ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/00 rup. 7
  • Akumba k’Ibibazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akumba k’Ibibazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ntukibagire abahororokewe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Nimungarukeko”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nubafashe bagaruke mu maguru masha!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Urashobora kuremesha uwahororokewe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 11/00 rup. 7

Akumba k’Ibibazo

◼ Ni gute umuntu amaze igihe kirekire yarahororokewe ashobora gufashwa kugira ngo asubire gukwiza ibisabwa bwa mwamamaji w’inkuru nziza?

Igihe umuntu yahororokewe atanze ikimenyamenya c’uko afise icipfuzo kivuye ku mutima co gusukurira Yehova, iyo ni imvo yotuma haba umunezero. (Luka 15:4-6) Bishoboka yuko uwo muntu yaretse ukurwanywa canke imikazo y’ubuzima ikamutwara ikibanza c’ukwiyigisha, ukwitaba amakoraniro, be no kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Ni gute umuntu ku giti ciwe ashobora kumufasha mu buryo bwiza kuruta kugira ngo azogire iterambere ryo mu buryo bw’impwemu?

Twese dukwiye kwibwiriza kumusubiriza umutima mu nda yuko tumufitiye urukundo nyakuri rwa gikirisu. Abakurambere bazokwihutira kumenya ibintu binaka akeneye mu buryo bw’impwemu. (Yak. 5:14, 15) Nimba haciye igihe gito ahororokewe, ugusahirizwa n’umwamamaji abimenyereye kwoshobora kuba ari kwo gusa gukenewe kugira ngo uwo muntu avyukirize umurimo wo mu ndimiro. Ariko rero, nimba uwo yahororokewe atari amaze igihe kirekire yifatanya n’ishengero, birumvikana ko hazokenerwa kumbure imfashanyo irushirije. Kugira ngo umuntu yubake ukwizera no gukenguruka, bishobora kuba vyiza agiriwe inyigisho ya Bibiliya mu gisohokayandikiro kibereye. Muri ico gihe, umucungezi w’umurimo azoringaniza ivy’uko umwamamaji abishoboye arongora iyo nyigisho. (Heb. 5:12-14; raba Igikorwa Dukorera Ubwami co mu kwezi kwa Munyonyo 1998 Inyishu ku Bibazo Vyanyu.) Nimba uzi umuntu akeneye imfashanyo nk’iyo, nubibwire umucungezi w’umurimo mw’ishengero ryanyu.

Imbere yo gusaba umuntu amaze igihe kirekire yarahororokewe ngo asubire kugira uruhara mu busuku, vyoba vyiza abakurambere babiri babonanye na we kugira barabe niba akwije ibisabwa bwa mwamamaji w’Ubwami. Bazokurikiza uburyo bumwe n’ubukurikizwa mu gihe bariko barabonana n’abashasha barondera gukwiza ibisabwa bwa bamamaji b’inkuru nziza. (Raba Umunara w’Inderetsi [mu Gifaransa] wo ku wa 15 Munyonyo 1988 urupapuro rwa 17.) Uwo muntu yahororokewe akwiye kuba yipfuza n’ubwira gusangira n’abandi inkuru nziza. Arakeneye kandi gushitsa ivyo asabwa vy’ishimikiro biri mu gitabu Notre ministère urupapuro 98-99 no kwitaba amakoraniro y’ishengero adahorereza.

Kugira akamenyero keza k’ivy’impwemu bizofasha cane uwo yagarutse gukomeza no kuzigama ubucuti bwiwe bw’agaciro afitaniye na Yehova no kuguma agendera mu nzira ijana mu buzima budahera. (Mat. 7:14; Heb. 10:23-25) Abandanije “[gu]shiruk[a] umwete wose” no gutsimbataza kamere ntahara za gikirisu bizomukingira ntazokwigere yongera kuba “[umu]nyabute canke ingumba” ari umwigishwa w’Umukirisu.—2 Pet. 1:5-8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika