ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/4 rup. 3
  • Kubaho uhimbawe, vyoba bishoboka vy’ukuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubaho uhimbawe, vyoba bishoboka vy’ukuri?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Yezu aratwereka ingene twobaho duhimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ubuzima bufise intumbero—Ubu n’ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Umutsimvyi w’umutima rugabo
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Yezu yabayeho ahimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/4 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: KUBAHO UHIMBAWE, VYOBA BISHOBOKA VY’UKURI?

Kubaho uhimbawe, vyoba bishoboka vy’ukuri?

“Imyaka yacu ni imyaka mirongo irindwi; kandi naho yoba imyaka mirongo umunani bivuye ku nkomezi zidasanzwe, nubundi ibiyiranga ni ivyago n’ibibi gusa.”—Zaburi 90:10.

ESE ukuntu ayo majambo avuga ukuri! Ubuzima muri iyi si usanga kenshi bwuzuye “ivyago n’ibibi.” Ushobora kuba umaze kwibaza uti: ‘Mbega hoho, vyoba bishoboka yuko umuntu abaho ahimbawe vy’ukuri muri iki gihe?’

Zirikana nk’akarorero umukenyezi yitwa Maria. Yamye ari umunyamwete, ariko ubu afise imyaka 84, akaba atagishobora kuva i muhira iwe. Naho ubwenge bwiwe bukora neza, umubiri wowo ntukimworohereza. Vyoba bishoboka ko umuntu nk’uwo yumva ahimbawe mu buzima?

Weho bite? Hari aho woba umaze kwibaza nimba woshobora kubaho uhimbawe. Akazi ukora gashobora kuba karuhisha, karambira, kakagusaba ko wama ukora vya bindi nyene. Ivyo ukora bishobora kuba bidashimwa. Naho ivyawe vyoba vyifashe neza ku rugero runaka, ushobora kuba uhagaritse umutima ku bijanye na kazoza kawe. Vyongeye, vyoshika ukumva ufise irungu canke intuntu. Mu rugo rwawe hashobora kuba hama induru n’indyane. Hari aho woba warabuze uwawe. Nk’akarorero, umugabo yitwa André yarashikirana cane na se; ariko uwo muvyeyi wiwe yararwaye giturumbuka hanyuma arapfa. Kuri André, cabaye icago gikomeye, kandi vyamusizemwo imvune itazopfa imuhezemwo.

Naho twoshikirwa n’ivyago bimeze gute, hariho ikintu twipfuza cane kumenya, na co kikaba ari iki: Vyoba bishoboka vy’ukuri ko tubaho duhimbawe? Turashobora kuronka inyishu y’ico kibazo mu kurimbura ivyerekeye ubuzima bw’umuntu haciye nk’imyaka 2.000 abaye kw’isi, uwo na we akaba ari Yezu Kristu. Naho Yezu yahuye n’ingorane nyinshi mu buzima, yabayeho ahimbawe vy’ukuri. Natwe ni ko bizotugendera nitwamwigana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika