Nube kirumara mu busuku urangura
1 Ijuru ririrabuye, kandi hari urwamo ruteye ubwoba ruguma rwongerekana gushika naho rumena amatwi. Igicu kimeze nk’umwotsi kiramanutse. None ivyo ni ibiki? Ni igitero c’inzige amamiliyoni zisidukanye n’iyonka ngo ziteme zitongore igihugu! Ivyo bintu vyadondowe n’umuhanuzi Yoweli biriko biraranguka muri kino gihe mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa n’abasavyi b’Imana basizwe be na bagenzi babo, abagize isinzi rinini.
2 Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1998, ku rupapuro rwa 17-18, mu ngingo ya 19, wagize uti: “Ingabo z’Imana zo mu gihe ca none zimeze nk’inzige zarashinze intahe inoze mu ‘gisagara’ c’Abitwa Abakirisu. (Yoweli 2:9) . . . Baracadondagira basimba intambanyi zose, bakinjira mu mazu amamiliyoni, bagashikira abantu mw ibarabara, bakabaganiriza kw iterefone, eka bakabashikira mu buryo ubwo ari bwo bwose mu gihe batangaza ubutumwa bwa Yehova.” Wumva atari agateka gahambaye kugira uruhara muri ico gikorwa twashinzwe n’Imana?
3 Twebwe Ivyabona vya Yehova ntitumeze nk’inzige buzige, iziba zifise intumbero yo kwironderera ivyo zirya gusa; twebwe turarajwe ishinga cane n’ubuzima bw’abo tubwira inkuru nziza. Twipfuza gufasha abandi ngo bamenye ukuri kuninahaye kuri mw’Ijambo ry’Imana, maze bavyurirwe umutima wo gutera intambwe zizobashikana ku bukiriro bw’ibihe bidahera. (Yoh. 17:3; 1 Tim. 4:16) Ku bw’ivyo, twipfuza kuba kirumara mu kuntu turangura ubusuku bwacu. Twaba dukoresha uburyo bwo kwamamaza ubuhe, turakwiye gusuzuma niba ukuntu turiko turabigira be n’igihe tubigirirako bizotuma ico gikorwa kigenda neza cane. Kubera yuko “ibintu vyo kuri iyi si biriko birahindagurika,” vyoba vyiza twihweje uburyo dukoresha be n’ukuntu dutanguza ibiyago, ivyo tukabigira kugira ngo twiyemeze yuko turiko turavyifatamwo neza mu rugamba rwo kugerageza kwama vyinshi bishoboka.—1 Kor. 7:31.
4 Naho twita ku rutare kugira ngo dushikire abantu mu buryo butandukanye, igikorwa c’inzu ku nzu n’ubu ni bwo buryo nyamukuru dukoresha mu busuku bwacu. Woba ukunda gusanga abantu atariho bari canke ugasanga biryamiye igihe ubagendeye? Ese ingene bibabaza, kubera yuko uba udashobora kubabwira inkuru nziza! None ushobora gute kuvyifatamwo neza muri ivyo bihe bitoroshe?
5 Nuhuze n’uko ibintu vyifashe kandi ukore ibitegereka: Muri Isirayeli yo mu kinjana ca mbere, abarovyi bakora igikorwa cabo mw’ijoro. Kubera iki baroba mw’ijoro? Naho ico kitari igihe kiborohereza, cari co gihe ciza kuruta ibindi catuma baronka amafi menshi cane. Cari co gihe cimbuka kuruta ibindi vyose. Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1992 waragize ico uvuze kuri ico kintu, mu kugira uti: “Na twebwe nyene turakwiye kwiga neza akarere kacu kugira ngo tuje kuroba mu buryo bw’ikigereranyo, mu gihe abantu benshi baba bari i muhira kandi bakaba bashobora kutwumviriza.” Twihweje twitonze utumenyero tw’abantu bo mu bice bitandukanye vy’igisagara, twoshobora gusanga baba bari i muhira igihe tubagendeye hakiri kare mu gitondo ku wa gatandatu canke ku w’iyinga, ariko muri rusangi bakaba batiteguriye kutwumviriza muri uwo mwanya. Niba ari uko biri mu karere urimwo, woba woshobora guhindura ukabagendera ku musase canke mbere ku muhingamo? Ubwo ni uburyo bwiza bwodufasha gutuma ubusuku turangura burushiriza kuba ngirakamaro bukanadufasha kwerekana ko twitwararika ababanyi bacu, ico kikaba ari ikimenyamenya c’urukundo nyakuri rwa gikirisu.—Mat. 7:12.
6 Mu Bafilipi 4:5, intumwa Paulo aratwibutsa yuko dukwiye kureka ‘ukugira ibitegereka kwacu kukamenyekana ku bantu bose.’ Mu buryo buhuye n’ubwo buyobozi bwahumetswe, turipfuza kugira uburimbane kandi tukagira ibitegereka mu buryo dukoresha igihe turangura igikorwa twashinzwe co kwamamaza tubigiranye umwete n’umunezero. Ntidushaka ‘kureka kwigisha ikintu na kimwe ku mugaragaro be no mu nzu no mu yindi,’ ahubwo dushaka kwiyemeza neza yuko turangura ubusuku bwacu bw’inzu ku nzu mu biringo bibereye kandi vyimbuka. (Ibik. 20:20) Nka kumwe kwa ba barovyi bo muri Isirayeli yo mu kinjana ca mbere, turitwararika kuroba mu buryo bw’ikigereranyo, mu bihe dushobora kugira ico dushitseko kinini cane, atari mu bihe tubona ko bitworohereza twebwe ubwacu.
7 Nube umuntu atahura kandi afise ubugenge: Uko tugendera abantu inzu ku nzu, turahura n’abakira mu buryo butandukanye ubutumwa tubashikiriza. Abanyamihana bamwebamwe barabwakira neza, abandi ntihagire ico bubabwira, abandi bake na bo ugasanga boshobora kuba abanyabihari canke abanyamahane. Ku bijanye n’abo ba nyuma, igitabu Comment raisonner à partir des Écritures, ku rupapuro rwa 7, kitwibutsa yuko tutarondera ivyo “gutsinda mu bihari vy’abantu batagaragaza ko baha agaciro ukuri.” Niba umunyamuhana aturwanije, biraba vyiza kuruta duciye tuhava. Ntidukwiye kwigera dukwega amahane mu guhata abantu ngo baganire natwe canke ngo bemere vyanse bikunze ivyiyumviro vyacu. Ntiduhatira abantu kwumviriza ubutumwa dushikiriza. Ukwo ntikwoba ari ugukora ibitegereka kandi vyoshobora guteza ingorane ibindi Vyabona be n’igikorwa muri rusangi.
8 Vyoshobora gushika ugasanga turavyuye umuntu yari yiryamiye canke na ho tukamugora tutabishaka. Yoshobora mbere gusa n’uwubabara canke agashavura. None dukwiye kuvyifatamwo gute? Mu Migani 17:27 (NW) haduhanura hati: “Umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye.” Naho tudasaba imbabazi kubera ubusuku turangura, mu vy’ukuri turashobora kumusaba ngo adutunge kubona twamugendeye ku mwanya utabereye. Tubigiranye urupfasoni, turashobora kumubaza niba ikindi gihe kinaka coshobora kurushiriza kuba ikibereye maze tukamusaba ko twogaruka. Tugaragaje ata buryarya yuko dufise ubwitwararitsi mu gukoresha ijwi riranga ubwitonzi, akenshi birafasha mu gutuma umuntu nk’uyo aturura.—Imig. 15:1.
9 Ugutahura kandi ni nkenerwa uko twihatira gukorera mu karere kacu mu buryo bunogangije. Kubera yuko abantu benshi bataba bari i muhira igihe tubagendeye ari bwo bwa mbere, turakeneye kugira akigoro kiyongereye kugira ngo tubonane na bo maze tubabwire ubutumwa bwerekeye ubukiriro. (Rom. 10:13) Nukoreshe ugutahura. Niba tudashoboye kubonana n’umuntu kandi tumaze kumurondera akatari gake mu bihe bitandukanye vy’umusi, nko ku mugoroba, tubigiranye ukwiyubara twoshobora gusiga agapapuro k’inkuru nziza canke agapapuro k’ubutumire munsi y’urugi, na canecane igihe ako karere kaba gakunze gukorerwamwo ku rugero rushoboka. Hari aho wosanga uwo muntu ashoboye kuboneka igihe ako karere gasubiye gukorerwamwo.
10 Nube umunyarutonde kandi yisoneye: Mu gihe ibintu vyatunganijwe neza, turashobora kwirinda ivyo kugira imigwi mininiminini kandi yibonekeza cane ihurira mu cibare. Ntidushaka kuboneka nk’aho umengo turi igitero mu turere abantu babamwo. Intunganyo z’ukuntu icibare cokorerwamwo biraba vyiza kuruta zigiriwe mw’ikoraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro. Imigwi mitomito y’abamamaji, nk’abagize umuryango, ntiboshobora gutera ubwoba abanyamihana.
11 Kugira ngo habe urutonde bisaba ko abavyeyi bacungera bitonze inyifato y’abana babo mu gihe baba bariko barakorera mu cibare. Abana bakwiye kwigenza neza igihe baherekeje abakuze ku muhana w’umuntu. Abana bakiri bato ntibakwiye kwemererwa gukinira canke gutambatamba aho bashaka hose, kuko baca basamaza ababa ng’aho canke abahita.
12 Hari benshi berewe cane mu kuyagisha abantu aho boshobora kubasanga hose, nko mu mayira, mu bibanza bihagarikwamwo imiduga no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi. No muri ico gihe nyene turipfuza gushinga intahe nziza, atari gusa mu majambo tuvuga, ariko kandi no mu kuba dukora ibitegereka. Abamamaji bo mw’ishengero rimwerimwe ryose bakwiye kuraba neza ko bubahiriza aho icibare cabo kigarukira kugira ngo ntibagore abantu birenganira n’amaguru mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji canke abakora mu mamangazini. Kugira dushobore kurangura ubusuku bwacu mu buryo burimwo urutonde kandi buteye iteka, twokorera gusa mu karere twakebewe kiretse nk’igihe hagizwe intunganyo zidasanzwe biciye kuri Komite y’umurimo y’irindi shengero, zidusaba ko twogira ico dufashije.—Gereranya na 2 Abakorinto 10:13-15.
13 Amashengero amwamwe afise akarere karimwo ibibanza vyinshi bishoboka ko umuntu yoshingamwo intahe ku mugaragaro, yaragabuye ivyo bibanza mu vyibare. Ikarata y’icibare ica rero ihabwa umwamamaji ku giti ciwe canke igahabwa umugwi. Ivyo biratuma vyoroha guhetura ako karere neza kandi bigatuma twirinda ivy’uko abamamaji b’umurengera bamamariza mu kibanza kimwe ku mwanya umwe, gutyo tukaba duhuje n’ingingo ngenderwako dusanga mu 1 Abakorinto 14:40 igira iti: “Ibintu vyose bibe mu buryo bubereye no mu rutonde.”
14 Ukuntu ubwacu tuboneka bikwiye kwama nantaryo bigaragaza urupfasoni kandi bikaba ibiranga abasuku bitirirwa izina rya Yehova. Ukwo nyene ni na ko bikwiye kuba bimeze ku bijanye n’ibikoresho dukoresha. Amasakoshi yo gutwaramwo ibitabu yatabaguritse be na Bibiliya zigizwe n’impapuro zisigaye zifise amatwi canke zicafuye biratesha agaciro ubutumwa bw’Ubwami. Vyaravuzwe yuko ukuntu umuntu yambara be n’ukuntu yitunganya “ari ikintu gica ubwo nyene giha abantu bamukikije ishusho y’uwo ari we be n’ico ari co hamwe n’aho ahagaze ku bijanye n’uko ibintu bisanzwe bimeze.” Ni co gituma ukuntu tuboneka bidakwiye kwerekana ko ataco twitaho canke turi ibinyamwanda, canke ngo vyerekane ko dushaka gukwegera amaso y’abandi mu buryo butabereye kibure ko turenza urugero, ahubwo dukwiye kwama nantaryo tuboneka “mu buryo bubereye inkuru nziza.”—Flp. 1:27; gereranya na 1 Timoteyo 2:9, 10.
15 Mu 1 Abakorinto 9:26, intumwa Paulo avuga ati: “Uko niruka . . . si nk’uwutazi iyo aja; uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere.” Mu kwigana Paulo, twiyemeje kuba kirumara mu busuku no kuburangura mu buryo buri n’ico buvamwo. Uko tugira uruhara n’umwete mu gikorwa co gushinga intahe turi mu bagize “igitero c’inzige” ca Yehova muri iki gihe, ese twokoresha ukugira ibitegereka be n’ugutahura biranga abakirisu, mu gushira abantu bose bari mu cibare cacu ubutumwa bwerekeye ubukiriro!