ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/00 rup. 1
  • Twamamaza Inkuru Nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twamamaza Inkuru Nziza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Twigane Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • «Inkuru nziza»
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Tuvuge iyi nkuru nziza y’Ubwami
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 3/00 rup. 1

Twamamaza Inkuru Nziza

1 Ese agateka k’igitangaza dufise ko kuba abatwara “ubutumwa [bwiza] bg’ivyiza!” (Rom. 10:15) Dufise ubutumwa buhorosha tubwira abantu bakikujwe n’uruhagarara hamwe n’umwiheburo. Dushobora kubafasha gute kugira ngo bamenye yuko turiko dushikiriza “inkuru nziza z’ivyiza”?—Yes. 52:7, ni twe tubihiritse.

2 Nutegure Ubutumwa Bwizigiza: Ibiyago tugira mu gikenurwa bizogira ingaruka nziza mu gihe dushimikira ku bintu vyiza. Igihe rero dutegura uburyo dutanguza ikiyago hamwe n’igihe twihweza igisohokayandikiro tuzoshikiriza, dukeneye gushimikira ku bintu vyizigiza vy’ubwo butumwa. Mu kuvuga ivyizigiro vyacu bishimikiye kuri Bibiliya dufise ukwizigira be n’igishika, turashobora kwitega ingaruka ziremesha.—Imig. 25:11.

3 Naho tugira impuhwe igihe abantu berekana ukuntu bakorwa ku mutima n’ibintu bitera vyunyuka muri iyi si, dukwiye kubereka umuti nyakuri w’ingorane z’abantu ko ari Ubwami bw’Imana. No mu gihe tuganira ivy’ “umusi wo kwīhōra” wa Yehova wegereje, dushaka kwerekana ukuntu mu vy’ukuri ivyo bisobanura ‘ubutumwa bgiza ku baciye bugufi.’ (Yes. 61:1, 2) Turashobora gusubiriza umutima mu nda abatwumviriza yuko ikintu cose Yehova akora amaherezo kizozana umunezero mwinshi bihebuje hamwe n’ingaruka nziza.

4 Nushikirize Ukuri Ufise Umunezero Nyakuri: Igihe abantu babona ko mu maso hacu harangwa umunezero be n’uko tuvugana ijwi riranga ukwizigira, baroroherwa cane no kwumviriza. Igihe twerekanye ko tubona ibintu mu buryo bwizigiza, abatwumviriza bazotahura neza yuko “[t]unezererw[a] kwizigira ibizoba.” (Rom. 12:12) Gutyo boshobora kurushiriza kugira umutima wo kwakira inkuru nziza. Mu vy’ukuri, turafise imvo nziza y’ukwama nantaryo tugaragaza inyifato yo kwizigira kandi iranga umunezero, mu muce wose w’ubusuku bwacu.

5 Kubera turi abasuku b’inkuru nziza, tugira ibiruta cane ukumenyesha ibintu gusa. Ukwamamaza inkuru nziza kwacu kuratanga icizigiro kitagiramwo amakenga c’ubuzima bwiza kuruta, muri iki gihe hamwe no muri kazoza. (1 Tim. 4:8) Ukwo twegera umuntu wese, imero yacu y’umuzirikanyi irangwa n’ukwizigira izobonekera mu vyo tuvuga, kandi bizofasha abantu kwakira inkuru nziza. Mu kwiyubara ku bintu tuvuga hamwe no ku kuntu tubivuga, nimuze dutume abantu b’imitima nziraburyarya bakira iyo nkuru nziza ikabura twamamaza!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika