ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w16 Munyonyo rup. 19-20
  • “Igikorwa ni kinini”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Igikorwa ni kinini”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yehova arahezagira cane umutima ukunze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Umusesekara wabo warujurije ugukehanirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
w16 Munyonyo rup. 19-20
Umwami Dawidi ariko arereka umugabo umwe imigero y’urusengero; umuvukanyi umwe ariko araraba imigero y’ubwubatsi

“Igikorwa ni kinini”

I YERUZALEMU hariko harabera inama ihambaye. Umwami Dawidi yakoranije abaganwa biwe, abakozi bo ku kirimba hamwe n’abagabo b’abanyenkomezi bose. Barahimbawe no kwumva itangazo ridasanzwe. Yehova yashinze Salomo umuhungu wa Dawidi kwubaka inyubakwa idasanzwe izokoreshwa ku bw’ugusenga Imana y’ukuri. Umwami Dawidi yahawe imigero y’iyo nyubakwa biciye ku guhumekerwa, na we ayishikiriza Salomo. Dawidi aca avuga ati: “Igikorwa ni kinini; kuko iyo ngoro atari iy’umuntu, ariko ni iya Yehova Imana.”​—1 Ngo. 28:1, 2, 6, 11, 12; 29:1.

Mu nyuma, Dawidi arabaza ati: “None ni nde yitanze abikunze kugira ngo uyu musi yuzuze ukuboko kwiwe ingabirano igenewe Yehova?” (1 Ngo. 29:5) Iyo uza kuba ari ho uri, wari guca ukora iki? Woba wari guca ugira agatima ko gushigikira ico gikorwa kinini? Abisirayeli baciye basidukana n’iyonka baratanga intererano. Nkako, “[baranezerejwe] no kubona bariko batanga amashikanwa yo ku bushake, kuko bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake.”​—1 Ngo. 29:9.

Inyuma y’ibinjana n’ibindi, Yehova yarashizeho ikintu gihambaye kuruta kure n’iyo urwo rusengero. Yaratunganije urusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, ikaba ari intunganyo yotumye abantu bamwiyegereza mu kumusenga hishimikijwe inkuka ya Yezu. (Heb. 9:11, 12) None Yehova ariko afasha abantu gute gusubiza hamwe na we muri iki gihe? Abicisha ku gikorwa turangura co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ico gikorwa kiratuma buri mwaka hayoborwa inyigisho za Bibiliya amamiliyoni, abigishwa ibihumbi n’ibihumbi bakabatizwa, amashengero amajana n’amajana na yo akavuka.

Iryo yongerekana rica rituma dukenera gucapura ibitabu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya, kwubaka no gusanura Ingoro z’Ubwami, tugakenera n’ibibanza biberamwo amateraniro n’amahwaniro. Ntiwemera none ko igikorwa turangura co gukwiragiza inkuru nziza ari kinini kandi kivamwo ivyiza vyinshi?​—Mat. 24:14.

Kubera ko abasavyi b’Imana bakunda Yehova na bagenzi babo kandi bakaba bazi ko igikorwa co kwamamaza Ubwami cihuta, ‘baritanga bakuzuza ukuboko kwabo ingabirano igenewe Yehova’ mu gutanga intererano bavyishakiye. Ese ukuntu duhimbarwa no ‘gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro’ be no kubona ukuntu ivyo dutanga bikoreshwa neza cane mu gikorwa kinini kuruta ibindi vyose vyigeze gukorwa!​—Imig. 3:9.

Ukuntu bamwebamwe bahitamwo gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose

Benshi muri iki gihe ‘barashira ikintu ku ruhande,’ ni ukuvuga bakaziganya igitigiri kanaka c’amahera, maze bakayashira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.” (1 Kor. 16:2) Buri kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu akukira. Urashobora kandi kurungika intererano ku rwego rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, ata handi ziriwe ziraca. Kugira ngo umenye izina ry’urwego nyamukuru rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu ubamwo, turagusavye ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye ico gihugu. Aderese y’ivyo biro vy’ishami woshobora kuyisanga kuri www.pr418.com. Intererano ushobora kurungika ata handi ziriwe ziraca ni izi:

INTERERANO UMUNTU ATANGA BWEGU

  • Ni intererano zitangwa biciye ku buhinga bwa none bwo kubika, kubikura canke kurungika amahera biciye muri banki. Mu mashami amwamwe, birashoboka kandi ko ukoresha urubuga jw.org canke urundi rubuga rwabigenewe.

  • Zoshobora kandi kuba intererano z’amahera abona, ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ikindi kintu c’agaciro umuntu atunze. Nuzirungikane ikete ryerekana ko ayo mahera canke ivyo bintu ari ivyo utanze.

INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA

  • Ni indinganizo yo gutanga amahera yoshobora gusubizwa nyene kuyatanga mu gihe ayakeneye.

  • Nuyarungikane ikete ryerekana ko iyo ntererano ishobora gusubizwa.

GUTEGEKANYA IVYO GUTANGA

Uretse ingabire z’amahera be n’ibintu vy’agaciro umuntu atunze, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Ubwo buryo burerekanwa aho hepfo. Uburyo wipfuza gukoresha bwaba ari ubuhe, turagusavye ubanze ubaze ibiro vy’ishami bihagarikiye igihugu ubamwo kugira umenye ubukoreshwa muri ico gihugu. Kubera ko ibisabwa n’amategeko hamwe n’amategeko agenga ivy’amatagisi usanga bitandukanye, birahambaye ko ubaza abatanga impanuro mu vy’amatagisi no mu vy’amategeko babishoboye, imbere y’uko uhitamwo uburyo bwiza kuruta bwo gutanga intererano.

Asiransi: Ni intererano zitangwa mu kwerekana mu buryo butomoye ko urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova ari rwo rwakira amahera ya asiransi y’ubuzima bw’umuntu canke ayo yaziganirijwe kugira ngo azoyikoreko amaze gukukuruka.

Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birabikishirizwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova canke bigashingwa yuko bizohabwa urwo rwego nyenevyo apfuye, hisunzwe ibisabwa n’amabanki y’aho umuntu aba.

Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova bwa ngabire, canke akaba ari rwo ruhabwa kuganza ibisigi vy’uwapfuye.

Itongo canke inzu: Itongo canke inzu, birashobora kugabirwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova. Mu gihe ari aho umuntu aba na ho, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, akabandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho.

Kuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabire: Amahera canke inzandiko zemeza ko umuntu ayafise ahantu, zirahabwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova, biciye ku ndinganizo y’uko nyene gutanga canke umuntu yagenywe na we, aronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa amatagisi yahora ayatangako.

Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa urwego runaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko. Birashobora kandi kuragwa urwo rwego mu kwerekana mu buryo butomoye yuko ari rwo rugabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Iyo ndinganizo irashobora gutuma umuntu akurwako amatagisi amwamwe.

Imvugo ngo “gutegekanya ivyo gutanga” yerekana ko nyene gutanga abiringaniza imbere y’igihe. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide) be no mu gisupanyoli. Ako gatabu kanditswe kugira ngo gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabire zishobora gutangwa ubu canke mu nyuma, mu kuziraga ishirahamwe. Amakuru ari muri ako gatabu yoshobora kuba adahuye neza n’ukuntu ivyawe vyifashe, bivanye n’amategeko agenga amatagisi canke ayandi mategeko yo mu gihugu ubamwo. Mu gukoresha ubwo buryo bwo gutanga intererano, benshi barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kugabanirizwa amatagisi bariha. Nimba ako gatabu kaboneka mu gihugu ubamwo, urashobora kugasaba umunyamabanga w’ishengero urimwo.

Wipfuza kumenya n’ibindi, ja ku rubuga jw.org, urabe amaja hepfo maze ufyonde ahavuga ngo “Gutanga intererano ku bw’igikorwa turangurira kw’isi yose,” canke witure ibiro vy’ishami.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika