Nk’uko vyari mu gihe c’intumwa Paulo, benshi muri iki gihe ‘barashira ikintu ku ruhande,’ ni ukuvuga bakaziganya igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.” (1 Kor. 16:2) Buri kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu akukira. Urashobora kandi kurungika intererano ku rwego rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, ata handi ziriwe ziraca. Kugira ngo umenye izina ry’urwego nyamukuru rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, turagusavye ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye ico gihugu. Aderese y’ivyo biro vy’ishami woshobora kuyisanga ku muhora wo kuri internet www.pr418.com. Intererano ushobora kurungika ata handi ziriwe ziraca ni izi:
INTERERANO UMUNTU ATANGA BWEGU
Ni intererano zitangwa biciye ku buhinga bwa none bwo kubika no kubikura amahera muri banki. Mu mashami amwamwe birashoboka kandi ko ukoresha umuhora jw.org canke uwundi muhora wabigenewe.
Ni intererano z’amahera abona, ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ikindi kintu c’agaciro umuntu atunze. Nuzirungikane ikete ryerekana ko ayo mahera canke ivyo bintu ari ivyo utanze bwegu.
INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA
KURINGANIZA IVYO GUTANGA UMUNTU AVYISHAKIYE
Uretse ingabirano z’amahera be n’ibintu vy’agaciro umuntu atunze, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ubwo buryo burerekanwa aho hepfo. Uburyo wipfuza gukoresha bwaba ari ubuhe, turagusavye ubanze ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye igihugu ubamwo kugira umenye ubukoreshwa muri ico gihugu. Kubera ko ibisabwa n’amategeko be n’amategeko agenga ivy’amatagisi usanga bitandukanye, birahambaye ko ubaza abatanga impanuro mu vy’amatagisi no mu vy’amategeko babishoboye imbere y’uko uhitamwo uburyo bwiza kuruta bwo gutanga intererano.
Soransi: Ni intererano zitangwa mu kwerekana mu buryo butomoye ko urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova ari rwo rwakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse.
Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birabikishirizwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova canke bigashingwa yuko bizohabwa urwo rwego nyenevyo apfuye, hisunzwe ibisabwa n’amabanki y’aho umuntu aba.
Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova bwa ngabirano canke akaba ari rwo ruhabwa kuganza ibisigi vy’uwapfuye.
Itongo canke inzu: Itongo canke inzu bishobora kugurishwa birahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu kubirugabira. Mu gihe ari aho umuntu aba na ho, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, akabandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho.
Kuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabirano: Amahera canke inzandiko zemeza ko umuntu ayafise ahantu zirahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, biciye ku ndinganizo y’uko nyene gutanga canke umuntu yagenywe na we, aronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa amatagisi yahora ayatangako.
Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko. Birashobora kandi kuragwa urwo rwego mu kwerekana mu buryo butomoye yuko ari rwo rugabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Iyo ndinganizo irashobora gutuma umuntu akurwako amatagisi amwamwe.
Imvugo ngo “kuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye” yerekana ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide) be no mu gisupanyoli kerekana ingene umuntu yotanga kugira ashigikire umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ako gatabu kanditswe kugira ngo gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa ubu canke mu nyuma, mu kuziraga ishirahamwe. Amakuru ari muri ako gatabu yoshobora kuba adahuye neza n’ukuntu ivyawe vyifashe, bivanye n’amategeko agenga amatagisi canke ayandi mategeko yo mu gihugu ubamwo. Ku bw’ivyo, umaze gusoma ako gatabu ukwiye kubiganira n’abaguha impanuro mu vy’amategeko canke mu vy’amatagisi. Mu gukoresha ubwo buryo bwo gutanga intererano, benshi barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kugabanirizwa amatagisi bariha. Nimba ako gatabu kaboneka mu gihugu ubamwo, urashobora kukaronka mu kugasaba umunyamabanga w’ishengero urimwo.
Wipfuza kumenya n’ibindi, woshobora kwitura ibiro vy’ishami.