ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/00 rup. 1
  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Niwumvirize inyishu z’ibi bibazo
    Programa y’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu 2018-2019 ririmwo umucungezi w’umuzunguruko
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 12/00 rup. 1

Woba Wamamaza Ushize Amanga?

1 Naho Petero na Yohani bafashwe kandi bakageramirwa n’ababarwanya, barabandanije gutangaza ubutumwa bw’Ubwami bashize amanga. (Ivyak. 4:17, 21, 31) Bisigura iki kuri twebwe muri iki gihe kwamamaza dushize amanga?

2 Gushinga Intahe Dushize Amanga: Icitiranwa c’ “ugushira amanga” ni “ugutinyuka,” bisigura kugira “ukudatinya gushikamye, ukurinda, be n’ukwihangana.” Ku Bakirisu b’ukuri, kwamamaza bashize amanga bisigura kutagira ubwoba bwo kuvuga igihe cose hari akaryo kabereye ko kubwira abandi inkuru nziza. (Ivyak. 4:20; 1 Pet. 3:15) Bisigura yuko tudaterwa isoni n’inkuru nziza imbere y’abandi. (Zab. 119:46; Rom. 1:16; 2 Tim. 1:8) Kubera ico, ubushizi bw’amanga ni kamere dukeneye kugira ngo turangure ibanga twashinzwe ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami muri iki gihe c’iherezo. Buradusunikira kubwira inkuru nziza abantu aho dushobora kubasanga hose.—Ivyak. 4:29; 1 Kor. 9:23.

3 Ubushizi bw’Amanga kw’Ishure: Mbega impengamiro yo gutinya canke kugira isoni yoba ituma bikugora kubwira inkuru nziza abo mwigana? Rimwe na rimwe ntivyoroshe; kukaba nk’ako, bishobora kuba urugamba nya rugamba. Ariko rero, Yehova azogukomeza niwasenga umusaba ubushizi bw’amanga kugira ngo ubwire inkuru nziza abandi. (Zab. 138:3) Ubushizi bw’amanga buzogufasha kwerekana ko uri Icabona ca Yehova no kunanira ugucokorwa. Ukwamamaza kwawe kw’ishure gushobora gutuma abakwumviriza barokoka.—1 Tim. 4:16.

4 Ubushizi bw’Amanga ku Kazi: Ku kazi boba bazi yuko uri Icabona ca Yehova? Uburyo rudende inkuru nziza ishobora gushika ku bo mukorana bushobora kuba ubw’uko ubabarira inkuru nziza. Ugushira amanga kwawe kuzogufasha kandi kurondera umwanya w’amakoraniro n’amahwaniro yawe ya gikirisu.

5 Gushira Amanga mu Gihe c’Ibigeragezo: Kugira ubushizi bw’amanga birahambaye mu gihe duhanganye n’ukurwanywa. (1 Tes. 2:1, 2) Biradufasha kwumira ku kwizera kwacu igihe duhuye n’iterabwoba, ugucokorwa, canke uruhamo rweruye. (Flp. 1:27, 28) Biraduha inguvu zo guhagarara dushikamye mu gihe c’umukazo wotuma tudohoka ku ngingo ngenderwako z’Imana yacu, Yehova. Biradukomeza tukaguma turi indemeshamahoro igihe abandi bandurukije imitongano.—Rom. 12:18.

6 Intambamyi izo ari zo zose duhangana ubwacu na zo, ese twokomera ku muheto mu kwamamaza inkuru nziza dushize amanga.—Ef. 6:18-20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika