“Ivyo Mukora Vyose Mubikorane Urukundo”
1 “Abanywanyi banyu barahimbaye koko; bari n’ubugwaneza n’urupfasoni biri ku rugero rwo hejuru.” Ayo majambo yavuzwe n’ibiro biraba ivy’amateraniro n’abashitsi vyo mu gisagara co muri Leta Zunze Ubumwe cabereyemwo rimwe mu materaniro yacu y’intara. Turezwa umutima no gushimwa mwene ukwo kubera uburyo twigenza mu bantu. Ivyo birerekana yuko twese dufatiwe hamwe turiko ‘turakora vyose tubikoranye urukundo.’ (1 Kor. 16:14) Yamara, hariho ibintu bimwebimwe biraje ishinga bizotyoza izina ryiza ry’abantu b’Imana igihe bitovirwa hasi.
2 Ingorane z’ivy’Ukubikisha Uburaro: Mu gisagara kimwe cose kiberamwo iteraniro, Urwego Rujejwe Uburaro rurashingwa kugira ngo ruturonse uburaro. Abavukanyi bacu barakoresha umwanya utari muto kandi bakagira n’utwigoro duhambaye ku bwacu.
3 Ugufutisha ivyumba ku munuta wanyuma kuratera ingorane zikomeye amahoteli hamwe n’iringanizwa ry’amateraniro yacu. Amahoteli arabikira abitavye iteraniro ryacu igitigiri kinaka c’ivyumba kandi bagaca biyumvira ko vyose vyamaze kwuzura, bakaja babona ivyumba biragaragara mu kiringo c’iteraniro. Vyongeye, amahera y’ijoro rimwe ategerezwa gutangwako ingwati ku cumba cose cabikijwe. Gutyo bizotuma tugumana ivyumba vy’abashitse bacerewe.
4 Nimba ucumbikiwe mu ndaro canke mu mashure, turakwinginze wiyubare kugira ngo ntutekere muri izo nyubakwa. Hoshobora kwaduka impanuka y’umuriro kandi ivyo vyokwega ingorane nyinshi.
5 Dukorere Ivyiza Abantu Bose: Kwifata rupfasoni hamwe no kuba intangakarorero mu vy’ukwigenza neza tubiterwa n’urukundo dukunda Yehova n’urwo dukunda bagenzi bacu. (Mat. 22:37-39; Yak. 3:13) Bibiliya iraduhimiriza kuba abanyarukundo ku bantu bose no kubitwararika. (Gal. 6:10) Iyo ngingo irakora ata gukekereza igihe ducumbitse mu mahoteli, mu ndaro canke mu mashure. Ukudashaka gusenyera ku mugozi umwe n’abandi kuranduza izina ryacu, kukabangamira indinganizo yacu y’ivyo kugabanirizwa ibiciro, kandi bigatuma abavukanyi bicuza. Hamwe ihoteli yoshinga ingingo yo kutazosubira kutugabaniriza ibiciro, ivyo vyoshobora kugira ingaruka mbi ku bandi bitaba iteraniro muri ico gisagara, na canecane mu gihe badashoboye kuriha ihoteli.
6 Igihe icumba umuntu yashimye kibitswe hakiri kare hanyuma kigahebwa ku munuta wa nyuma, ivyo bisigura yuko uwundi muvukanyi yatswe uburenganzira bwo kukironka igihe yagerageza kubikisha. Ivyo vyoshobora gusaba ko afata urundi rugendo canke ko yemera kurara ahantu hatameze neza. Mbega twumva none ukwo kwoba ari ugukunda abandi canke kubitwararika? Ese ukuntu vyoba vyiza kuruta tugaragaje urukundo kandi tukagirira abandi ivyiza mu kuzirikana ineza yabo aho kwiyumvira ivyacu gusa!—Mat. 7:12; Yoh. 13:34, 35.
7 Twiteganye igishika kuzokwitaba Iteraniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana.” Woba waragize imyiteguro yose, harimwo no kubikisha ibibanza mw’ihoteli hamwe n’ibijanye n’urugendo? Ese uko twigenza mu mahoteli, mu ndaro hamwe no mu mashure yo mu gisagara kiberamwo iteraniro kwokwama kugaragaza ukuri kuri mu mitima yacu be n’urukundo dukunda Umuremyi wacu!