Benshi muri iki gihe ‘barashira ikintu ku ruhande,’ ni ukuvuga bakaziganya igitigiri kanaka c’amahera, maze bakayashira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.” (1 Kor. 16:2) Buri kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu akukira. Urashobora kandi kurungika intererano ku rwego rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, ata handi ziriwe ziraca. Kugira ngo umenye izina ry’urwego nyamukuru rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, turagusavye ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye ico gihugu. Aderese y’ivyo biro vy’ishami woshobora kuyisanga kuri www.pr418.com. Intererano ushobora kurungika ata handi ziriwe ziraca ni izi:
INTERERANO UMUNTU ATANGA BWEGU
Ni intererano zitangwa biciye ku buhinga bwa none bwo kubika, kubikura canke kurungika amahera biciye muri banki. Mu mashami amwamwe, birashoboka kandi ko ukoresha urubuga jw.org canke urundi rubuga rwabigenewe.
Zoshobora kandi kuba intererano z’amahera abona, ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ikindi kintu c’agaciro umuntu atunze. Nuzirungikane ikete ryerekana ko ayo mahera canke ivyo bintu ari ivyo utanze.
INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA
GUTEGEKANYA IVYO GUTANGA
Uretse ingabire z’amahera be n’ibintu vy’agaciro umuntu atunze, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ubwo buryo burerekanwa aho hepfo. Uburyo wipfuza gukoresha bwaba ari ubuhe, turagusavye ubanze ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye igihugu ubamwo kugira umenye ubukoreshwa muri ico gihugu. Kubera ko ibisabwa n’amategeko hamwe n’amategeko agenga ivy’amatagisi usanga bitandukanye, birahambaye ko ubaza abatanga impanuro mu vy’amatagisi no mu vy’amategeko babishoboye, imbere y’uko uhitamwo uburyo bwiza kuruta bwo gutanga intererano.
Asiransi: Ni intererano zitangwa mu kwerekana mu buryo butomoye ko urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova ari rwo rwakira amahera ya asiransi y’ubuzima bw’umuntu canke ayo yaziganirijwe kugira ngo azoyikoreko amaze gukukuruka.
Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birabikishirizwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova canke bigashingwa yuko bizohabwa urwo rwego nyenevyo apfuye, hisunzwe ibisabwa n’amabanki y’aho umuntu aba.
Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova bwa ngabire, canke akaba ari rwo ruhabwa kuganza ibisigi vy’uwapfuye.
Itongo canke inzu: Itongo canke inzu, birashobora kugabirwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova. Mu gihe ari aho umuntu aba na ho, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, akabandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho.
Kuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabire: Amahera canke inzandiko zemeza ko umuntu ayafise ahantu, zirahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, biciye ku ndinganizo y’uko nyene gutanga canke umuntu yagenywe na we, aronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa amatagisi yahora ayatangako.
Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko. Birashobora kandi kuragwa urwo rwego mu kwerekana mu buryo butomoye yuko ari rwo rugabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Iyo ndinganizo irashobora gutuma umuntu akurwako amatagisi amwamwe.
Imvugo ngo “gutegekanya ivyo gutanga” yerekana ko nyene gutanga abiringaniza imbere y’igihe. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide) be no mu gisupanyoli. Ako gatabu kanditswe kugira ngo gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabire zishobora gutangwa ubu canke mu nyuma, mu kuziraga ishirahamwe. Amakuru ari muri ako gatabu yoshobora kuba adahuye neza n’ukuntu ivyawe vyifashe, bivanye n’amategeko agenga amatagisi canke ayandi mategeko yo mu gihugu ubamwo. Mu gukoresha ubwo buryo bwo gutanga intererano, benshi barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kugabanirizwa amatagisi bariha. Nimba ako gatabu kaboneka mu gihugu ubamwo, urashobora kugasaba umunyamabanga w’ishengero urimwo.
Wipfuza kumenya n’ibindi, ja ku rubuga jw.org, urabe amaja hepfo maze ufyonde ahavuga ngo “Gutanga intererano ku bw’igikorwa turangurira kw’isi yose,” canke witure ibiro vy’ishami.