Woba ‘ugirira umwete ibikorwa vyiza’?
“Kristu Yezu . . . [yar]itanze ku bwacu kugira . . . yihumanurire igisata yiharije, kigirira umwete ibikorwa vyiza.”—TITO 2:13, 14.
1, 2. Ni agateka kadasanzwe akahe Ivyabona vya Yehova bafise, kandi ukabona gute?
BENSHI babona ko ari agateka gahambaye guhabwa agashimwe kubera ikintu kidasanzwe baba bashitseko. Nk’akarorero, hari abaronse ka gashimwe kitiriwe Nobel kubera bari bakoze bivuye inyuma mu kugarukana amahoro hagati y’imigwi itacana uwaka. Mugabo ese ukuntu ari agateka karushirije kuba agahambaye gutumwa n’Imana uri uwuyiserukira kugira ngo ufashe abantu kugiranira n’Umuremyi wabo imigenderanire irangwa amahoro!
2 Twebwe Ivyabona vya Yehova, turafise ako gateka kadasanzwe. Tubitegetswe n’Imana be na Kristu, turinginga abantu ngo “[ba]subize hamwe n’Imana.” (2 Kor. 5:20) Turakoreshwa na Yehova kugira ngo dukwegere abantu kuri we. Ukwo ni ko abantu amamiliyoni bo mu bihugu birenga 235 bafashijwe kugiranira n’Imana ubucuti bwiza gutyo baragira icizigiro co kuronka ubuzima budahera. (Tito 2:11) Tubigiranye umwete, turatumira “uwo wese ashaka [ngo yakire] amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 22:17) Kubera ko duha agaciro ico gikorwa gihambaye twashinzwe kandi tukaba tukirangurana ubwira, twoshobora kwitwa mu buryo bubereye igisata “kigirira umwete ibikorwa vyiza.” (Tito 2:14) Nimuze ubu twihweze ukuntu umwete tugirira ibikorwa vyiza udufasha gukwegera abantu kuri Yehova. Igikorwa cacu co kwamamaza ni bumwe mu buryo tubigira.
NIWIGANE UMWETE WA YEHOVA NA YEZU
3. “Umwete nyene wa Yehova” udukura amazinda ku biki?
3 Mu kwerekeza ku vyo ubutware bw’Umwana w’Imana buzoshitsa, muri Yesaya 9:7 hagira hati: “Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora.” Ayo majambo arashimika ku kuntu Dawe wa twese wo mw’ijuru yitwararika n’umwete ivyo kurokora abantu. Akarorero Yehova atanga mu bijanye n’umwete karerekana neza ko igikorwa yadushinze co kuba abamamaji b’Ubwami gikwiye ko tugishigikira n’umutima wacu wose tukongera tukakigirira igishika n’umwete. Icipfuzo gikomeye dufise co gufasha abantu kumenya Imana ni uburyo bwo kugaragaza umwete Yehova afise. Ko turi abakozi bakorana n’Imana, twoba none twiyemeje kurushiriza kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza bivanye n’ukuntu ivyacu vyifashe?—1 Kor. 3:9.
4. Yezu yatanze gute akarorero ko kwumira kw’ibanga abigiranye umwete mu busuku?
4 Rimbura kandi umwete wa Yezu. Yaratanze akarorero katagira agahaze ko kwumira kw’ibanga abigiranye umwete mu busuku. Naho yarwanijwe bikomeye, yagumye afitiye umwete igikorwa co kwamamaza gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu buryo bubabaje. (Yohani 18:36, 37) Uko igihe c’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka cegereza, ni ko umwiyemezo Yezu yari afise wo gufasha abandi kumenya Yehova wongerekana.
5. Ni gute Yezu yakoze ahuza n’ikigereranyo yatanze c’igiti c’umusukoni?
5 Nk’akarorero mu gatasi ko mu 32 G.C., Yezu yaratanze ikigereranyo c’umuntu yari afise mu murima wiwe w’imizabibu igiti c’umusukoni cari kimaze imyaka itatu kitama. Igihe umukozi wo muri uwo murima w’imizabibu yabwirwa kwicira ico giti, yarasavye igihe co kugitabira. (Soma Luka 13:6-9.) Ico gihe, abigishwa bari ku rushi ni bo gusa bashobora kubonwa ko ari ivyamwa vyavuye mu gikorwa ca Yezu co kwamamaza. Mugabo nk’uko biboneka muri ico kigereranyo, Yezu yarakoresheje igihe gitoyi cari gisigaye, icangana n’amezi nk’atandatu, kugira ngo arushirize kwamamaza i Yudaya n’i Pereya. Hasigaye imisi mikeyi ngo Yezu apfe, yaraririye Abayuda bagenziwe ‘bumvise ntihagire ico bakora.’—Mat. 13:15; Luka 19:41.
6. Ni kubera iki dukwiye kwongereza igikorwa turangura mu busuku?
6 Turavye ukuntu dushitse kure mu gihe c’iherezo, ntibihambaye none ko twongereza utwigoro tugira mu kwamamaza? (Soma Daniyeli 2:41-45.) Ese ukuntu ari agateka kadasanzwe kuba turi Ivyabona vya Yehova! Ni twe twenyene kw’isi dutuma abantu bagira icizigiro c’uko ingorane zabo zizotorerwa umuti nyakuri. Umwanditsi w’ikinyamakuru kimwe aherutse kuvuga yuko ikibazo kivuga ngo “Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?” kidashobora kwishurwa. Twebwe abakirisu turafise ibanga ryo kubwira abo bose bavyipfuza inyishu Bibiliya itanga ku bibazo nk’ivyo, kandi ni agateka. Turafise imvo yumvikana yo ‘kururumba impwemu’ uko turangura ico gikorwa twashinzwe n’Imana. (Rom. 12:11) Twamamaje Injili tubigiranye umwete kandi tubifashijwemwo n’Imana, turashobora gufasha abandi kumenya no gukunda Yehova.
AGATIMA KO KWITANGA KARATERA ITEKA YEHOVA
7, 8. Ni gute agatima ko kwitanga gatera iteka Yehova?
7 Nk’uko ivyashikiye intumwa Paulo bivyerekana, ubusuku turangura bwoshobora gutuma ‘turara maso’ tukongera ‘tukamara ibihe ata bifungurwa.’ (2 Kor. 6:5) Izo mvugo zirerekana neza agatima ko kwitanga kandi zoshobora kutwibutsa abatsimvyi bashira ubusuku bwabo mu kibanza ca mbere mu buzima, muri ico gihe nyene akaba ari bo bintunga. Rimbura kandi abamisiyonari bacu bihebeye Imana ‘bisuka nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi’ kugira ngo bafashe abantu bo mu bindi bihugu. (Flp. 2:17) Tuvuge iki ku bijanye n’abakurambere bacu bakora bagatama bareka gufungura canke gusinzira kugira ngo bitwararike intama za Yehova? Turafise kandi abageze mu zabukuru n’abafise amagara make bakora uko bashoboye kwose kugira ngo bitabe amakoraniro ya gikirisu bongere bagire uruhara mu murimo wo mu ndimiro. Imitima yacu iruzura ugukenguruka igihe twiyumviriye abo basavyi b’Imana bose bitanga. Utwigoro nk’utwo turagira ico dukoze ku kuntu abandi babona ubusuku bwacu.
8 Mw’ikete ryandikiwe ikinyamakuru kimwe (Boston Target) c’i Lincolnshire mu Bwongereza, umusomyi umwe atari Icabona yavuze ati: “Abantu bariko barareka kwizera idini . . . None abo bakuru b’amadini bamara umusi wose bakora iki? Ntibasanga abantu iyo bari nk’uko Kristu yabigira . . . Idini ryonyene risa n’iryitwararika ico kintu ni Ivyabona vya Yehova, bano bakaba basanga abantu iyo bari maze bakagira uruhara koko mu kwamamaza ukuri.” Muri iyi si yuzuyemwo ivyo kwiryohererwa, agatima ko kwitanga tugaragaza karafasha cane mu vyo gutera iteka Yehova Imana.—Rom. 12:1.
Kuba gusa uri mu busuku birashinga intahe ikomeye ku bakwitegereza
9. Ni igiki cotuvyurira umutima wo kuguma dufitiye umwete ibikorwa vyiza mu busuku bwacu?
9 Ariko none twokora iki nimba umwete twahora dufitiye ubusuku usa n’uwuriko uragabanuka? Vyodufasha tuzirikanye ivyo Yehova ariko ararangura biciye ku gikorwa co kwamamaza. (Soma Abaroma 10:13-15.) Kugira ngo abantu baronke ubukiriro, bategerezwa kwambaza izina rya Yehova babigiranye ukwizera, mugabo ivyo ntibazobigira tutababwiye inkuru nziza. Kumenya ico kintu bikwiye kutuvyurira umutima wo kuguma dufitiye umwete ibikorwa vyiza no kuba abanyabwira mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.
INGESO NZIZA ZIRAKWEGERA ABANTU KU MANA
Kuba uri inzirabugunge kandi ukora ugatama ntivyijana
10. Ni kubera iki vyovugwa ko ingeso zacu nziza zikwegera abantu kuri Yehova?
10 Naho bihambaye ko tugirira umwete ubusuku, umwete wonyene ntuhagije kugira ngo dukwegere abantu ku Mana. Ikintu kigira kabiri kiri mu bikorwa biranga umwete gikwegera abantu ku Mana, ni ingeso nziza ziranga abakirisu. Paulo yarashimitse ku kuntu ingeso zacu zihambaye igihe yandika ati: “Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe, kugira ngo ubusuku bwacu ntibutorwe amahinyu.” (2 Kor. 6:3) Imvugo yacu imeze neza be n’ingeso zacu nziza birashariza inyigisho z’Imana, bigatuma ugusenga Yehova gukwēgēra abandi. (Tito 2:10) Nkako, turakunda kwumva ivyiza bivamwo igihe abantu b’inziraburyarya bitegereje ingeso nk’iza Kristu tugaragaza.
11. Ni kubera iki dukwiye kurimbura tubijanisha n’isengesho ingaruka z’ingeso zacu?
11 Naho dutahura yuko ivyo dukora bishobora kugira ikintu ciza bikoze ku bantu, igihushane c’ivyo na co nyene kirashoboka. Ku bw’ivyo, twaba turi ku kazi, i muhira canke kw’ishure, turagerageza kwirinda ko hagira umuntu aronka imvo yo gutora amahinyu ubusuku bwacu n’inyifato yacu. Hamwe twoza turakora igicumuro n’ibigirankana, twoshobora gushikirwa n’inkurikizi z’agahomerabunwa. (Heb. 10:26, 27) Ico ciyumviro kirakwiye kutuvyurira umutima wo kurimbura tubijanisha n’isengesho ivyo dukora be n’ukuntu abandi batubona baravye ingene tubayeho. Uko ingingo zigenga inyifato runtu z’ino si ziguma zitituka, abantu b’inziraburyarya bazorushiriza “kubona ubudasa buri . . . hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikoreye.” (Mal. 3:18) Egome, ingeso nziza za gikirisu tugaragaza zirarangura uruhara ruhambaye mu bijanye no gufasha abantu gusubiza hamwe n’Imana.
12-14. Ukuntu twihanganira ibintu bigerageza ukwizera kwacu kugira ico gukoze gute ku kuntu abandi babona ubusuku turangura? Tanga akarorero.
12 Igihe Paulo yandikira Abakorinto, yarerekanye yuko yari yarashikiwe n’amakuba, ingorane, ugukubitwa ibimoko n’ugupfungwa. (Soma 2 Abakorinto 6:4, 5.) Igihe dushikiwe n’ibintu bigerageza ukwizera, ukwihangana kwacu kurashobora gutuma abatwitegereza bemera ukuri. Tubitangire akarorero: Mu myaka nk’ingahe iheze, abantu baragerageje guhonya Ivyabona vya Yehova mu karere kamwe ko muri Angola. Ivyabona babiri babatijwe be n’abantu 30 bashimishwa n’ukuri bari bitavye amakoraniro yacu barafashwe. Abantu bo muri ako karere baciye bakoranirizwa hamwe kugira ngo bitegereze ukuntu abo baturwanya batonagura abo bantu ata co bazira gushika bavuye amaraso. Mbere n’abagore hamwe n’abana barakorewe ivyo bintu vy’ubunyamaswa. Ivyo vyagizwe mu ntumbero yo gutera ubwoba abantu kugira ntihagire uwuzosubira kwumviriza Ivyabona vya Yehova. Mugabo aho bamariye gutonagurwa izuba riva, abantu benshi bo muri ico kibano baregereye ivyo Vyabona maze basaba kugirirwa inyigisho za Bibiliya zo ku muhana! Mu nyuma, igikorwa co kwamamaza Ubwami carateye imbere, gituma haba iyongerekana rikomeye n’imihezagiro myinshi.
13 Ako karorero karerekana ukuntu ukwumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya kwacu bishobora kugira ikintu kinini bikoze ku bandi. Twoshobora kwibaza uko abasubije hamwe n’Imana kubera impagararo iranga umutima rugabo ya Petero n’izindi ntumwa bangana. (Ivyak. 5:17-29) Ku bitwerekeye, abo twigana, abo dukorana canke incuti boshobora kuvyakira neza igihe babonye ukuntu dushigikira ibigororotse.
14 Umwanya uwo ari wo wose, hari abavukanyi bacu baba bariko barahamwa. Nk’akarorero, muri Armeniya, abavukanyi nka 40 bari mw’ibohero bahorwa yuko batagira aho bahengamiye mu vya politike, n’abandi benshi cane bakaba bashobora gupfungwa mu mezi ari imbere. Muri Eritreya, abasavyi ba Yehova 55 bari mw’ibohero, bamwebamwe bakaba bafise imyaka irenga 60 y’amavuka. Muri Koreya y’Epfo, Ivyabona nka 700 bari mw’ibohero bahorwa ukwizera kwabo. Ivyo biramaze imyaka 60. Nimuze dusenge dusaba ko ubwizigirwa bw’abavukanyi bacu bariko barahamwa mu bihugu bitandukanye bwotuma Imana ininahazwa bukongera bugafasha abakunda ubugororotsi gushigikira ugusenga kw’ukuri.—Zab. 76:8-10.
15. Tanga akarorero kerekana ukuntu kubaho mu buryo buzira ubugunge bishobora gutuma abandi bakwegerwa n’ukuri.
15 Kuba tubaho mu buryo buzira ubugunge na vyo nyene vyoshobora gutuma abantu bakwegerwa n’ukuri. (Soma 2 Abakorinto 6:4, 7.) Nk’akarorero, rimbura iki kintu cabaye: Igihe mushiki wacu umwe yagira atange amahera y’ibisi, umuntu umwe bazinanyi yamubwiye ko bidakenewe ko ayatanga, kubera ko yari agiye hagufi. Uwo mushiki wacu yasiguye yuko bibereye ko umuntu ariha, naho ibisi yoba igenze ahantu hagufi. Inyuma y’ivyo, uwo mugenzi wiwe yarurutse iyo bisi. Umushoferi w’iyo bisi yaciye ahindukira araba uwo mushiki wacu maze amubaza ati: “Uri Icabona ca Yehova?” Yishuye ati: “Egome, kubera iki umbajije ico kibazo?” Uwo mushoferi yavuze ati: “Numvise ivyo mwariko murayaga ku bijanye no kuriha amahera y’ibisi, nkaba kandi nzi ko Ivyabona vya Yehova bari mu bantu bakeyi bagira ico kintu bakaba kandi ari inzirabugunge muri vyose.” Haciye amezi makeyi, hari umugabo yegereye uwo mushiki wacu kw’ikoraniro maze amubaza ati: “Uranzi? Ndi wa mushoferi w’ibisi mwayaga ibijanye no kuriha amahera y’ibisi. Maze kwitegereza inyifato yawe, naciye mfata ingingo yo kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.” Kuba tuzwi ko turi inzirabugunge bituma tubonwa ko turi abasuku b’abizigirwa.
NIWAME UGARAGAZA KAMERE ZITERA ITEKA IMANA
16. Ni kubera iki kamere nk’ukwiyumanganya, urukundo n’ubuntu zikora abantu ku mutima? Tanga akarorero k’ivyo abakuru b’amadini y’ikinyoma bakora.
16 Turagira kandi ico duterereye mu bijanye no gukwegera abantu kuri Yehova igihe tugaragaza kamere nk’ukwiyumanganya, urukundo n’ubuntu. Abantu bamwebamwe batwitegereza boshobora kwipfuza kwiga ivyerekeye Yehova, imigambi yiwe n’abasavyi biwe. Inyifato n’ingeso abakirisu b’ukuri bagaragaza birahushanye rwose n’ukwihebera Imana kugaragarira inyuma gusa, ukwo akenshi usanga ari ukwo guhenda abantu gusa. Abakuru b’amadini bamwebamwe baracitse abatunzi mu kugunga imikuku yabo, bagakoresha menshi mu mahera baronka muri ubwo buryo kugira ngo bagure amazu n’imiduga bizimvye, hakaba hari uwigeze gushira mu kazu k’imbwa yiwe mwene ca cuma gitanga ubukanye. Mu vy’ukuri, abantu benshi bivugisha ko ari abayoboke ba Kristu ntibafise agatima ko ‘gutanga ku buntu.’ (Mat. 10:8) Ahubwo nyabuna, cokimwe na ba baherezi bo muri Isirayeli ya kera bigira ibiro biteze, ‘bigishiriza ingero,’ kandi vyinshi mu vyo bigisha ntibishingiye ku Vyanditswe. (Mika. 3:11) Inyifato iranga ubwiyorobetsi nk’iyo nta n’umwe ifasha gusubiza hamwe n’Imana.
17, 18. (a) Ni mu buryo ubuhe dutuma Yehova aterwa iteka igihe twigana kamere ziwe mu buzima bwacu? (b) Ni igiki kikuvyurira umutima wo kubandanya gukora ibikorwa vyiza?
17 Igihushanye n’ivyo, abantu barakorwa ku mutima n’inyigisho z’ukuri za gikirisu be n’ibikorwa vyiza bakorerwa. Nk’akarorero, igihe umutsimvyi umwe yariko aramamaza inzu ku nzu, umupfakazi umwe ageze mu zabukuru yaranse kumuha ikaze. Uwo mupfakazi yamubwiye ko igihe yavuza agakengeri ko kw’irembo, yari ku ngazi mu gikoni ariko aragerageza gusubiriza itara. Uwo mutsimvyi yavuze ati: “Kugira ico kintu wenyene birashobora kuguteza akaga.” Nya mutsimvyi yaciye ahindura iryo tara maze arigira. Igihe umuhungu w’uwo mugore yamenya ivyari vyabaye, yarakozwe ku mutima cane ku buryo yaciye agerageza kurondera uwo muvukanyi kugira ngo amukengurukire. Uwo muhungu yahavuye yemera kwiga Bibiliya.
18 Kubera iki wiyemeje kubandanya gukora ibikorwa vyiza? Kumbure kubera ko uzi yuko igihe tugiriye umwete ubusuku bwacu tukongera tugakora ibintu twisunze ivyo Imana igomba, dutera iteka Yehova tukaba kandi twoshobora gufasha abandi gushikira ubukiriro. (Soma 1 Abakorinto 10:31-33.) Kugirira umwete ibikorwa vyiza mu kwamamaza inkuru nziza no mu kugira ingeso zishimwa n’Imana biva ku kuba twipfuza cane kwerekana ko dukunda Imana n’abantu nkatwe. (Mat. 22:37-39) Nitwagirira umwete ibikorwa vyiza, tuzokwironkera umunezero mwinshi twongere duhere akanyota cane muri iki gihe. Vyongeye, turashobora kwitegana igishika igihe abantu bose bazogirira umwete ugusenga kw’ukuri mu gutera iteka Umuremyi wacu Yehova.