ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/6 rup. 5-7
  • Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BIBILIYA YARATUMYE BAHEBA KWISHIRAMWO NABI ABANDI
  • UBWAMI BW’IMANA BUZOKURAHO UKWISHIRAMWO NABI ABANDI KWOSE
  • Kwishiramwo nabi abandi ni ingorane ihanze isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ukwinubana​—Woba umaze kwandukirwa?
    Be maso!—2020
  • Iherezo ry’ivyo kwinubana
    Be maso!—2004
  • Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/6 rup. 5-7

Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?

“NDAFISE icizigiro.” Ayo majambo yavuzwe ku wa 28 Myandagaro 1963, hakaba haheze imyaka 50. Yavuzwe mw’ijambo ryabaye rurangiranwa cane ryashikirijwe na Martin Luther King, Jr., Umunyamerika yabaye imboneza mu vyo guharanira agateka ka zina muntu. King yagumye asubiramwo ayo majambo akabura ubwenge mu gushikiriza icizigiro yari afise c’uko umusi uri izina abantu bobayeho ata macakubiri ashingiye ku rukoba akivugwa mu bantu. Naho ico cipfuzo ciwe yagishikirije abanyagihugu bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abantu bo mu bihugu vyinshi barashimye cane iciyumviro nyamukuru ico cipfuzo cari gishingiyeko.

Martin Luther King, Jr., ariko arashikiriza ijambo rijanye n’agateka ka zina muntu

Ku wa 20 Munyonyo 1963, hakaba hari haheze amezi atatu King ashikirije iryo jambo, ibihugu birenga 100 vyaremeje Itangazo ry’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekeye ukurandurana n’imizi amacakubiri yose afatiye ku bwoko. Mu myaka mirongo yakurikiye, n’ibindi vyiyumviro nk’ivyo vyagiye biremezwa hirya no hino kw’isi. Ivyo bintu vyose vyagizwe ntivyobura kuvyura iki kibazo: None utwo twigoro twavuyemwo iki?

Ku wa 21 Ntwarante 2012, umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yavuze ati: “Haragizwe amasezerano atari make, haratunganywa n’ibintu vyinshi, tutibagiye imigambi ibihugu vyo kw’isi yose bihuriyeko, mu ntumbero yo kurinda no kurandurana n’imizi ukwishimira ubwoko, ivangura rishingiye ku bwoko, ukuterekwa ba kavamahanga be n’ukutihanganirana bijana na vyo. Naho ari ukwo, kwishimira ubwoko biracabandanya guteza imibabaro abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi.”

Mbere no mu bihugu bimaze gutera intambwe mu vyo kurwanya agatima ko kwishiramwo nabi abandi ufatiye ku bwoko canke ku bindi bintu, umuntu arashobora kwibaza iki kibazo: Utwo twigoro twagizwe twoba vy’ukuri twararanduranye n’imizi ako gatima kari mu bantu, canke twatumye gusa abantu badashoka bakagaragaza? Bamwe babona yuko utwo twigoro dufasha gusa gukinga ugukumirana, ariko ko tutoshobora gukuraho ukwishiramwo nabi abandi. Kubera iki? Kubera ko ugukumirana ari ikintu kiboneka kandi gihanwa n’amategeko, mu gihe kwishiramwo nabi abandi biba mu vyiyumviro no mu mutima w’umuntu, ivyo na vyo bikaba bitoroshe gushingira amategeko.

Ku bw’ivyo, utwigoro twose two kurandurana n’imizi ako gatima ntidukwiye gusa kurwanya ivyo gukumira abandi, ahubwo dukwiye guhindura ukuntu abantu biyumvira canke babona abantu bo mu mugwi kanaka. Ivyo vyoba vy’ukuri bishoboka? Nimba bishoboka, bishoboka gute? Reka turabe uburorero bw’ivyabaye koko budufasha kubona ko bishoboka ko abantu bahinduka be n’icobafasha guhinduka.

BIBILIYA YARATUMYE BAHEBA KWISHIRAMWO NABI ABANDI

“Ubu ndumva ko nabohowe kuko nahevye kwishiramwo nabi abandi.”—Linda

Linda avuga ati: Navukiye muri Afrika y’Epfo. Umwenegihugu wese wo mu gihugu cacu atari umuzungu, nabona ko ari umuntu wo hasi, atize, atari uwo kwizigirwa, ko gusa ari umushumba w’abazungu. Nari nsigaye mfise agatima ko kwishiramwo nabi abandi ntanabizi. Ariko rero ako gatima karatanguye guhinduka igihe natangura kwiga Bibiliya. Naratahuye yuko “Imana itagira nkunzi” kandi ko umutima ari wo uhambaye kuruta ibara ry’urukoba canke ururimi umuntu avuga. (Ivyakozwe 10:34, 35; Imigani 17:3) Icanditswe co mu Bafilipi 2:3 caramfashije kubona yuko mu gihe nokwiyumvira yuko abandi banduta vyotuma nshobora gutsinda agatima ko kwishiramwo nabi abandi. Kubaho nisunga ingingo ngenderwako nk’izo zo muri Bibiliya vyaramfashije kwitwararika abandi ntarinze kuraba ibara ryabo ry’urukoba. Ubu ndumva ko nabohowe kuko nahevye kwishiramwo nabi abandi.

“Narabonye ingene Imana ibona abantu.”—Michael

Michael avuga ati: Nakuriye mu karere ko muri Ostraliya kagwiriyemwo abazungu, bituma ngira agatima ko kwanka Abanyaziya, na canecane Abashinwa. Ndiko ndatwara imodoka nkabona umuntu asa n’Umunyaziya, naca manura ikiyo nkamubwira amajambo mabi nk’aya ngo: “Subira iwanyu, wa Munyaziya we!” Maze gutangura kwiga Bibiliya, narabonye ingene Imana ibona abantu. Irabakunda ata kuraba iyo bava canke uko basa. Urwo rukundo rwayo rwarankoze ku mutima, maze urwanko nari mfise ruhinduka urukundo. Kugira ayo mahinduka akomeye ni ikintu gitangaje rwose. Ubu ndahimbarwa no kwifatanya n’abantu bava mu bihugu vyose no mu mice y’ubuzima itandukanye. Ivyo vyatumye nuguruka mu kuntu mbona ubuzima, ndagira n’umunezero mwinshi.

“Narahinduye ivyiyumviro maze ndarondera . . . amahoro.”—Sandra

Sandra avuga ati: Mawe yavuka muri Nijeriya ahitwa Umunede, muri Leta ya Delta. Ariko rero umuryango wa dawe uva muri Leta ya Edo, ukavuga ururimi rwitwa esan. Kubera ubwo budasa, mawe yarinze apfa umuryango wa dawe umwanka. Ivyo vyatumye ndahira ko ata migenderanire n’imwe nzopfa ngiranye n’umuntu avuga urwo rurimi canke ngo nubakane n’umuntu ava muri Leta ya Edo. Ariko ntanguye kwiga Bibiliya, naciye ntangura kubona ibintu mu bundi buryo. None ko Bibiliya ivuga yuko Imana itagira nkunzi kandi ko umuntu wese ayitinya imwemera, jewe ndi nde ngo nanke umuntu ndamuhoye ubwoko canke ururimi? Narahinduye ivyiyumviro maze ndarondera kugiranira amahoro n’umuryango wa dawe. Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyatumye ngira umunezero n’amahoro yo mu mutima. Vyaramfashije kandi kwumvikana n’abandi ntaravye aho bakuriye, ubwoko bwabo, ururimi bavuga canke igihugu bavamwo. Ndagupfinze umugabo twubakanye? Ava muri ya Leta nyene ya Edo, akavuga rwa rurimi rwitwa esan!

Kubera iki Bibiliya yashoboye gufasha abo bantu be n’abandi benshi gutsinda ukwishiramwo nabi abandi be n’urwanko vyari vyarashinze imizi muri bo? Kubera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Irafise ububasha bwo guhindura ukuntu umuntu yiyumvira abandi be n’ukuntu ababona. Vyongeye, Bibiliya iratwereka ikindi kintu gikenewe kugira ngo ukwishiramwo nabi abandi kwose kuranduranwe n’imizi.

UBWAMI BW’IMANA BUZOKURAHO UKWISHIRAMWO NABI ABANDI KWOSE

Naho ubumenyi bwo muri Bibiliya bushobora gufasha umuntu gucungera no kwikuramwo ivyiyumviro bibi biba mu mutima, hariho ibindi bintu bibiri bitegerezwa gukurwaho imbere y’uko agatima ko kwishiramwo nabi abandi karanduranwa n’imizi. Ica mbere, ni igicumuro n’ukudatungana. Bibiliya ivuga itomora iti: “[Nta] muntu adacumura.” (1 Abami 8:46) Naho rero twita ku rutare gute, muri twebwe turarwana urugamba nk’uko vyari ku ntumwa Paulo, uwanditse ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” (Abaroma 7:21) Ni co gituma rimwe na rimwe umutima wacu udatunganye ushobora kugira “ivyiyumviro bibi” bishobora gutuma twishiramwo nabi abandi.—Mariko 7:21.

Ica kabiri gitegerezwa gukurwaho ni akosho ka Shetani. Bibiliya ivuga ko ari “umwicanyi” be n’uko “azimiza isi yose.” (Yohani 8:44; Ivyahishuwe 12:9) Ivyo birasigura igituma usanga abantu benshi bishiramwo nabi abandi be n’igituma bisa n’ibidashoboka ko abantu barandurana n’imizi urwanko, ugukumirana, ihonyabwoko, be n’ubundi bwoko bw’ukutihanganira abandi bifatiye ku bwoko, kw’idini be no ku kibanza umuntu afise mu kibano.

Ku bw’ivyo rero, kugira ngo kwishiramwo nabi abandi biranduranwe n’imizi, ni ngombwa ko igicumuro, ukudatungana be n’akosho ka Shetani bibanza gukurwaho. Bibiliya yerekana ko ivyo nyene ari vyo Ubwami bw’Imana buzokora.

Yezu Kristu yigishije abayoboke biwe gusenga Imana bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Ubwami bw’Imana ni bwo buzokuraho akarenganyo kose, aho hakaba harimwo n’ukwishiramwo nabi abandi kwose be n’ukutihanganira abandi kwose.

Ubwami bw’Imana nibwaza bukifatira mu minwe ibintu vyose vyo kw’isi, Shetani azoca ‘abohwa,’ ni ukuvuga abuzwe gukora, ngo “nti[yo]ngere kuzimiza amahanga.” (Ivyahishuwe 20:2, 3) Hazoca haba rero “isi nshasha,” ni ukuvuga ikibano c’abantu gishasha, aho “ubugororotsi buzoba.”a—2 Petero 3:13.

Abazoba muri ico kibano kigororotse bazokurwako igicumuro babe abatunganye. (Abaroma 8:21) Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana ‘ntibazokora inabi canke ngo bagire ico bononye.’ Kubera iki? “Kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” (Yesaya 11:9) Ico gihe, abantu bose bazokwiga inzira za Yehova Imana bongere bigane urukundo rwiwe. Ivyo bizotuma ukwishiramwo nabi abandi kwose guhera, “kuko Imana itagira nkunzi.”—Abaroma 2:11.

a Nimba wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ivyo bwimirije gukora, raba ikigabane ca 3, 8, na 9 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika