Ishaka Rivyurira Abenshi Ingiro
Intumwa Paulo yarakeje Abanyakorinto kubera ishaka bari bafitiye igikorwa ciza ryari ‘ryateye umwete benshi’ mu Bakirisu bagenzi babo. (2 Kor. 9:2) Kenshi usanga umuntu, umuryango, umugwi w’inyigisho w’igitabu, canke ishengero uko ringana bishobora kugira ico bikoze nk’ukwo nyene mu kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Ngubu uburyo bumwebumwe woba ushobora kugaragarizamwo ishaka mu gikorwa co mu ndimiro.
◼ Niwibikire imisi ya Gatandatu ibe Imisi y’umurimo yo Gushikirizako Ibinyamakuru.
◼ Nugire uruhara mu gihe kinaka mu murimo wo mu ndimiro ku misi y’Iyinga.
◼ Nugire uruhara mu gushinga intahe ku mugoroba aho bishoboka.
◼ Niwitabe imisi yose idasanzwe y’ugushinga intahe itegekanywa.
◼ Nukoreshe akaruhuko ko ku kazi canke ko kw’ishure mu kuja mu ndimiro.
◼ Nushigikire igikorwa mu gihe c’ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko.
◼ Nukore ubutsimvyi bw’ugufasha ukwezi kumwe canke menshi mu mwaka.
◼ Nimba bishoboka, nuhindure uko ivyawe vyifashe kugira ngo ukore ubutsimvyi bw’intahorereza.
Raba Annuaire des Témoins de Jéhovah 2000, urupapuro rwa 17-19.