ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/6 rup. 16
  • INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ni kubera iki abantu badashobora kubana mu mahoro? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/6 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki bigoye cane kuronka amahoro kw’isi?

Intwaro ishoboye guhindura imitima y’abantu ni yo yonyene izozana amahoro kw’isi

Bibiliya iratanga imvo zibiri nyamukuru. Iya mbere: Naho abantu bashitse ku bintu bidasanzwe, ntibaremanywe ubushobozi bwo kuyobora intambuko zabo. Iya kabiri: Imigambi y’abantu nta co ishikako kubera ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha” Shetani. Ni co gituma abantu batarashobora kuzana amahoro kw’isi.​—Soma Yeremiya 10:23; 1 Yohani 5:19.

Ubwikunzi bw’abantu be n’agatima ko guhahamira ubukuru na vyo nyene vyaratumye bigora kuronka amahoro kw’isi. Intwaro ishoboye kwigisha abantu gukunda ibigororotse no kwitwararikana ni yo yonyene izozana amahoro kw’isi.​—Soma Yesaya 32:17; 48:18, 22.

Ni nde azozana amahoro kw’isi?

Imana Mushoboravyose yarasezeranye ko izoshinga intwaro imwe rudende izotegeka abantu bose. Iyo ntwaro izosubirira intwaro z’abantu. (Daniyeli 2:44) Yezu Umwana w’Imana azotegeka ari Umuganwa w’amahoro. Azokuraho ububisha kw’isi yose maze yigishe abantu kuba abanyamahoro.​—Soma Yesaya 9:6, 7; 11:4, 9.

Biciye ku buyobozi Yezu atanga, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bariko barakoresha Ijambo ry’Imana Bibiliya mu kwigisha abantu kubana amahoro n’abandi. Vuba hagiye kuboneka amahoro kw’isi.​—Soma Yesaya 2:3, 4; 54:13.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika