Niwerekane ko Ushima Ibisohokayandikiro
1 “Kwandika ibitabu vyinshi ntibigira iherezo.” (Umus. 12:12) Ibitabu vyinshi usanga birimwo amakuru atabereye gusoma. Ariko rero, uko si ko biri ku bisohorwa na Sosiyete Watchtower. Ni ivy’agaciro kubera ko birimwo imfungurwa z’ivy’impwemu zirokora ubuzima. Birafasha abashimishijwe bagashika ku kumenya Yehova, kandi bigakomeza ukwizera kw’abamaze kuba abasavyi ba Yehova biyeguye.
2 Ibisohokayandikiro vyacu turipfuza kubishikiriza abandi mu gihe tuzi ko bashobora kuvyungukirako. Naho tubironswa ata kiguzi, hakoreshwa amahera menshi mu kubicapura no mu kubirungika. Ivyo bituma tudatanga ibisohokayandikiro mu buryo butarimwo ukwitwararika. Mu gihe dukekeranya ugushimishwa kw’umunyamuhana, mu bisanzwe tuzoshikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! canke kumbure itaragiti gusa. Dukwiye gusubira kugendera umuntu wese yakiriye igisohokayandikiro, kandi mu gihe yerekanye ugushimishwa, turashobora kumuha ikindi.
3 Bamwebamwe baragonanwa kubwira abanyamuhana yuko igikorwa gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye, mugabo kenshi vyoba vyiza tubivuze. Ivyo bituma abanyamuhana basobanukirwa neza yuko igikorwa cacu atari urudandazwa. Ivyo bituma babona imbere y’igihe ko intumbero yacu ari iyo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Biradufasha kumenya ugushimishwa nyakuri. Abantu kenshi baba bafise amahera yo kugura ibintu nk’itabi n’ibisohokayandikiro vyo mw’isi. Nimba bashimishijwe vy’ukuri n’ivyo wababwiye, bazobona yuko hari imvo yotuma baterera kugira ngo bashigikire Ubukirisu nyakuri. Mu kubasigurira ingene igikorwa gishigikirwa, tuba twerekanye ko dushima ibisohokayandikiro vyacu kandi tuba twerekanye ko dutahura yuko kubicapura bitwara amahera.
4 Igihe ivy’ugutanga intererano bishikirijwe mu buryo bubereye, abanyamuhana benshi barahimbarwa no gufasha mu gikorwa cacu gihambaye. Vyoshoboka ko wumva yuko bitabereye kuvuga ivy’indinganizo yo gutanga ibisohokayandikiro ata kiguzi. Mugabo muri rusangi ni vyiza ko tubivuga igihe ari bwo bwa mbere tugendeye umunyamuhana, akaba ashimishijwe no gusoma igisohokayandikiro tumuhaye.