ku rugendo baza kw’Ishure rya Gileyadi. Igihe bari mu buriro bwaho, baraganirije abagabo babiri na bo nyene bari barindiriye indege. Igihe umwe muri bo yavuga ko aturuka muri Malawi, baciye bamuyagisha mu gicicewa. Uwo mugabo yaratangaye, aca ababaza ingene bamenye urwo rurimi. Baciye bamusigurira ko bari abamisiyonari bakorera muri Malawi. Igihe wa mugabo wundi na we yavuga ko aturuka muri Kamerune, baciye batangura kuvuga igifaransa, nya mugabo aratangara. Abo bagabo bompi bari basanzwe bavuga neza Ivyabona vya Yehova, kandi abo bamisiyonari barababwiye inkuru nziza.

Uwitwa Nicholas Ahladis wo mu Rwego ruraba ivy’ubuhinduzi yarabajije ibibazo abagabo babiri n’abakenyezi babo. Umugabo n’umugore ba mbere bari bavuye muri Ostraliya baja gukorera ubumisiyonari mu gihugu ca Timor oriental cari catabaguwe n’intambara. Uwo mugabo n’umugore bandi na bo bari bavuye muri Koreya baja gukorera i Hong Kong. Abo bagabo n’abakenyezi babo bari bashashaye bose gusubira kuri ico gikorwa barangurira mu mahanga kugira bashire mu ngiro ivyo bigiye kuri iryo shure.

Abanyeshure bamaze guhabwa impapuro z’umutsindo, umwe muri bo yaciye abaserukira arasoma ikete bateguye ryo gukenguruka inyigisho baronse. Umuvukanyi Lösch, mu gusozera yarakoresheje imvugo ngereranyo ziryoshe cane, avuga yuko ukuri gufise ubwiza nk’umunywamazi, ko kumeze nk’ahantu ho kuruhukira mu bugaragwa, ko kandi kumeze nk’inanga y’ubwato mu kiyaga gisuriranya. Yongeyeko ati: “Kumenya ukuri, emwe, ni umuhezagiro koko. Nimube intwari ziburanira ukuri, mufashe n’abandi babe nk’ukwo nyene.”

[Igicapo/Ikarata ku rup. 31]

IBIRANGA ABITAVYE IRYO SHURE

Ibihugu bavuyemwo 12

Incahagati y’imyaka 36 y’amavuka

Incahagati y’imyaka 20 bamaze babatijwe

Incahagati y’imyaka 15 bamaze mu murimo w’igihe cose

[Ikarata]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Abo banyeshure barungitswe mu bihugu vyerekanywe aho hepfo:

AHO ABITAVYE IRYO SHURE BARUNGITSWE GUKORERA

BÉLIZE

BÉNIN

KAMBOJE

KAMERUNE

CAP-VERT

CÔTE D’IVOIRE

DOMINICAINE (RÉP.)

TIMOR ORIENTAL

ÉQUATEUR

GABON

JEWOROJIYA

GUINÉE

HONG KONG

LIBERIYA

MADAGASKARI

MALAWI

PERU

SAMOA

SAO TOMÉ-ET-PRINCIPE

ZIMBABWE

LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

[Ifoto ku rup. 31]

Umugwi ugira 132 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Iap, R.; Iap, J.; Ng, T.; Ng, P.; Laurino, F.; Laurino, B.; Won, S.; Won, S.

(2) Morales, N.; Morales, M.; Zanutto, J.; Zanutto, M.; Rumph, I.; Rumph, J.; Germain, D.; Germain, N.

(3) Atchadé, Y.; Atchadé, Y.; Thomas, C.; Thomas, E.; Estigène, C.; Estigène, P.

(4) Ehrman, D.; Ehrman, A.; Bray, J.; Bray, A.; Amorim, M.; Amorim, D.; Seo, Y.; Seo, Y.

(5) Simon, J.; Simon, C.; Seale, C.; Seale, D.; Erickson, J.; Erickson, R.

(6) McCluskey, D.; McCluskey, T.; Brown, A.; Brown, V.; Mariano, D.; Mariano, C.; Loyola, Y.; Loyola, C.

(7) Rutgers, P.; Rutgers, N.; Foucault, P.; Foucault, C.; Wunjah, J.; Wunjah, E.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika