ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 15/11 rup. 14-15
  • Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • AKARORERO RUHETA KO GUTANGA CANE
  • “Igikorwa ni kinini”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Umusesekara wabo warujurije ugukehanirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yehova arahezagira cane umutima ukunze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 15/11 rup. 14-15
Umukenyezi ariko arinjiza agakarata ka banki mu kamashini kabigenewe

Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova

YEHOVA ni Imana itanga cane. (Yak. 1:17) Uhereye ku majuru amahero yuzuye inyenyeri gushika ku mashamba atotahaye apfutse isi, ivyo Yehova yaremye biraririmba ugutanga cane kwiwe.​—Zab. 65:12, 13; 147:7, 8; 148:3, 4.

Umwanditsi w’amazaburi yarakengurukira cane Umuremyi wiwe ku buryo yatunganije indirimbo yo gushemeza ibikorwa vya Yehova. Soma Zaburi ya 104 maze urabe ko udaca wiyumva nk’uko yumvise amerewe. Uwo mwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Nzoririmbira Yehova ubuzima bwanje bwose; nzohibongoreza Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho.” (Zab. 104:33) Woba nawe ari vyo wipfuza?

AKARORERO RUHETA KO GUTANGA CANE

Yehova ashaka ko tumwigana mu gutanga cane. Vyongeye, aratwereka imvo zumvikana zotuma dutanga cane. Raba ivyo yahumekeye intumwa Paulo ngo yandike. Yavuze ati: “Tegeka abatunzi bo muri iki gihe kutihambaza, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe; ubategeke gukora ivyiza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi, bibikire nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri.”​—1 Tim. 6:17-19.

Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Korinto ikete ryiwe rigira kabiri ryahumetswe, yarashimitse ku bijanye n’ukubona mu buryo bwiza ivyerekeye ugutanga. Yavuze ati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Kor. 9:7) Ubukurikira, Paulo yaravuze ibijanye n’abungukira kuri ukwo gutanga cane, ni ukuvuga abahabwa ivyo baba bakeneye. Yaravuze n’abatanga, bano bakaba batungishwa mu buryo bw’impwemu.​—2 Kor. 9:11-14.

Paulo yasozereye ico gice c’ikete ryiwe mu kuvuga ikintu gikomeye cerekana ko Imana itanga cane. Yanditse ati: “Hashimirwe Imana ku bw’ingabirano yayo ya gusa itagira uko yovugwa.” (2 Kor. 9:15) Ingabirano ya Yehova irimwo ibintu vyose bijanye n’ukumera neza Imana yagaragarije abasavyi bayo biciye kuri Yezu Kristu. Iyo ngabirano irahambaye cane ku buryo tutoronka amajambo dukoresha kugira tudondore neza agaciro kayo.

None twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyose Yehova n’Umwana wiwe badukoreye be n’ivyo bazodukorera? Uburyo bumwe ni ugutanga cane umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira duteze imbere ugusenga Yehova gutyoroye, vyaba vyinshi canke bike.​—1 Ngo. 22:14; 29:3-5; Luka 21:1-4.

Ukuntu bamwebamwe bahitamwo gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose

Nk’uko vyari mu gihe c’intumwa Paulo, benshi muri iki gihe ‘barashira ikintu ku ruhande,’ ni ukuvuga bakaziganya igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.” (1 Kor. 16:2) Buri kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu akukira. Urashobora kandi kurungika intererano ku rwego rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, ata handi ziriwe ziraca. Kugira ngo umenye izina ry’urwego nyamukuru rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, turagusavye ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye ico gihugu. Aderese y’ivyo biro vy’ishami woshobora kuyisanga ku muhora wo kuri internet www.pr418.com. Intererano ushobora kurungika ata handi ziriwe ziraca ni izi:

INTERERANO UMUNTU ATANGA BWEGU

  • Ni intererano zitangwa biciye ku buhinga bwa none bwo kubika no kubikura amahera muri banki. Mu mashami amwamwe birashoboka kandi ko ukoresha umuhora jw.org canke uwundi muhora wabigenewe.

  • Ni intererano z’amahera abona, ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ikindi kintu c’agaciro umuntu atunze. Nuzirungikane ikete ryerekana ko ayo mahera canke ivyo bintu ari ivyo utanze bwegu.

INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA

  • Ni indinganizo yo gutanga amahera yoshobora gusubizwa nyene kuyatanga mu gihe ayakeneye.

  • Nuyarungikane ikete ryerekana ko iyo ntererano ishobora gusubizwa.

KURINGANIZA IVYO GUTANGA UMUNTU AVYISHAKIYE

Uretse ingabirano z’amahera be n’ibintu vy’agaciro umuntu atunze, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ubwo buryo burerekanwa aho hepfo. Uburyo wipfuza gukoresha bwaba ari ubuhe, turagusavye ubanze ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye igihugu ubamwo kugira umenye ubukoreshwa muri ico gihugu. Kubera ko ibisabwa n’amategeko be n’amategeko agenga ivy’amatagisi usanga bitandukanye, birahambaye ko ubaza abatanga impanuro mu vy’amatagisi no mu vy’amategeko babishoboye imbere y’uko uhitamwo uburyo bwiza kuruta bwo gutanga intererano.

Soransi: Ni intererano zitangwa mu kwerekana mu buryo butomoye ko urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova ari rwo rwakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse.

Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birabikishirizwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova canke bigashingwa yuko bizohabwa urwo rwego nyenevyo apfuye, hisunzwe ibisabwa n’amabanki y’aho umuntu aba.

Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova bwa ngabirano canke akaba ari rwo ruhabwa kuganza ibisigi vy’uwapfuye.

Itongo canke inzu: Itongo canke inzu bishobora kugurishwa birahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu kubirugabira. Mu gihe ari aho umuntu aba na ho, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, akabandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho.

Kuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabirano: Amahera canke inzandiko zemeza ko umuntu ayafise ahantu zirahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, biciye ku ndinganizo y’uko nyene gutanga canke umuntu yagenywe na we, aronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa amatagisi yahora ayatangako.

Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko. Birashobora kandi kuragwa urwo rwego mu kwerekana mu buryo butomoye yuko ari rwo rugabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Iyo ndinganizo irashobora gutuma umuntu akurwako amatagisi amwamwe.

Imvugo ngo “kuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye” yerekana ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide) be no mu gisupanyoli kerekana ingene umuntu yotanga kugira ashigikire umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ako gatabu kanditswe kugira ngo gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa ubu canke mu nyuma, mu kuziraga ishirahamwe. Amakuru ari muri ako gatabu yoshobora kuba adahuye neza n’ukuntu ivyawe vyifashe, bivanye n’amategeko agenga amatagisi canke ayandi mategeko yo mu gihugu ubamwo. Ku bw’ivyo, umaze gusoma ako gatabu ukwiye kubiganira n’abaguha impanuro mu vy’amategeko canke mu vy’amatagisi. Mu gukoresha ubwo buryo bwo gutanga intererano, benshi barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kugabanirizwa amatagisi bariha. Nimba ako gatabu kaboneka mu gihugu ubamwo, urashobora kukaronka mu kugasaba umunyamabanga w’ishengero urimwo.

Wipfuza kumenya n’ibindi, woshobora kwitura ibiro vy’ishami.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika