Woba Uri n’Igitigiri c’Ibisohokayandikiro Wama Usaba?
1 Woba umaze kuja mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro maze ugasanga nta binyamakuru ufise mw’isakoshi yawe? Inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami (mu Congereza) co muri Nyakanga 1995 yari ifise umutwe ugira uti: “Nidukoreshe Neza Ibinyamakuru Vyacu.” Yatubwiye “kugira igitigiri kanaka c’ibinyamakuru dusaba,” ivuga iti: “Nusabe umuvukanyi ajejwe ibinyamakuru azoze arakuronsa igitigiri kanaka kiri ku rugero c’inomero yose. Muri ubwo buryo, wewe n’umuryango wawe muzoza muraronka mudahengeshanya ibinyamakuru bihagije.” Ivyo woba warabigize?
2 Ni kuki utosaba kuza uraronka igitigiri kidahinduka c’ibinyamakuru? Uzokwumva ko ufise ibanga rikomeye ryo kubigabanganya umushamvu ku wundi, kandi ubigize uzoguma urushiriza kugira umunezero. Niba umaze kuza uraronka igitigiri kinaka kidahinduka, subira urimbure niba uronka igitigiri ukenera mu gikenurwa c’ukwezi. Yamara rero dushaka kutayaga amasigaracicaro mu kuza turaja gutora ivyo twasavye uko indwi itashe, kandi dukwiye kwumva yuko ari ngombwa ko tubigira. Niba uzoba utari mw’ishengero mu gihe kirekire, numenyeshe uwujejwe ibinyamakuru niba ushaka ko aza arashikiriza uwundi muntu ibinyamakuru vyawe gushika ugarutse.
3 Iyo nyongera twavuze aho haruguru yavuze kandi ko dukwiye “Gushinga umusi w’ibinyamakuru.” Woba ushobora gushigikira Umusi w’Ibinyamakuru uba ku ndwi ku ndwi? Nk’uko vyerekanwa kuri Calendrier des Témoins de Jéhovah 1999, ni ku misi yose ya Gatandatu yo mu mwaka! Ntufate minenerwe akamaro ko gukwiragiza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe tugira akigoro ko kugira uruhara bimwe vyuzuye mu gikenurwa co gushikiriza ibinyamakuru, tuba turiko “[tur]amamaza inkuru nziza y’ivyiza” kuri bagenzi bacu.—Yes. 52:7.