ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/00 rup. 8
  • Nusabe Imfashanyo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nusabe Imfashanyo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • ‘Tumako abakurambere’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Abakurambere bakora iki mw’ishengero?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ingene ishengero ritunganijwe
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 3/00 rup. 8

Nusabe Imfashanyo

1 Imvugo ngo “bigoye” yahumetswe iradondora mu buryo bubereye ibihe turimwo bibi. (2 Tim. 3:1) None ni igiki ushobora kugira igihe uhuye n’urugamba rutoroshe rwo mu buryo bw’impwemu ku buryo wumva ko udakwije ibisabwa kugira ngo uhangane na rwo?

2 Woshima kubibwira abahumuye mu vy’impwemu bo mw’ishengero? Bamwebamwe boshobora kugonanwa kubera ukwumva bamaramaye, badashaka guhadikiriza, canke bakekeranya yuko ata n’umwe mu vy’ukuri ashoboye kubafasha. Ego ni ko, dukwiye kugwa tuvyuka kugira ngo twitwararike mu buryo bwiza dushoboye amabanga atwega, mugabo dukwiye nantaryo kwumva dufise umwidegemvyo wo kurondera imfashanyo mu bintu vyose bijanye n’ukumererwa neza kwacu kwo mu vy’impwemu.—Gal. 6:2, 5.

3 Aho Wotangurira: Hari aho woshima kwegera umurongozi w’inyigisho y’igitabu ukukira hanyuma ukamubaza ko woshobora gukorana na we mu murimo wo mu ndimiro. Ivyo bizoguha akaryo ko kumubwira ivyerekeye icipfuzo ufise co gukura mu vy’impwemu. Nimba ari umukozi w’ishengero, numumenyeshe ko ukeneye imfashanyo yo mu vy’impwemu, na we azosaba abakurambere bagusahirize. Canke urashobora kwegera uwo ari we wese mu bakurambere ku vyerekeye ibintu bikuraje ishinga.

4 Ukeneye imfashanyo bwoko ki? Hoba hari ikintu cagabanije umwete wari ufise? Woba uri umuvyeyi areze umuryango ari wenyene ukaba ugerageza kuguma wegereje abana bawe ishengero? Woba uri umuntu ageze mu zabukuru akeneye gusahirizwa? Canke hoba hari ingorane kanaka iriko irakuvuna intege? Kwihanganira ibihe bigoye turimwo bishobora kugora, ariko si ibidashoboka. Imfashanyo irahari.

5 Ukuntu Abantu b’Inararibonye Bafasha: Abakurambere mu vy’ukuri baritwararika. Bazotega ugutwi ibikuraje ishinga. Nimba hari abandi bamamaji bahura n’intambamyi zisa n’izo muhura, abakurambere ivyo ntibazovyirengagiza igihe baragira bongera bigisha ishengero. Nk’ “ivyitegererezo vy’ubusho,” baguma bafise umutima ukunze wo gukorana nawe banezerewe. (1 Pet. 5:3) Kwumviriza abo bavukanyi bazi utuntu n’utundi igihe bazirikana ku ngingo ngenderwako za Bibiliya birashobora gutuma uryohora ubusuku bwawe kandi bikagusahiriza mu buzima bwawe.—2 Tim. 3:16, 17.

6 Yezu yaraduhaye “ingabirano zigizwe n’abantu” (Ef. 4:8, NW, akajambo k’epfo.) Ivyo bisigura yuko abakurambere bariho kugira ngo bagusahirize. Bariteguriye kugufasha. Mu vy’ukuri ni nk’ ‘abanyu.’ (1 Kor. 3:21-23) Nuko rero aho gutinyatinya, nuvuge ata bwoba. Nusabe imfashanyo ukeneye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika