Ni Igiki Gishobora Kudufasha Guhagarara Dushikamye mu Kwizera?
1 Kuva igihe twatangura kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova, iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu ryaragaragaye ko ari isoko ry’umunezero kuri twebwe! Yamara, kubandanya dukura mu vy’impwemu ni ivya nkenerwa kugira ngo tugume ‘dushinga imizi, twubakwa, dushikamishijwe mu kwizera.’ (Kol. 2:6, 7) Naho abenshi bateye imbere mu vy’impwemu, bamwe baratwawe akayombekere barabivamwo kubera ukunanirwa ‘guhagarara bashikamye mu kwizera.’ (1 Kor. 16:13) Twoshobora kwikingira kugira ngo ivyo ntibidushikire. Mu buryo ki?
2 Kwama Ukora Ibikorwa vyo mu Buryo bw’Impwemu: Nushireho akamenyero keza k’ivy’impwemu mw’ishirahamwe rya Yehova. Ngaho ivyo dukeneye vyo mu buryo bw’impwemu turabironswa umurengera. Amakoraniro y’ishengero, amateraniro y’imizunguruko n’ay’intara, aratuma ugukura mu vy’impwemu kwongerekana kandi kugashikama, mu gihe tubandanya kuyitaba kugira ngo tuhungukire. (Heb. 10:24, 25) Akamenyero ko gusoma Bibiliya ubudahorereza, ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, hamwe n’ibitabu bitanga imfungurwa zigumye zo mw’Ijambo ry’Imana, bizotuma imizi yacu yo mu vy’impwemu irushiriza gushika kure no gukomera. (Heb. 5:14) Kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu kandi tugakora n’umwete kugira tuyishikire bizotuzanira kandi ivyiza vyamaho.—Flp. 3:16.
3 Gusahirizwa n’Abantu Bahumuye: Nurondere kwaguka mu kwifatanya n’abantu bahumuye mu vy’impwemu bari mw’ishengero. Nushike ku kumenyana n’abakurambere, nakare ni bo bantu ba mbere bashobora kudukomeza. (1 Tes. 2:11, 12) Niwakirize yompi impanuro canke ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose boguha. (Ef. 4:11-16) Abakozi b’ishengero na bo nyene baritwararika gufasha abandi kugira ngo bashikame mu kwizera, nuko rero niwizigire kuremeshwa n’abo bavukanyi.
4 Woba ukeneye gusahirizwa mu gikenurwa? Nubiganire n’abakurambere, hanyuma usabe imfashanyo. Kumbure urashobora gushirwa kuri ya porogarama y’Abatsimvyi Bafasha Abandi. Woba ubatijwe vuba? Kwiga igitabu Huduma Yetu hamwe no gukurikiza ibirimwo bizotebutsa iterambere ryawe rikujana ku kuba umuntu ahumuye mu vy’impwemu. Woba uri umuvyeyi? Nubandanye gukomeza abana bawe mu vy’impwemu.—Ef. 6:4.
5 Dushinze imizi kandi tugashikama mu kwizera, turinovora ubucuti bwa cane tugiranira na Yehova hamwe n’ukwifatanya n’igishika n’abavukanyi bacu. Ivyo biradushoboza kunanira ibitero vya Shetani kandi bigakomeza icizigiro dufise co kugira kazoza k’ibihe bidahera.—1 Pet. 5:9, 10.