Nutinye Yehova Umusi Wose
1 “[Gutinya Yehova] n’itanguriro ry’ubgenge.” (Zab. 111:10) Gutuma dukora ibikorwa vyiza kandi kukadufasha kwirinda ikibi. (Imig. 16:6) Ukwo gutinya ni ukwibanga Umuremyi wacu gushika kure, kudusunikira kwirinda kumushavuza no kumugambararira. Ni ikintu dukeneye gutsimbataza no kugaragaza umusi wose.—Imig. 8:13.
2 Ku musi ku musi, agatima k’isi ya Shetani karadushirako umukazo ukomeye kugira ngo duhuze n’inzira zayo mbi. (Ef. 6:11, 12) Umubiri wacu w’agasembwa ni umunyacaha kandi mu bisanzwe uhengamiye ku kibi. (Gal. 5:17) Kubera ico, kugira ngo tugamburuke ivyagezwe vya Yehova, tugire ubuhirwe, kandi turonke ubuzima, dutegerezwa kumutinya umusi wose.—Gus. 10:12, 13.
3 Mu Baheburayo 10:24, 25 hadukebura gutororokanira hamwe kugira ngo turemeshanye, ‘tukarushiriza kubigenza gutyo’ muri ibi bihe tubayemwo. Kwitaba amakoraniro ubudahengeshanya birahambaye nimba dushaka kurokoka iyi misi y’iherezo. Ugutinya gushavuza Imana kwacu kudusunikira kwitaba amakoraniro no guha agaciro intumbero yayo mu buryo buri hejuru. Abatinya Imana babona yuko kugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu ari agateka keranda.
4 Kugamburuka itegeko ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ni ubundi buryo tugaragazamwo ko dutinya Imana. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 10:42) Intumbero nyamukuru y’igikorwa cacu co kwamamaza ni ugufasha abandi gutsimbataza ugutinya Yehova no kworohera ivyo agomba. Ivyo tubishitsa mu gusubira kugendera abantu, mu kwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, hamwe rero no mu kwigisha abandi ivyagezwe vy’Imana vyose. Gutyo, tuba tugaragaje yuko dutinya Yehova kandi ko dukunda bagenzi bacu.—Mat. 22:37-39.
5 Abadatinya Imana barananirwa gutsimbataza inyifato yo gukenguruka ibintu vy’impwemu, maze bagatwarwa n’akayaga k’iyi si kica, canke inyifato y’umuzirikanyi. (Ef. 2:2) Ese ukwiyemeza kwacu gushikamye kwoba ukwo “[gu]korera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya.” (Heb. 12:28) Gutyo tuzokwimbura imihezagiro abatinya Yehova baronka umusi wose.