ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/11 rup. 8-9
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imibabaro?
    Be maso!—2015
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/11 rup. 8-9

Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?

SE WA Ian yari umunywi karuhariwe. Naho Ian yakuze ata co akenye, yarumva ko abuze urukundo yari yiteze kuri se. Ian avuga ati: “Sinigeze ndamwiyumvamwo cane, ahanini kubera ingeso yiwe yo kunywa be n’ukuntu yafata mawe.” Uko Ian yakura, yaratanguye kwibaza nimba Imana iriho koko. Avuga ati: “Naribaza nti: ‘Niba Imana ibaho koko, ni kubera iki ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?’”

Ni kuki twokwibaza ico kibazo?

Naho vyoba bisa n’uko ata ngorane ufise mu buzima, woshobora gushavuzwa cane no kubona ukuntu imibabaro ishikira abantu ata co bazira. Ariko uramutse ushikiwe n’ingorane canke uwawe akarwara kibure agapfa, ico kibazo cerekeye ugushikirwa n’imibabaro gica kirushiriza kugira ico kivuze kuri wewe nk’uko vyagenze kuri Ian.

Bamwebamwe bacishura gute?

Hari abemera yuko Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro kugira ngo itugeze no kugira ngo itwigishe guca bugufi no kugaragaza impuhwe. Abandi na bo babona yuko bashikirwa n’imibabaro kugira ngo bishure ivyaha bakoze muri kahise.

Izo nyishu zerekana iki?

Zerekana ko Imana ititaho imibabaro abantu barimwo, bikaba rero bigoye ko tuyikunda. Vyerekana kandi ko Imana ni ruburakigongwe.

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya iravuga idacisha ku ruhande yuko Imana atari yo ikwiye kubazwa imibabaro ishikira abantu. Ivuga iti: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Nkako, iciyumviro c’uko Imana ari yo ikwiye kubazwa imibabaro ishikira abantu kirateye kubiri n’ukuntu Bibiliya idondora kamere z’Imana. Uti gute?

Imwe muri kamere nyamukuru z’Imana ni urukundo. (1 Yohani 4:8) Mu gushimika kuri ico ciyumviro, Bibiliya ivuga ko Imana ifise inyiyumvo nk’iz’umuvyeyi yonsa. Imana yabajije iti: “Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka, ntiyumvire ikigongwe umwana w’inda yiwe? Mbere abo bagore boshobora kwibagira, yamara jewe sinzokwibagira.” (Yesaya 49:15) Woba wibaza ko hari inabibondo afise urukundo yogirira nabi umwana wiwe n’ibigirankana? Ahubwo nyabuna umuvyeyi yitwararika umwana wiwe yogerageza kugabanya ububabare uwo mwana yoba afise. Imana na yo nyene ntituma abantu ata co bazira bashikirwa n’imibabaro.​—Itanguriro 18:25.

Naho ari ukwo, abantu ata co bazira barashikirwa n’imibabaro. Vyoshika ukibaza uti: ‘Nimba Imana itubabaye kandi ikaba ishobora vyose, kubera iki idakuraho ibituma dushikirwa n’imibabaro?’

Hariho imvo zumvikana zituma Imana ireka imibabaro ikabandanya gushikira abantu. Imwe muri izo ni iyi: Akenshi abantu ni bo bateza abandi imibabaro. Abakandamiza abandi, bakabamerera nabi, usanga badashaka guhindura ingendo. Kugira ngo rero Imana ikureho iyo mvo ihambaye ituma abantu bashikirwa n’imibabaro, izotegerezwa guhonya mwene abo bantu.

Mu gusigura igituma Imana itararandura abakora ikibi, intumwa Petero yanditse ati: “Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (2 Petero 3:9) Ukwihangana kwa Yehova Imana ni icerekana yuko afise urukundo n’imbabazi.

Ariko rero, Yehova yimirije kugira ico akoze. ‘Azokwishura amakuba abayateza’ abantu ata co bazira. Abateza abandi imibabaro “bazoshikirwa n’igihano c’urubanza c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera.”​—2 Abatesalonika 1:6-9.

Ian, umwe twavuga mu ntango, yararonse inyishu zimara akanyota ku bibazo yibaza vyerekeye imibabaro. Ivyo yize vyatumye ahindura ukuntu yabona ubuzima. Nusome inkuru ivuga ibimwerekeye, ku rupapuro rwa 13 rw’iki kinyamakuru.

Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro, raba ikigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora no kukivoma ku muhora wa Internet www.pr418.com

Yezu yavuze iki ku bijanye n’imibabaro?

Yezu ntiyabona yuko Imana ari yo yobazwa imibabaro yashikira abantu. Ahubwo, raba ivyo Yezu yakoze:

Yezu yarerekanye ko Imana idahana abantu ata co bazira mu kubatera imibabaro. Yezu yarakijije abarwaye, ibimuga, n’impumyi. (Matayo 15:30) Ibitangaro yakoze biratwigisha ibintu bibiri bihambaye: Ica mbere, Yezu yakoresha ububasha bw’Imana mu kugabanya imibabaro y’abantu, atari mu kuyibateza. Ica kabiri, Yezu ntiyakiza abantu mu buryo butaranga ikibabarwe. Igihe yabona abantu bamerewe nabi, vyaca “bimutera ikigongwe.” (Matayo 20:29-34) Yezu yari Se ku gasaka uravye ukuntu yabona imibabaro. Twisunze rero ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze, duca tubona ko Imana ituntuzwa no kubona umubabaro abantu barimwo kandi ko yipfuza kuwubaremurura.​—Yohani 14:7, 9.

Yezu yarerekanye aho neza na neza myinshi mu mibabaro ishikira abantu ituruka, akaba ari kuri Shetani wa Mubesheranyi. Yezu yavuze ati: “Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango.” (Yohani 8:44) Yezu yaravuze kandi ko Shetani ari we “mutware w’iyi si” be n’uko ari we “azimiza isi yose.”​—Yohani 12:31; Ivyahishuwe 12:9.

Yezu yaraduhaye icizigiro c’uko hazogera igihe tukabaho ata mibabaro ikiriho. Yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, . . . ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana nibwaza, nta mibabaro izosubira kubaho kw’isi, nk’uko nyene ata mibabaro ibaho mw’ijuru.

Mu vyo Yezu yahishuriye intumwa Yohani, yarerekanye ingene ubuzima bw’abazoba batwarwa n’Ubwami bw’Imana buzoba bumeze. Ico gihe, Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera [bizoba] vyagiye.”​—Ivyahishuwe 1:1; 21:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika