ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/12 rup. 19-23
  • Tugume turi “ingenzi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugume turi “ingenzi”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘IVYAREMWE VYOSE BIGUMA BINIHA’
  • ABAKIRISU B’UKURI BITEZWEKO IKI?
  • INGESO NZIZA
  • UKUYOBOKA KUBEREYE
  • TUGARAGAZE URUKUNDO
  • Turi “ingenzi” mw’isi mbi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Mugire Ingeso Nziza mu Mahanga”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Ingenzi” zunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Abakirisu Batagira Aho Bahengamiye mu Misi y’Iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/12 rup. 19-23

Tugume turi “ingenzi”

“Ndabahimiriza nka ba kavamahanga n’ingenzi ngo mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri.”​—1 PET. 2:11.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni kubera iki abarobanuwe bashobora kwitwa ingenzi?

  • Ni mu buryo ki abo mu “zindi ntama” ari ingenzi?

  • Ni ikintu ikihe kizoba muri kazoza urindiranye igishika

1, 2. Ni bande Petero yerekejeko mu gukoresha imvugo “abatowe,”

HACIYE imyaka nka 30 Yezu aduze mw’ijuru, intumwa Petero yarandikiye ikete “ingenzi zasabagiye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bitiniya, . . . abatowe.” (1 Pet. 1:1) Biragaragara ko Petero, akoresheje imvugo “abatowe,” yerekeje ku bantu, cokimwe na we, bari bararobanujwe impwemu nyeranda maze bagahabwa “ivuka rishasha . . . ngo [ba]gire icizigiro kizima” co kuganza bari kumwe na Kristu mw’ijuru. (Soma 1 Petero 1:3, 4.) Ni kubera iki none abo batowe yabise “ba kavamahanga n’ingenzi”? (1 Pet. 2:11) Kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe aho Icabona nka 1 ku Vyabona 650 hirya no hino kw’isi usanga avuga ko ari uwatowe yarobanuwe?

2 Vyari bibereye gukoresha imvugo “ingenzi” mu kwerekeza ku barobanuwe bo mu kinjana ca mbere. Nk’uko biri ku masigarira y’uwo mugwi akiriho muri iki gihe, ntibobandanije kuba kw’isi. Intumwa Paulo, na we nyene akaba yari mu barobanuwe bagize “ubusho buto,” yasiguye ati: “Nayo twebwe, ubwenegihugu bwacu buri mw’ijuru, ari na ho turindiranye igishika ko hazova umukiza, Umukama Yezu Kristu.” (Luka 12:32; Flp. 3:20) Kubera yuko abarobanuwe “ubwenegihugu bwa[bo] buri mw’ijuru,” iyo bapfuye barava kw’isi bagahabwa ikindi kintu ciza kuruta, ico na co kikaba ari ubuzima budapfa mw’ijuru. (Soma Abafilipi 1:21-23.) Barashobora rero kuvugwa ko ari “ingenzi” nya ngenzi muri iyi isi itwarwa na Shetani.

3. Ni ikibazo ikihe cerekeye “izindi ntama” kivyuka?

3 Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’“izindi ntama”? (Yoh. 10:16) Ntibafise none icizigiro gishingiye ku Vyanditswe co kuzokwama baba kw’isi? Cane nyene, aho ni ho bazoba ibihe vyose. Ariko rero, mu buryo bunaka na bo nyene barashobora muri iki gihe kubonwa ko ari ingenzi. Mu buryo ubuhe?

‘IVYAREMWE VYOSE BIGUMA BINIHA’

4. Ni igiki indongozi z’isi zidashobora kubuza?

4 Mu gihe iyi si mbi ya Shetani icemerewe kubaho, abantu bose, ushizemwo n’abakirisu, bazobandanya gushikirwa n’ingaruka ziva ku kuba Shetani yaragararije Yehova. Mu Baroma 8:22, dusoma duti: “Tuzi yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu.” Ariko rero, naho indongozi z’isi, abanyasiyansi be n’abagiraneza bokorana umutima nziraburyarya gute, ntibashobora kubuza ico kintu.

5. Kuva mu 1914, ni igiki abantu amamiliyoni bakoze, kandi kubera iki?

5 Kuva mu 1914, abantu amamiliyoni rero barahisemwo babikunze kuba abatwarwa b’Umwami yimitswe n’Imana ari we Kristu Yezu. Ntibipfuza kuba ab’isi ya Shetani. Ntibemera gushigikira isi ya Shetani. Ahubwo nyabuna, bakoresha ubuzima bwabo be n’ivyo batunze mu gushikira Ubwami bw’Imana, bakitwararika inyungu zabwo.​—Rom. 14:7, 8.

6. Ni mu buryo ubuhe Ivyabona vya Yehova bashobora kwitwa ba kavamahanga?

6 Egome, Ivyabona vya Yehova ni abanyagihugu bubahiriza amategeko mu bihugu birenga 200, yamara naho boba baba hehe, bameze nka ba kavamahanga. Baguma batagira aho bahengamiye na gato ku bijanye n’ibibazo vya politike be n’ivy’imibano vyo muri iki gihe. Mbere n’ubu babona ko ari abanyagihugu b’isi nshasha y’Imana. Barahimbarwa no kubona imisi yabo yo kuba ingenzi mw’isi idatunganye, iri mu kurangira.

7. Ni hehe abasavyi b’Imana bazokwama baba, kandi ivyo bizoshoboka gute?

7 Vuba Kristu azokoresha ubukuru bwiwe mu gutikiza isi mbi ya Shetani. Intwaro itunganye ya Kristu izokura kw’isi igicumuro n’intuntu. Izokuraho ingaruka zose ziboneka n’izitaboneka zituruka ku kugarariza uburenganzira Yehova afise bwo kugaba no kuganza. Abasavyi b’Imana b’intahemuka bazoshobora kwama baba mw’isi y’iparadizo. (Soma Ivyahishuwe 21:1-5.) Ico gihe, ibiremwa “bizogirwa ivyidegemvya bi[ve] mu buja bw’ukubora, bi[gire] umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana” mu buryo bwuzuye​—Rom. 8:21.

ABAKIRISU B’UKURI BITEZWEKO IKI?

8, 9. Sigura ico Petero yashaka kuvuga igihe yavuga ngo “[mwirinde] ivyipfuzo vy’umubiri.”

8 Petero arasigura ico abakirisu bitezweko igihe abandanya kuvuga ati: “Bakundwa, ndabahimiriza nka ba kavamahanga n’ingenzi ngo mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri, ari na vyo nyene biguma birwanya ubuzima.” (1 Pet. 2:11) Iyo mpanuro ubwa mbere na mbere yari yerekeye abakirisu barobanuwe, mugabo irerekeye n’abagize izindi ntama za Yezu.

9 Ivyipfuzo bimwebimwe, igihe bihagijwe mu buryo Umuremyi yashinze, ubwavyo si bibi. Nkako biratuma ubuzima burushiriza guhimbara. Nk’akarorero, hariho ivyipfuzo bisanzwe vyo kwinovora ibifungurwa biryoshe no kunywa, kugira uruhara mu bikorwa vyo kwiruhura hamwe no kunezerererwa ubugenzi bwiza. Mbere n’icipfuzo co kuryoherwa mu vy’igitsina umuntu ari kumwe n’uwo bubakanye kirabereye kandi kirafise ikibanza caco. (1 Kor. 7:3-5) Ariko rero, biboneka ko “ivyipfuzo vy’umubiri” Petero yariko aravuga ari ivyipfuzo “biguma birwanya ubuzima.” Mu gushira ahabona ico yashaka kuvuga, Bibiliya zimwezimwe zivuga ngo “inambu zikomeye z’umubiri” (King James Version) canke ngo “ivyipfuzo vy’igicumuro” (New International Version). Biragaragara ko umuntu ategerezwa kuguma ari maso ku cipfuzo ico ari co cose kirwanya umugambi Yehova yaseruye kandi gishobora kwonona imigenderanire myiza afitaniye n’Imana. Ahandiho icizigiro umukirisu afise co kuzorokoka kirashobora kubangamirwa bimwe bikomeye.

10. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe Shetani akoresha kugira atume abakirisu baba ab’isi yiwe?

10 Intumbero ya Shetani ni iyo guhungabanya umwiyemezo abakirisu b’ukuri bafise wo kubona ko ari “ingenzi” muri iyi si. Gukwegerwa n’amaronko, ubuhumbu, ukuba uwuhambaye, agatima k’ubwikunzi hamwe n’ivyo gukunda igihugu birenze urugero, ivyo vyose ni imitego ya Shetani kandi bitegerezwa kubonwa gutyo. Igihe twiyemeje kwirinda ivyo vyipfuzo bibi vy’umubiri, tuba twerekanye neza yuko tutipfuza kuba ab’isi mbi ya Shetani. Tuba twerekanye ko tuba muri yo ku bw’igihe gito gusa. Ico twipfuza vy’ukuri kandi twihatira gushikira ni ukuzokwama twibera mw’isi nshasha y’Imana izoba irangwamwo ubugororotsi.

INGESO NZIZA

11, 12. Rimwe na rimwe abanyamahanga babonwa gute, kandi ni ibiki vyoshobora kuvugwa ku Vyabona vya Yehova?

11 Petero arabandanya gusigura ico abakirisu b’“ingenzi” bitezweko mu kuvuga mu murongo wa 12 ati: “Mugumane ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo mu kintu babavugamwo nabi nk’inkozi z’ibibi, bivuye ku bikorwa vyanyu vyiza bibonera, baninahaze Imana ku musi w’igendura ryayo.” Abanyamahanga, ni ukuvuga ingenzi mu gihugu kitari icabo, birashika bagacokorwa. Boshobora mbere kubonwa ko ari inkozi z’ibibi kubera gusa yuko batandukanye n’ababanyi babo. Imvugo yabo, ivyo bakora, ukuntu bambara, kumbure mbere n’uko baboneka hari ukuntu usanga bitandukanye n’ivy’imvukira. Mugabo igihe bakora ibikorwa vyiza, ni ukuvuga igihe ingeso zabo ari nziza, ibintu bibi babavugako ku bijanye n’ivyo bintu batandukaniyeko n’abandi usanga bitagira ishingiro.

12 Muri ubwo buryo nyene, abakirisu b’ukuri bari n’ibintu vyinshi batandukaniyeko n’ababanyi babo mu mice kanaka, nko mu bijanye n’ukuntu bayaga canke ukuntu bisamaza. Ukuntu bambara be n’ukuntu bitunganya akenshi birerekana ko batandukanye n’abantu benshi bo mu kibano. Rimwe na rimwe ivyo bintu batandukaniyeko n’abandi biratuma abantu bafise amakuru atari yo ku biberekeye babagiriza nk’aho ari inkozi z’ibibi. Ariko rero, abandi boshobora kubashimagiza kubera ukwo kuntu babayeho.

13, 14. Ni gute ubukerebutsi “bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo”? Tanga akarorero.

13 Egome, ingeso nziza zirashobora kunumya ugucokorwa kutagira ishingiro. Mbere na Yezu, we muntu wenyene yabayeho ari umwizigirwa ku Mana bimwe bitagira agahaze, yaragirijwe ibinyoma. Bamwebamwe bamwita “umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi.” Ariko rero, ikizwi ni uko ingendo iranga ubukerebutsi yagaragaje mu gukorera Imana yabeshuje ivyo bavuga yuko ari inkozi y’ikibi. Yezu yavuze ati: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Mat. 11:19) Ivyo ni ko biri no muri iki gihe. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe baba hafi y’inyubakwa za Beteli y’i Selters mu Budagi babona ko abavukanyi na bashiki bacu gusukurira ng’aho, ari abantu bameze ukuntu. Mugabo umukuru w’ico gisagara yarababuraniye, mu kuvuga ati: “Ivyabona bakorera ng’aho babayeho mu buryo bisangije, uburyo butabuza amahoro abandi mu kibano.”

14 Ikintu nk’ico kiraherutse kuvugwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova baba i Moscou mu Burusiya. Barabeshewe yuko bakora ibintu bibi bitari bike. Ku wa 20 Ruheshi 2010, ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ikorera i Strasbourg mu Bufaransa yaciye uru rubanza: “Sentare isanze [Leta ya Moscou] ata mvo n’imwe ifise yo guhonyanga agateka k’abitwaye kajanye n’umwidegemvyo wo gusenga n’uwo gukoranira hamwe. Amasentare y’i Moscou ntiyatanze imvo ‘zumvikana kandi zihagije’ kugira yerekane ko abayitwariye” hari ikibagira, nk’akarorero ko bagirwa no gusambura ingo, kuremesha abantu kwiyahura canke kwanka kuvurwa. Ku bw’ivyo, “igihano baciriwe n’izo sentare cari gikomeye birenze uravye ukuntu amategeko yaho yari akabije kandi arenza urugero ku kintu ico ari co cose cemewe ubutungane bwaba buriko burakurikirana.”

UKUYOBOKA KUBEREYE

15. Abakirisu b’ukuri bo kw’isi yose bakurikiza ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya iyihe?

15 Ivyabona vya Yehova b’i Moscou, eka mbere bo kw’isi yose, barashitsa ikindi kintu gisabwa abakirisu cavuzwe na Petero. Yanditse ati: “Ku bw’Umukama, muyobokere ikiremwa-muntu cose: kwaba ukuyobokera umwami nka we mukuru canke ba buramatari.” (1 Pet. 2:13, 14) Naho abakirisu b’ukuri atari ab’iyi si mbi, barayobokera babikunze abategetsi bari “mu bibanza vyabo bigereranye,” nk’uko Paulo yabibategetse.​—Soma Abaroma 13:1, 5-7.

16, 17. (a) Ni igiki cerekana ko tutarwanya intwaro? (b) Ni igiki indongozi zimwezimwe zo mu vya politike ziyemereye?

16 Igihe Ivyabona vya Yehova bigenjeje nk’“ingenzi” muri iyi si, ntibabigira nk’abari muri ba bandi biyamiriza ibintu binaka badakuyeko umunwa. Vyongeye ntibarwanya canke ngo abifatira ingingo mu vya politike canke mu vy’ikibano. Ivyabona vya Yehova baririnda kwisuka mu vya politike nk’ukw’ayandi madini avyisukamwo. Ntibigera bagerageza guterera ivyiyumviro abategetsi. Iciyumviro c’uko borondera guhungabanya umutekano w’abanyagihugu canke kurwanya Leta ntikigira ishingiro namba.

17 Mu gihe abakirisu bagamburukiye abategetsi mu buryo buhuye n’impanuro ya Petero ibasaba “[gutera] iteka umwami,” baba babagaragarije icubahiro n’iteka bakwiriye. (1 Pet. 2:17) Rimwe na rimwe abo bategetsi bariyemereye ko ata mvo yumvikana bafise yo kuhagarikwa umutima n’Ivyabona vya Yehova. Nk’akarorero, umunyapolitike w’Umudagi yitwa Steffen Reiche, akaba yahoze ari umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bwo muri Leta ya Brandenburg, mu nyuma akaba mu bagize inama nshingamateka y’Ubudagi, yavuze ati: “Ukuntu Ivyabona vya Yehova bigenjeje mu makambi no mu mabohero kwarangwa n’ingeso nziza zikenewe muri iki gihe nk’uko zari zikenewe muri kahise kugira ngo habeho Leta ishingiye ku ntwaro rusangi: izo ngeso nziza zigizwe no kuba bagumye bashikamye imbere y’abasoda b’Abanazi be n’ukuba baragirira impuhwe imbohe bagenzi babo. Turavye ukuntu abantu barushiriza gukubagura abanyamahanga be n’abo badahuje ivyiyumviro hamwe n’abo batavuga rumwe mu vya politike, umunyagihugu wese wo mu gihugu cacu yategerezwa kugira izo ngeso nziza.”

TUGARAGAZE URUKUNDO

18. (a) Ni kubera iki ari ibisanzwe ko dukunda umuryango wose w’abavukanyi? (b) Ni ibiki abantu bamwebamwe batari Ivyabona bavuze?

18 Intumwa Petero yanditse ati: “Mukunde umuryango wose w’abavukanyi, mutinye Imana.” (1 Pet. 2:17) Ivyabona vya Yehova baratinya mu buryo bubereye gukora ibidahimbara Imana, ivyo bikaba bituma barushiriza kuvyurirwa umutima wo gukora ivyo igomba. Barahimbarwa no gukorera Yehova bagize umuryango ukwiye kw’isi yose w’abavukanyi n’abavukanyikazi bafise icipfuzo kimwe. Ni ibisanzwe rero ko “[bakunda uwo] muryango wose w’abavukanyi.” Urwo rukundo rwa kivukanyi, runo rukaba ari imbonekarimwe mu kibano co muri iki gihe kirangwa n’ubwikunzi, rimwe na rimwe ruratangaza abatari Ivyabona. Nk’akarorero, umuntu umwe ayobora ingenzi akorana n’urwego rw’Abanyamerika ruraba ivy’ingendo yaratangaye abonye ukuntu Ivyabona bagaragarije urukundo bakongera bagafasha Ivyabona bari bavuye mu bindi bihugu kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye mu Budagi mu 2009. Yavuze yuko mu myaka yose amaze akora ako kazi ko kuyobora ingenzi, atari bwigere abona ikintu nk’ico. Mu nyuma, hari Icabona yavuze ati: “Ibintu vyose yavuze ku bitwerekeye yabivuze mu buryo bwerekana ko atangaye kandi anezerewe.” Woba umaze kwumva ibintu nk’ivyo bivugwa n’abantu bihweje Ivyabona bari kw’ihwaniro witavye?

19. Ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora, kandi kubera iki?

19 Muri ubwo buryo bwose duhejeje kuvuga be no mu bundi, Ivyabona vya Yehova baragaragaza yuko ari “ingenzi” vy’ukuri muri iyi si ya Shetani. Kandi bariyemeje banezerewe kuguma gutyo. Icizigiro cabo c’uko bagiye kuzokwama bibera mw’isi nshasha y’Imana izoba irimwo ubugororotsi, kirakomeye kandi kirafise ishingiro. None ivyo ntubirindiranye igishika?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika