ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/6 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/6 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Umuvyeyi mwiza yomera gute?

Umwana na se bariko bararaba umugage

Woba wigisha umwana wawe gukunda Imana?

Umwana arakura neza igihe abavyeyi bakundana kandi bakubahana. (Abakolosayi 3:14, 19) Abavyeyi beza barakunda abana babo kandi bakabakeza nk’uko na Yehova Imana yakeje Umwana wiwe.​—Soma Matayo 3:17.

Data wa twese wo mw’ijuru arumviriza abasavyi biwe kandi akitwararika ukuntu biyumva mu mutima. Abavyeyi barakwiye kumwigana bakumviriza ivyo abana babo bipfuza kubabwira. (Yakobo 1:19) Barakwiye gutahura ukuntu abana babo biyumva mu mutima, naho boba bavuze amajambo ababaje.​—Soma Guharūra 11:11, 15.

Wokora iki ngo abana bawe bagire indero nziza?

Bwa muvyeyi, urafise uburenganzira bwo gushingira abana bawe amategeko. (Abanyefeso 6:1) Niwigane Imana. Iragaragariza urukundo abana bayo mu kubaha amategeko atomoye, ikabereka neza inkurikizi z’ukugambarara. (Itanguriro 3:3) Aho guhata abantu ngo bagamburuke, irabereka ivyiza biva ku gukora ikibereye.​—Soma Yesaya 48:18, 19.

Niwihatire gufasha abana bawe gukunda Imana. Ivyo bizotuma bigenza neza n’igihe mutazoba muri kumwe. Nk’uko Imana itwigisha biciye ku karorero iduha, nawe niwigishe abana bawe gukunda Imana mu kubabera akarorero keza.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5-7; Abanyefeso 4:32; 5:1.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 14 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika