ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/7 rup. 7
  • Ico Imana izokorera ubukozi bw’ikibi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Imana izokorera ubukozi bw’ikibi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Imibabaro igiye guhera!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/7 rup. 7
Isi y’iparadizo itarangwamwo imibabaro, ahubwo ibamwo abantu bahimbawe be n’abagize imiryango basubiye kubonana biciye kw’izuka

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI IBINTU BIBI BISHIKIRA ABANTU BEZA?

Ico Imana izokorera ubukozi bw’ikibi

Bibiliya iratubwira itomora ivyo Yehova n’Umwana wiwe Yezu Kristu bazokora ku bijanye n’imibabaro Shetani wa Mubesheranyi yateje. Bibiliya ivuga iti: “Iki ni co catumye Umwana w’Imana [Yezu] yerekanwa: ni ukugira ngo asambure ibikorwa vya Shetani.” (1 Yohani 3:8) Ivy’iyi si birangwa n’umwina, urwanko n’ibikorwa bibi bizokurwaho. Ku bijanye n’ “umutware w’iyi si” ari we Shetani wa Mubesheranyi, Yezu asezerana ko “agira atabwe hanze.” (Yohani 12:31) Hazoca hashirwaho isi nshasha igororotse itarimwo akosho ka Shetani, maze iyi si ibe ahantu harangwa amahoro.​—2 Petero 3:13.

Tuvuge iki ku banka guhindura ingendo n’akagagazo n’akantu, bakabandanya gukora ibintu bibi? Rimbura uyu muhango utomoye ugira uti: “Abagororotse [ni] bo bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo. Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo.” (Imigani 2:21, 22) Akosho k’abantu babi kazoba kavuyeho. Abantu bagamburuka bazogenda barakurwako akanenge tuvukana, bibereye mu mahoro.​—Abaroma 6:17, 18; 8:21.

None muri iyo si nshasha, Imana izokuraho gute ubukozi bw’ikibi? Ntizobigira mu kwaka abantu ubushobozi bwo kwihitiramwo ikibi n’iciza, ngo ibagire nk’ibimashini. Ahubwo riho, izokwigisha inzira zayo abantu bagamburuka, ibafashe kuvavanura n’ivyiyumviro be n’ibikorwa bibi.

Imana izokuraho ibiteza imibabaro vyose

Imana izokora iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka? Yasezeranye yuko Ubwami bwayo, ari yo ntwaro yayo, vuba bugiye kwifatira mu minwe ivyo kw’isi. Umwami w’ubwo Bwami yagenywe n’Imana ni Yezu Kristu, akaba afise ububasha bwo gukiza abarwaye. (Matayo 14:14) Yezu arafise n’ububasha bwo guha amategeko ibidukikije. (Mariko 4:35-41) Ico gihe rero, imibabaro iterwa n’ “ibihe be n’ibishika giturumbuka” izoba yararangiye. (Umusiguzi 9:11) Ku ngoma ya Kristu, nta vyago bizosubira gushikira abantu.​—Imigani 1:33.

Tuvuge iki ku bantu amamiliyoni bashikiwe n’urupfu ruteye agahinda ata co bazira? Imbere gato y’uko Yezu azura umugenzi wiwe Lazaro, yavuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima.” (Yohani 11:25) Ego cane, Yezu arafise ububasha bwo kuzura abapfuye, bagasubira kuba bazima!

Nimba wipfuza kubaho mw’isi aho ibintu bibi bitazosubira gushikira abantu beza, ubona gute urondeye kumenya vyinshi ku bijanye n’Imana y’ukuri be n’umugambi wayo mu kwiga Bibiliya? Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu bazohimbarwa no kugufasha kuronka ubwo bumenyi. Turakuremesheje ngo uvugane na bo mu karere iwanyu canke wandikire abasohoye iki kinyamakuru.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika