Nutegekanye Umwanya wo Gutanga Ibinyamakuru
1 Yehova yaremeje ashimitse yuko abantu bakurikira inzira ziwe bazogira ‘amahoro, kazoza hamwe n’ivyizigiro.’ (Yer. 29:11) Amakuru yerekeye ivyo vyizigiro aratangwa mu buryo buhuje n’igihe mu Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Abantu b’uburyo bwose, uko ivyabo vyifashe kwose, barashobora kwungukira kuri ivyo binyamakuru. (1 Tim. 2:4) Wewe n’umuryango wawe mwoba mwarategekanije umwanya wo gukwiragiza ibinyamakuru?
2 Nimba waragabanije uburyo utanga ibinyamakuru, iyo mpengamiro yoshobora gutorerwa umuti gute? Ikintu kimwe gihambaye ni uko ukuntu ushima ibiri mu binyamakuru vyacu kwoguma ari kuzima. Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! biboneka hagizwe ubushakashatsi bwitondewe, kandi ni imfungurwa zitangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45, NW) Ni ibikoresho ngirakimazi mu vyo gushikira imitima y’abantu.
3 Numenye ibiganiro biri mu binyamakuru uriko urashikiriza. Nurabe ivyiyumviro bijanye n’ingorane ziri mu kibano urimwo. Niwitegurire kwerekana ingene ibinyamakuru vyerekeye umuntu wese hamwe n’imiryango tuyifatiye hamwe.