IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: KUBAHO UHIMBAWE, VYOBA BISHOBOKA VY’UKURI?
Kubaho uhimbawe, vyoba bishoboka vy’ukuri?
“Imyaka yacu ni imyaka mirongo irindwi; kandi naho yoba imyaka mirongo umunani bivuye ku nkomezi zidasanzwe, nubundi ibiyiranga ni ivyago n’ibibi gusa.”—Zaburi 90:10.
ESE ukuntu ayo majambo avuga ukuri! Ubuzima muri iyi si usanga kenshi bwuzuye “ivyago n’ibibi.” Ushobora kuba umaze kwibaza uti: ‘Mbega hoho, vyoba bishoboka yuko umuntu abaho ahimbawe vy’ukuri muri iki gihe?’
Zirikana nk’akarorero umukenyezi yitwa Maria. Yamye ari umunyamwete, ariko ubu afise imyaka 84, akaba atagishobora kuva i muhira iwe. Naho ubwenge bwiwe bukora neza, umubiri wowo ntukimworohereza. Vyoba bishoboka ko umuntu nk’uwo yumva ahimbawe mu buzima?
Weho bite? Hari aho woba umaze kwibaza nimba woshobora kubaho uhimbawe. Akazi ukora gashobora kuba karuhisha, karambira, kakagusaba ko wama ukora vya bindi nyene. Ivyo ukora bishobora kuba bidashimwa. Naho ivyawe vyoba vyifashe neza ku rugero runaka, ushobora kuba uhagaritse umutima ku bijanye na kazoza kawe. Vyongeye, vyoshika ukumva ufise irungu canke intuntu. Mu rugo rwawe hashobora kuba hama induru n’indyane. Hari aho woba warabuze uwawe. Nk’akarorero, umugabo yitwa André yarashikirana cane na se; ariko uwo muvyeyi wiwe yararwaye giturumbuka hanyuma arapfa. Kuri André, cabaye icago gikomeye, kandi vyamusizemwo imvune itazopfa imuhezemwo.
Naho twoshikirwa n’ivyago bimeze gute, hariho ikintu twipfuza cane kumenya, na co kikaba ari iki: Vyoba bishoboka vy’ukuri ko tubaho duhimbawe? Turashobora kuronka inyishu y’ico kibazo mu kurimbura ivyerekeye ubuzima bw’umuntu haciye nk’imyaka 2.000 abaye kw’isi, uwo na we akaba ari Yezu Kristu. Naho Yezu yahuye n’ingorane nyinshi mu buzima, yabayeho ahimbawe vy’ukuri. Natwe ni ko bizotugendera nitwamwigana.