ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/3 rup. 8
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ikiziga ca Yezu kirategurwa kigahambwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yafubwe ku wa Gatanu, ku w’Iyinga Uruhafu Ruba Rurera
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/3 rup. 8

WARI UBIZI?

Abayuda bo mu kinjana ca mbere bategura gute ikiziga imbere yo kugihamba?

Abayuda ntibateba guhamba uwabo yapfuye, kenshi bakaba bamuhamba uwo musi nyene yapfiriyeko. Hari imvo zibiri zatuma banyarutsa kumuhamba. Iya mbere ni uko mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu usanga ibiziga bibora ningoga kubera ubushuhe bwaho. Iya kabiri ni uko ico gihe babona yuko kumara imisi batarahamba ikiziga ari ukutubaha uwapfuye hamwe n’umuryango wiwe.

Injili be n’igitabu c’Ivyakozwe biravuga n’imiburiburi abantu bane bahambwe ku musi nyene bapfiriyeko. (Matayo 27:57-60; Ivyakozwe 5:5-10; 7:60–8:2) Imyaka amajana imbere y’aho, igihe Yakobo n’umuryango wiwe bari ku rugendo, umugore wiwe mukundwa Rasheli yarapfuye. Yakobo ntiyaciye amusubirana inyuma ngo amuhambe aho abandi bo mu muryango wiwe bari barahambwe, ahubwo yaciye amuhamba ‘ku nzira ija i Betelehemu.’—Itanguriro 35:19, 20, 27-29.

Inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’amaziko zerekana yuko Abayuda bitwararika gutegura neza ikiziga imbere yo kugihamba. Incuti n’abagenzi baracoza, bakagisiga amavuta meza n’ibimota, bagaca bakizingira mu bitambara. (Yohani 19:39, 40; Ivyakozwe 9:36-41) Ababanyi hamwe n’abandi baraza gusangira umubabaro n’ababuze, bakabahoza.—Mariko 5:38, 39.

Yezu yoba yahambwe nk’uko abandi Bayuda bahambwa?

Imiryango itari mike y’Abayuda yahamba ababo mu mva no mu masenga vyimbwe mu bitandara vyoroshe wasanga mu mihingo myinshi ya Isirayeli. Gutyo, baba biganye ba sekuruza. Aburahamu, Sara, Izahaki, Yakobo n’abandi bahambwe mw’isenga ry’i Makipela hafi ya Heburoni.—Itanguriro 23:19; 25:8, 9; 49:29-31; 50:13.

Yezu yahambwe mu mva yimbwe mu gitandara. (Mariko 15:46) Mu bisanzwe, mwene izo mva zaba zifise ubwinjiriro butoya. Muri nya gitandara, barimba ibinogo mu bihome vyaco, bikaba ari vyo bashiramwo ibiziga vy’ababo. Umuntu amaze gusanguka, baca begeranya amagufa bakayashira mw’isandugu ikozwe mw’ibuye. Ukwo ni ko babigenza mu gihe ca Yezu. Ivyo vyatuma umuryango uronka ikibanza uzohambamwo ubutaha.

Abayuda ntibashobora guhamba ku musi w’Isabato kubera ko Itegeko rya Musa ryavuga ko uwo musi ari akaruhuko. Kubera ko Yezu yapfuye hasigaye amasaha atatu ngo Isabato itangure, Yozefu w’i Arimateya be n’abandi baciye bamuhamba batararangiza gutegura neza ikiziga ciwe. (Luka 23:50-56) Ni co gituma inyuma y’Isabato bamwebamwe mu bagenzi ba Yezu baciye baja ku mva yiwe gusozera ivyo gutegura ikiziga ciwe.—Mariko 16:1; Luka 24:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika