Niduhe Agaciro Kanini Izina ry’Akaroruhore rya Yehova
1 Shetani yaratukishije izina ry’Imana igihe yakwegera abavyeyi bacu ba mbere mu caha. Uwo Diyabule yavuze akikiriza yuko Yehova yabeshe Adamu. (Ita. 3:1-5) Kubera yuko izina ry’Imana rifitaniye isano n’ubushobozi bwayo bwo kurangura iryo yavumereye, ikirego ca Shetani cari ikinyoma kinyomoje. Yehova mu kugenda arangura intambwe ku yindi umugambi yashinze, yarakuye iceyi kw’izina ryiwe yongera arigira akaroruhore.—Yes. 63:12-14.
2 Turi igisata Yehova ‘yitiriye izina ryiwe.’ (Ivyak. 15:14, 17, NW) Ivyo biraduha akaryo ko kwerekana ukuntu twiyumva ku vyerekeye ininahazwa ryiwe. Dusanga izina rya Yehova ari akaroruhore vy’ukuri, kubera yuko rigereranya ikintu cose ciza, c’ubwitonzi, kiranga urukundo, imbabazi n’ubugororotsi. Ukuntu izina rininahaye ry’Imana rihambaye bituma twuzura akoba. (Zab. 8:1; 99:3; 148:13) Ivyo bikwiye gutuma dukora iki?
3 Ninahaza Izina ry’Imana: Izina ry’Imana ntirishobora kugirwa ryeranda ngo rirute uko risanzwe rimeze. Mugabo biciye ku kwigenza mu buryo butyoroye no ku kwamamaza Ubwami, turashobora kugaragaza yuko duha agaciro ntangere izina ry’Imana. Nimuze duterere mw’ijwi duti: “Ni mukengurukire Uhoraho [“Yehova,” NW], mwambaze izina ryiwe, mwamamaze ibikorwa vyiwe mu mahanga, mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru.” (Yes. 12:4) Ivyo dushobora kubigira dute?
4 Turashobora kutagisha akaryo kose ko kwamamaza izina rya Yehova be n’ico rigereranya cose. Twaba tubigira mu buryo buteguwe canke akaryo kizanye, inzu ku yindi canke imangazini ku yindi, mw’ibarabara canke kuri telefone, igikenurwa cacu co kwamamaza inkuru nziza kiratera iteka Yehova. Igihe duhuye n’abashimishijwe batega ugutwi, dukwiye guhana amasango atomoye yo kugaruka kubangendera no kubigisha ibindi vyinshi vyerekeye Yehova. Ivyo bisobanura ko dutegerezwa kudata na gato ayo masango kandi tugakomera ku muheto mu twigoro twacu two gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Igishimishije ni uko ku mwaka ku mwaka abantu ibihumbi amajana bashika ku kumenya izina ry’akaroruhore rya Yehova, bakaryubaha bakongera bakarininahaza.
5 Uruhara tugira n’umutima wacu wose mu gikorwa co kuninahaza izina ry’Imana rurerekana mu buryo butomoye aho duhagaze mu vya ca kibazo Shetani yavyura muri Edeni. Iki ni co gikorwa ciza ntangere gitera iteka kuruta dushobora gukora. Niduhe agaciro kanini izina ry’akaroruhore rya Yehova twongere turishemeze!—1 Ngo. 29:13.