Ukuntu Abagize Umuryango Bafashanya Kugira Bagire Uruhara Bimwe Vyuzuye—Mu Gikenurwa
1 Mbega yemwe ni igiki cokweza umutima kuruta kubona abanega n’abakenyezi babo, abavyeyi n’abana babo bakorana mu gikenurwa ca gikirisu, bashemeza izina rya Yehova ku mugaragaro? (Zab. 148:12, 13) Imiryango yose ikwiye kugira akamenyero keza ko kwama ija mu murimo wo mu ndimiro. Umuryango wawe woba ufise umusi ufata uko indwi itashe mukawumara mu gikenurwa? Niba muwufise, umwe wese rero arazi neza ico yotegekanya, kandi arashobora kugira uruhara bimwe vyuzuye.—Imig. 21:5a.
2 Imbere y’uko uwo musi w’umurimo w’umuryango ushika, ni kuki mwese mutofata umugambi wo gutegurira hamwe inshikirizo umuryango wanyu uzokoresha? Imyimenyerezo irashobora kubafasha kuruta, kandi bishobora gutuma haba agatima nyakuri ko gusenyera ku mugozi umwe mu muryango. Ese ingene bigira ico bivamwo igihe igikenurwa co mu ndimiro kibaye ikintu umuryango ukorera hamwe kandi abawugize bose bakitegura neza!
3 Hari umucungezi w’ingenzi yaherekeje umuryango wose mu gikenurwa co gushikiriza ibinyamakuru. Igihe yariko arakorana inzu ku nzu n’umwe mu bakobwa bo muri uwo muryango, uno yabajije ati: “Tuza gukorana igihe kingana iki?” Maze uwo mwigeme yaciye asigura yuko aca aja gukorana na se. Vyaragaragaye yuko we na se banezererwa koko gukorana mu murimo. Ese ingene ako ari agatima keza mu muryango!
4 Hari imiryango yoba ishobora gukorera hamwe ubutsimvyi bwo gufasha ukwezi kumwe mu mwaka. Canke kumbure birashoboka ko n’imiburiburi umwe mu bagize umuryango akora ubutsimvyi bw’ugufasha adahagarika cabure akiyandikisha mu butsimvyi bw’intahorereza. Igihe abagize umuryango bose biyungunganije neza kandi bagafashanya, kumbure bose boshobora kurushiriza kugira uruhara mu murimo mu gufata mu mugongo uwo akora ubutsimvyi. Nta nkeka ko uwo muryango uzoronkera umuhezagiro kuri ico gikorwa ciyongereye no ku bintu vyiza bibonerwa mu gikenurwa.—Mal. 3:10.
5 Kugira uruhara bimwe vyuzuye mu gikorwa co kwamamaza injili bizofasha umuryango kuguma ufatanye mu nda, ufise umwete, wimbuka kandi ufise akamwemwe mu murimo wa Yehova!—Gereranya n’Ab’i Filipi 2:1, 2.