INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
Kubera iki bigoye cane kuronka amahoro kw’isi?
Intwaro ishoboye guhindura imitima y’abantu ni yo yonyene izozana amahoro kw’isi
Bibiliya iratanga imvo zibiri nyamukuru. Iya mbere: Naho abantu bashitse ku bintu bidasanzwe, ntibaremanywe ubushobozi bwo kuyobora intambuko zabo. Iya kabiri: Imigambi y’abantu nta co ishikako kubera ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha” Shetani. Ni co gituma abantu batarashobora kuzana amahoro kw’isi.—Soma Yeremiya 10:23; 1 Yohani 5:19.
Ubwikunzi bw’abantu be n’agatima ko guhahamira ubukuru na vyo nyene vyaratumye bigora kuronka amahoro kw’isi. Intwaro ishoboye kwigisha abantu gukunda ibigororotse no kwitwararikana ni yo yonyene izozana amahoro kw’isi.—Soma Yesaya 32:17; 48:18, 22.
Ni nde azozana amahoro kw’isi?
Imana Mushoboravyose yarasezeranye ko izoshinga intwaro imwe rudende izotegeka abantu bose. Iyo ntwaro izosubirira intwaro z’abantu. (Daniyeli 2:44) Yezu Umwana w’Imana azotegeka ari Umuganwa w’amahoro. Azokuraho ububisha kw’isi yose maze yigishe abantu kuba abanyamahoro.—Soma Yesaya 9:6, 7; 11:4, 9.
Biciye ku buyobozi Yezu atanga, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bariko barakoresha Ijambo ry’Imana Bibiliya mu kwigisha abantu kubana amahoro n’abandi. Vuba hagiye kuboneka amahoro kw’isi.—Soma Yesaya 2:3, 4; 54:13.