Woba Uri Umwamamaji w’Ubwami Adahorereza?
1 Twese twaranezerejwe no kumenya yuko hari abamamaji barenga 37.300 mu bihugu bitandatu bihagarikiwe n’Ishami rya Kenya gushika muri Myandagaro 1999. Ico ni igitigiri c’agaheta kitari bwigere gishikwako. Vy’ukuri ni utwigoro twashizwe hamwe kandi twagiranywe umwiyemezo! Biboneka ko bamwebamwe muri abo bamamaji bagize ingorane zo kuba abamamaji b’Ubwami badahorereza. Mu mashengero amwamwe ukudahorereza kwarasubiye hasi gushika kuri 86 kw’ijana. Ivyo vyerekana yuko igitigiri kitari gito c’abamamaji batatanze raporo y’uruhara bagize mu gikorwa ku kwezi kumwekumwe. Twiyumvira yuko indemesho zikurikira zishobora gufasha gutunganya ivyo bintu.
2 Nukenguruke Ako Gateka: Dukwiye kugira ugukenguruka gushika kure ku bw’agateka dufise ko kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami. Ico gikorwa gituma umutima wa Yehova unezerwa, kandi bigafasha ab’imitima nzirabugunge kumenya inzira y’ubuzima. (Imig. 27:11; 1 Tim. 4:16) Ugushinga intahe ubudahorereza birubaka ukumenya utuntu n’utundi kwacu mu busuku, kandi bigatuma tugira inyiyumvo y’umunezero n’iyo kwumva ko hari ico twashitseko.
3 Ba Utanga Raporo y’Igikorwa: Bamwebamwe mu bagira uruhara mu murimo wo mu ndimiro barafata minenegwe ivy’ugutanga raporo y’igikorwa cabo ku gihe. Ntidukwiye kwigera twumva yuko akigoro twagize kadakwiriye ko tugatangira raporo. (Gereranya na Mariko 12:41-44.) Ivyo ari vyo vyose, dukwiye gutanga raporo y’ivyo twakoze! Ukugira uburyo ukurikiza i muhira nk’ugukoresha ikirangamisi, kugira ngo uze urandika umwanya wamaze mu gikorwa, bizoza biragufasha kugira ngo ugume wibuka kuzoca utanga raporo y’ukuri ku mpera y’ukwezi kumwekumwe kwose.
4 Nutange Imfashanyo Ikenewe: Indinganizo z’aho iwanyu zoshobora kuryohorwa kugira ngo musahirize abakeneye imfashanyo mu vyo kugira uruhara ruri n’ico ruvuze mu busuku. Umunyamabanga w’ishengero hamwe n’abarongozi b’inyigisho y’igitabu bakwiye kuringaniza ibintu kugira ngo abamamaji babimenyereye baterere agacumu k’ubumwe. Nimba ufise abana canke abandi batohoji ba Bibiliya b’abamamaji batarabatizwa, nubamenyereze gutanga raporo zabo z’igikorwa ku kwezi ku kwezi.
5 Niwibuke inkuru imwe yerekeye ubuzima yanditse mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1997 ku kiganiro kivuga ngo “Turakenguruka ku bw’Ubuzima Burebure Twamaze mu Murimo wa Yehova.” Umuvukanyikazi Ottilie Mydland wo muri Noroveje yabaye umwamamaji adahorereza w’inkuru nziza imbere y’ukubatizwa kwiwe mu 1921. Inyuma y’imyaka mirongo irindwi n’itandatu, afise imyaka 99, yavuze ati: “Ndi n’urweze kubona bigishoboka ko mba umwamamaji adahorereza.” Ese ukuntu iyo ari inyifato nziza igitangaza abasavyi ba Yehova bose bokwigana!