Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata’
1 Imishamvu y’imbere n’inyuma y’Icibutso ni igihe ku basavyi ba Yehova co kuzirikana. Ico ni igihe co gukubita agatima mpembero ku vyo urupfu rwa Yezu rwaranguye no kurimbura icizigiro cacu twahawe n’Imana cashobotse kubera amaraso ya Yezu yasheshwe. Usubije amaso inyuma kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza ry’umwaka uheze, n’igiki kikuza mu muzirikanyi? Woshobora kwibuka abantu wabonye kuri uwo mugoroba? akayaga keza k’ivy’impwemu kari kuri ico Cibutso? ikiganiro c’ivya Bibiliya gishika kure be n’amasengesho avuye ku mutima? Kumbure wariyemeje kugaragaza bimwe vyuzuye kuruta ugukenguruka kwawe gushika kure ku bw’urukundo Yehova na Yezu bakugaragarije. Ni mu buhe buryo ukuzirikana mwene ukwo kugira ico kugukozeko ubu?
2 Biragaragara yuko abasavyi ba Yehova baserura ugukenguruka kutari ukwo mu majambo gusa. (Kol. 3:15, 17) Na canecane mu kwa Ndamukiza kw’umwaka uheze, ku rugero rudasanzwe, twararondeye kwerekana ugukenguruka dufitiye intunganyo za Yehova zerekeye ubukiriro biciye ku kwitanga mu busuku bwa gikirisu. Abatsimvyi bafasha baharuwe mu bihumbi n’ibihumbi, muri Afirika yo mu Buseruko bakaba bararenze nk’ibice 48 kw’ijana ku gitigiri c’agaheta caheruka. Akigoro kabo, hamwe n’ak’abandi bamamaji b’Ubwami, kavuyemwo igitigiri gishasha c’agaheta mu masaha, mu binyamakuru bashikirije hamwe no mu masubirayo. Umunezero wacu wariyongereye mu kubona inyigisho za Bibiliya nshasha ibihumbi n’ibihumbi zaratangujwe no mu kubona igitigiri gishasha c’agaheta c’abitavye Icibutso!
3 Si ivy’imbeshere, kuba ata mazinda tugira ku vyerekeye icizigiro cacu biradusunikira ku kugira ico dukoze. Ni nka kumwe nyene intumwa Paulo yandika ati: “Kukw igituma dutama tukāma mu ntambara ar’uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w’abantu bose, cane-cane w’abizera.”—1 Tim. 4:10.
4 Muri iki kiringo c’Icibutso, uzogaragaza gute ukwizera kwawe mu ntunganyo za Yehova zerekeye ubuzima? Mu kwa Ndamukiza kw’umwaka uheze bwari ubwa kabiri tubona igitigiri c’abamamaji b’Ubwami kiba kinini kuruta ivyigeze kuboneka muri Afirika yo mu Buseruko. Twoba dushobora kurenza ico gitigiri mu kwa Ndamukiza kw’uwu mwaka? Birashoboka ko dushikira iyo ntumbero. Ariko, bizokenerwa yuko umwamamaji wese agira uruhara, yaba uwabatijwe canke uwutarabatizwa. Abashasha benshi bashobora na bo nyene gukwiza ibisabwa kugira bagire uruhara. Gutyo, uko utunganya ivyo gukora ugatama no kwihata mu kwa Ndamukiza kw’uyu mwaka, nurimbure uburyo ushobora kuvyurira abandi igishika, harimwo n’abashasha hamwe n’abataraca uruma, kugira ngo baguherekeze.
5 Gufasha Bamwebamwe Gusubira ku Murimo Wabo: Nimba hari bamwebamwe uzi bamaze ukwezi canke abiri bataja mu murimo wo mu ndimiro, kumbure woshobora kubaremesha kandi ukabasaba kuguherekeza mu mu murimo wo mu ndimiro. Nimba mw’ishengero hari abahororokewe, abakurambere bazogira akigoro kadasanzwe ko kubagendera no kubaremesha gusubira gutangura muri Ndamukiza.
6 Twese dutegerezwa kubandanya gusaba impwemu ya Yehova kugira idukomeze mu gikorwa yadushinze. (Luka 11:13) None ni igiki dutegerezwa gukora kugira turonke iyo mpwemu? Nidusome Ijambo ryahumetswe ry’Imana. (2 Tim. 3:16, 17) Dutegerezwa kandi ‘kwumva ico impwemu ibwira amashengero.’ (Ivyah. 3:6) Ubu ni co gihe kibereye co gufasha abararanya be n’abahororokewe kuryohora utumenyero twabo two kwiyigisha hamwe no kubafasha kwishingira ingene bokwitaba amakoraniro y’ishengero badahorereza. (Zab. 50:23) Ivyo tubikora mu gihe tugumye tugavye cane ku vyerekeye amagara meza yacu bwite yo mu vy’impwemu. Ariko kandi, hariho ikindi gisabwa.
7 Intumwa Petero yasiguye yuko Imana iha impwemu yera yayo “abayumvira.” (Ivyak. 5:32) Ukugamburuka mwene ukwo kurimwo no kwumvira itegeko ryo “kumenyesha abantu no gushinga intahe [“inogangije,” NW].” (Ivyak. 1:8; 10:42) Gutyo, naho nyene ari ivy’ukuri yuko dukeneye impwemu y’Imana ngo idukomeze kugira twamamaze, ni ivy’ukuri kandi yuko igihe dutanguye kugaragaza icipfuzo cacu co guhimbara Yehova adufasha mbere kurushiriza. Ese tutokwigera dukengera akamaro ko gutera izo ntambwe za mbere z’ukugamburuka n’umutima ukunze!
8 Gufasha Abakiri Bato: Bavyeyi, hoba hari ikimenyamenya mwoba mwarabonye c’uko abana banyu bashaka kubwira abandi ivyerekeye ukuri? Boba babaherekeza mu murimo wo mu ndimiro? Boba batanga akarorero mu kuntu bigenza? Nimba ari uko biri, ni kuki mwokwijijanya imitima? Nimwegere umwe mu bagize Komite y’Umurimo y’Ishengero, maze murabe nimba umwana wanyu akwije ibisabwa kugira ngo aharurwe bwa mwamamaji muri uku kwezi kwa Ndamukiza. (Raba igitabu Notre Ministère urupapuro rw’100-101.) Nimwemere icese yuko abana banyu bashobora guterera agacumu k’ubumwe mu buryo bukomeye mu gukoma irango ryo gushemeza Yehova muri iki kiringo c’Icibutso.—Mat. 21:15, 16.
9 Inabibondo umwe w’Umukirisu wo muri Georgia, hakaba ari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yama nantaryo aremesha agakobwa kiwe kakiri gatoyi kubwira abandi ivyerekeye Yehova. Ku mwaka uheze, igihe nya gakobwa kariko karagira uruhara mu busuku kari kumwe na nyina, karahaye umugabo umwe iboroshire Ni Ibiki Imana Idusaba? kandi karamusobanurira mu ncamake ibirimwo. Nya mugabo yakabajije ati: “Ufise imyaka ingahe?” Karamwishura gati: “Indwi.” Uwo mugabo yaratangajwe no kubona kayimushikirije mu buryo bwumvikana mwene ukwo. Vyagenze gutyo kubera yuko yari yarakuriye mu kuri mugabo akaba atari bwigere agufatana uburemere nk’uburyo bwo kubaho. Bidatevye, uwo mugabo, mukiwe hamwe n’umukobwa wiwe bari basigaye bagirirwa inyigisho ya Bibiliya.
10 Abakiri bato benshi baramaze kuba abamamaji, kandi turanezerererwa ukwifatanya na bo uko bakorana natwe mu murimo. Urwo rwaruka rurashobora kuvyurira ingiro no kuremesha abandi b’urunganwe. Ariko kandi Ndamukiza ni igihe kibereye ku bagize umuryango co gukomeza ubumwe bwabo kandi bagatsimbataza kamere y’impwemu mu gukorera hamwe mu murimo mweranda. Ba serugo bakwiye kuja imbere muri ivyo.—Imig. 24:27.
11 Gufasha Abashasha: Tuvuge iki ku vyerekeye abashasha mwigana Bibiliya? Vyoba bishoboka yuko baterera agacumu k’ubumwe muri ako kigoro kadasanzwe muri uku kwezi kwa Ndamukiza? Kumbure baragaragaje icipfuzo co kubwira abandi ivyo bariko bariga igihe mwahetura ikigabane ca 2, ingingo ya 22, canke ikigabane ca 11 ingingo ya 14 mu gitabu Ubumenyi. Nimba uriko uregereza guheza ico gitabu, nutegure ivyo kuganira ico kibazo mu buryo butomoye uko urimbura ikigabane ca 18 ingingo y’8, iyigira iti: “Kumbure ushobora kuba wumva ushashaye kubwira ivyo uriko uriga incuti zawe, abagenzi n’abandi bantu. Nkako, ushobora kuba waratanguye kubigira, nk’uko nyene na Yezu yabwira inkuru nziza abandi igihe akaryo kaba kizanye. (Luka 10:38, 39; Yohana 4:6-15) Hari aho ubu woba ushaka kurushiriza.” Ivyo vyoba ari ko biri ku bo muriko murigana?
12 Umwigishwa wawe yoba yemera Ijambo ry’Imana? Yoba ashira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya? Ubuzima bwiwe yoba yarabuhuje n’ingingo mfatirwako z’Imana? Yoba yitaba amakoraniro y’ishengero? Yoba ashaka gusukurira Yehova Imana? None ni kubera iki utomuremesha kuganira n’abakurambere kugira bashinge nimba akwije ibisabwa kugira acike umwamamaji atarabatizwa mugaheza mugakorana muri Ndamukiza? (Raba igitabu Notre Ministère urupapuro rwa 98-100.) Muri ubwo buryo arashobora gutangura kwibonera ubwiwe ukuntu ishirahamwe rya Yehova rizomushigikira mu twigoro twiwe azogira two gusukurira Yehova.
13 Ego niko, abatohoji bamwebamwe batera imbere ningoga na ningoga kuruta abandi. Kubera ico, mu buryo buhuye n’ubuyobozi dusanga mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2000 urupapuro rwa 4 ingingo ya 5-6, benshi bariganye igitabu kigira kabiri n’abantu mu ntango bagaragaje ugushimishwa mugabo bari bakeneye iyindi mfashanyo kugira ngo bifatanye natwe mu buryo burangwa n’umwete. Ntitwigera dutakaza icizigiro c’uko abo bantu b’imitima nziraburyarya bazocika abayoboke nyakuri ba Kirisitu, “haba mu gihe kigufi canke mu gihe kirekire.” (Ivyak. 26:29, NW) Yamara, nimba igitigiri c’amezi umaze wigana n’abantu mwene abo kidondorwa neza ko ari “ikiringo kirekire,” mbega none iki kiringo c’Icibutso nticoshobora kubera umutohoji wawe akaryo keza ko gutangura kugaragaza ugukenguruka kwiwe incungu ya Kirisitu kugera kure?
14 Uburyo bwo Kubafasha Kugira Uruhara: Turiga vyinshi ku vyerekeye ugufasha abakwije ibisabwa ngo batangure kuja mu busuku, mu gusuzuma ukuntu Yezu yamenyereje abandi. Ntiyapfuye kubona ishengero ryinshi ngo ace abwira intumwa ziwe gutangura kuvuga. Yabanje gushimika ku vy’uko igikorwa c’ukwamamaza cari gikenewe, araremesha agatima karangwa n’ugusenga, maze abaha ibintu bitatu vy’ishimikiro: uwo bajana, igikebere c’icibare hamwe n’ubutumwa. (Mat. 9:35-38; 10:5-7; Mrk. 6:7; Luka 9:2, 6) Urashobora kugira nk’ukwo nyene. Nimba uzoba uriko urafasha umwana wawe bwite, umutohoji mushasha, canke uwundi muntu amaze igihe kinaka adatanga raporo n’imwe y’igikorwa, vyoba bibereye kugira akigoro kadasanzwe ko gukurikirana intumbero zikurikira.
15 Nushimike ku Bikenewe: Nushire muri nya muntu akamaro k’igikorwa c’ukwamamaza. Nubone yuko ivyo bishoboka. Niwigane ivyabaye vyerekana ivyo ishengero ririko rirarangura mu busuku. Nugaragaze agatima Yezu yaseruye muri Matayo 9:36-38. Nuremeshe uwo yitezwe kuzoba umwamamaji canke uwahororokewe kugira asenge ku vyerekeye uruhara rwiwe bwite mu busuku hamwe n’ukuroranirwa kw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.
16 Nuremeshe Uwo Muntu Kwiyumvira Ivyerekeye Uturyo Twinshi Turiho two Gushinga Intahe: Nucishemwo akaryo ko kwikoranya n’umurwi w’igitabu ku vyerekeye gushinga intahe inzu ku nzu. Nuvuge ivyo kuyaga n’abaryango hamwe n’abo bazinanye canke kuganira n’abo bakorana kibure abo bigana, mu kiringo co kwivuna umusase. Igihe umuntu ari ku rugendo mu buryo bwunguruza abantu, arashobora gutanguza ikiyago biciye gusa ku kwereka abo basangiye urugendo yuko ubwiwe abitwararika. Igihe tuvyibwirije, ivyo kenshi biratanga akaryo ko gushinga intahe nziza. Vy’ukuri, hariho ibihe vyinshi vyo kubwira abandi icizigiro cacu “uko bukeye.”—Zab. 96:2, 3.
17 Ariko rero, wewe n’uwo mwamamaji mushasha kumbure vyobabera vyiza gukorana inzu ku nzu hakiri kare bishoboka. Nimba warishiriyeho intumbero yo kwongereza umurimo wawe muri Ndamukiza, nubaze uwujejwe ivyibare nimba hariho icibare coba kibereye. Nimba kiriho, ivyo bizokuronsa uturyo two kugikoreramwo bimwe binogangije. Nk’akarorero, igihe urangije umurimo wawe canke ufashe urugendo uja ku makoraniro kibure ahandi hantu, woshobora kubona yuko umuntu kanaka ari ku muhana aho utasanze umuntu ubuherutse canke ahari uwari yagaragaje ugushimishwa. Nimba bibereye, nuhicishe gatoyi mu gihe vyorushiriza kuba kirumara. Ivyo na vyo bizoterera agacumu k’ubumwe ku kwiyumvamwo ko hari ico urangura no ku munezero wo mu busuku.
18 Nutegure Ubutumwa Bukwegera: Umuntu ntakwiye kwipfuza gusa kugira uruhara mu butumwa bw’Ubwami, mugabo kandi akwiye kwiyumvamwo yuko yizigiye uburyo bwiwe bwo kububwira abandi, na canecane nimba ari mushasha canke yari amaze igihe kirekire adasohoka mu murimo. Gufasha abashasha n’abahororokewe kwitegura si umwanya w’impfagusa. Amakoraniro y’Umurimo n’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro arashobora gutanga ivyiyumviro kirumara, mugabo ivyo ntibisubirira ukwitegura kw’umuntu ubwiwe.
19 Ushobora gute gufasha abashasha kwitegurira umurimo? Nutangurire ku majambo yo gushikiriza ikinyamakuru, agume yoroshe kandi ari magufi! Nubasabe kwiyumvira ivyerekeye ibintu bivugwa mu makuru vyoba biraje ishinga abo mu cibare, maze utore iciyumviro muri kimwe mu binyamakuru bishasha bifitaniye isano na vyo. Nimusubiremwo iyo nshikirizo muri kumwe, maze muyikoreshe mu busuku hakiri kare bishoboka.
20 Nidutsimbataze Ubushobozi Dufise bwo Kugira Iyongerekana Muri Kazoza: Mu mwaka uheze abitavye Icibutso kw’isi yose barenga 14.800.000. Igitigiri c’abamamaji batanga raporo carenze gusa imiliyoni zitandatu. Ivyo bisobanura yuko abantu imiliyoni nk’8.800.000 bashimishijwe bihagije kugira baze kuri iyo porogarama idasanzwe aho bumvise imwe mu nyigisho nyamukuru ziri muri Bibiliya isobanurwa. Barashoboye kumenya neza bamwebamwe muri twebwe, ivyo bigasa n’uko vyagize iciza bibakozeko. Benshi muri bo baratuvuga neza cane, bagaterera agacumu k’ubumwe ku gikorwa turangurira kw’isi yose, kandi bakatuburanira imbere y’abandi. Uwo mugwi munini ugereranya ubushobozi bw’uko hazoba iyongerekana muri kazoza. Twokora iki kugira tubafashe kugira iterambere risumbirije?
21 Benshi mu bashasha bitaba Icibutso babigira bivuye ku butumire biherewe buvuye kuri umwe muri twebwe. Mu bisanzwe, ivyo bisobanura yuko bafise n’imiburiburi umuntu umwe bazinanye mu bumviriji. Mu gihe umuntu yitavye bivuye ku butumire bwacu, tuba dufise ibanga ryo gutuma yumva yuko yisanze no kumufasha kwungukira bimwe vyuzuye kuri iyo porogarama. Kubera yuko ingoro izoba irimwo abantu benshi, numufashe kuronka aho yicara. Numutize Bibiliya, kandi umusabe musangire igitabu cawe c’indirimbo. Numwishure ikibazo ico ari co cose yoshobora kubaza. Ukumwitwararikana igishika kwawe bwite gushobora kuba ikintu gihambaye mu gutsimbataza ugushimishwa kwiwe. Birumvikana, twese turasangiye iryo banga—nimba tubonye umuntu tutamenyereye, numuhe ikaze bimwe biranga igishika kandi muyage akanya gatoyi kugira umumenye.
22 Ukwitaba Icibutso birashobora kugira ikintu kiboneka bikoze ku buryo umuntu yiyumvira. Kuba yaje ku makoraniro vyoshobora gutanga iciyumviro c’uko atubuye ahandi hantu ico ariko ararondera, kandi yuko dushikiriza ikintu yumva akeneye kurushiriza gusuzuma yitonze. Isobanurwa ry’iyo ntunganyo nziza igitangaza y’incungu ryoshobora kuba ikintu cimbitse gihishurira umuntu adafise iciyumviro na kimwe ku vyerekeye urukundo rwa Yehova rw’akaburarugero. Yoshobora guca abona yuko tumeze ukundi—ko tutagira uburyarya, dufise agatima k’ubugenzi, dukundana, kandi twubahana. Ingoro yacu ntirimwo ibintu bimeze nk’ivyo yoshobora kuba yarabonye mu masengero arimwo amashusho kandi akagiriramwo imihango idafise ico isobanuye. Nta mazinda yuko abashasha bazobona ko abumviriji bagizwe n’abantu bo mu nzego zose zo mu kibano kandi yuko ata mahera atozwa. Ukwo kuntu ibintu bimeze kurashobora kuba ikintu gikomeye cotuma bagaruka.
23 Inyuma y’Icibutso, umuntu akwiye kuhagabira kugira abandanye gusahiriza umuntu mushasha wese yari yitavye. Nimba hari abashasha watumiye, uri n’ibanga ridasanzwe. Imbere y’uko bataha, nurabe neza yuko bazi ivyerekeye ayandi makoraniro agirirwa muri iyo Ngoro y’Ubwami. Nuvuge umutwe-shimikiro w’insiguro y’icese izokurikira. Nubamenyeshe ahantu hafi y’iwabo habera Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero hamwe n’igihe iberako. Mu nyuma, nubaronse iboroshire Intwaro, kandi ubamenyeshe yuko mu ndwi itangura ku wa 30 Ndamukiza tuzokwiga ibiri ku rupapuro rwa 20-23. Nusobanure igituma ishengero ryose bariko bararinganiza ivyo kwitaba ihwaniro ry’intara rizobera ahabegereye ritegekanijwe vuba.
24 Nuringanize ivyo kubagendera kigenzi ku mihana yabo. Nurabe neza yuko bafise boroshire Ni Ibiki Imana Idusaba? n’igitabu Ubumenyi, ibibamenyesha inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Nimba bataratangura gutohoza, nubasabe kubagirira inyigisho ya Bibiliya. Nubagire inama yo gusoma ya boroshire Les Témoins de Jéhovah (Ivyabona vya Yehova), iyivuga mu buryo butomoye ukuntu dukora bwa shirahamwe. Nubatumire kuraba amavidewo yacu, nka ya yindi Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi). Nubaringanirize ivyo kubonana n’abandi bo mw’ishengero. Mu mezi ari imbere, nubandanye kubonana n’abashasha; ubatumire bitabe amakoraniro igihe umucungezi w’umuzunguruko azobagendera canke igihe mufise iteraniro ry’umuzunguruko canke umusi w’iteraniro ridasanzwe. Nubaronse uturyo twose kugira bagaragaze ubwabo yuko “bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera”!—Ivyak. 13:48, NW.
25 Ico Abakurambere Bashobora Gukora: Ukuroranirwa kw’akigoro katavanako mu busuku muri uku kwezi kwa Ndamukiza guhagaze ahanini ku bakurambere. Nimba uri umurongozi w’inyigisho y’igitabu, nugire urutonde rw’ibintu ushobora gukora kugira ufashe umwe wese mu mugwi wawe w’igitabu kugira ngo agire uruhara mu bikorwa bidasanzwe. Hoba hariho abakiri bato, abashasha, abararanya, canke abahororokewe bakukira umugwi wawe? Nusuzume kugira urabe nimba abavyeyi babo, abatsimvyi canke abandi bamamaji boba baribwirije kubafasha. Nukore ivyo wewe ubwawe ushobora gukora vyose kugira ngo ubasahirize. Umuvukanyikazi umwe yamaze imyaka ibiri araranya mu murimo wo mu ndimiro, yaramaze amasaha arenga 50 mu busuku mu kwa Ndamukiza k’umwaka uheze. None ni igiki catumye haboneka itandukaniro kuri we? Yavuze yuko vyavuye ku kugenderwa cungere kwubaka kwagizwe n’abakurambere.
26 Abakurambere n’abakozi b’ishengero bakwiye gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo barabe neza yuko hariho icibare, ibinyamakuru be n’ibisohokayandikiro bikwiye ku bw’ukwezi kuza. Mwoba mushobora kuringaniza ayandi makoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro? Nimba bishoboka, nimumenyekanishe izo ndinganizo zidasanzwe. Ikiruta vyose, mu masengesho mutura mu bantu n’ayo mutura mwiherereye, nimusabe imihezagiro ya Yehova muri ukwo kwezi kw’iyongerekana ry’umurimo wacu w’Ubwami.—Rom. 15:30, 31; 2 Tes. 3:1.
27 Mu kwa Ndamukiza kw’umwaka uheze, muri Leta ya Karolina yo mu Buraruko, abakurambere bararemesheje vy’ukuri iyongerekana ry’umurimo mu busuku. Mu makoraniro yo mu ndwi imwimwe yose, barasavye abamamaji kurimbura mw’isengesho nimba bari gushobora kwiyandikisha bwa batsimvyi bo gufasha. Ku karyo kose, abakurambere n’abakozi b’ishengero bose bavugana igishika ivyerekeye kugira Ndamukiza ukwezi kuruta ayandi mezi yose. Ico vyavuyemwo, ibice 58 kw’ijana vy’abamamaji, ushizemwo n’abakurambere hamwe n’abakozi b’ishengero bose, barakoze ubutsimvyi muri ukwo kwezi!
28 Umunezero wo Kugira Uruhara Bimwe Vyuzuye: Ni imihezagiro iyihe yo ‘gukora tugatama no kwihata’ mu busuku? (1 Tim. 4:10) Ku vyerekeye igikorwa kirangwa umwete c’ishengero ryabo mu kwa Ndamukiza kw’umwaka uheze, ba bakurambere bavuzwe aho haruguru banditse bati: “Abavukanyi n’abavukanyikazi kenshi baravuga ivyerekeye ukuntu barushirije kugaragarizanya urukundo n’ukunywana kuva aho batanguriye gukora birushirije mu busuku bwo mu ndimiro.”
29 Umuvukanyi akiri muto atoroherwa no kugenda yaracambiwe kugira uruhara mu murimo udasanzwe wo mu kwa Ndamukiza kw’umwaka uheze. Biciye ku gutegekanya ibintu yitonze kandi afashijwe na nyina be n’abavukanyi n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu, yarinovoye ukwezi kwimbutse ari umutsimvyi wo gufasha. Yumvise amerewe gute ku vyerekeye ivyo yagize? Yavuze ati: “Bwari ubwa mbere mu buzima bwanje numva ndi nk’umuntu akomeye.”
30 Nta nkeka yuko Yehova ahezagira cane abafatana uburemere agateka kabo ko kuvuga ivy’Ubwami bwiwe. (Zab. 145:11, 12) Uko duhimbaza urupfu rw’Umukama wacu, turatahura yuko imihezagiro ku bw’ukwibanga Imana izoba mbere umusesekara muri kazoza. Intumwa Paulo yaracambirwa cane impera y’ubuzima budahera. Yamara, yari azi yuko ico kitari ikintu comutumye yirerera amaboko hanyuma ngo acizigire. Yanditse ati: “Ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.” (Kol. 1:29) Yehova abicishije kuri Yezu, yarahaye Paulo inkomezi kugira arangure ubusuku burokora ubuzima, kandi arashobora kutugirira nk’ukwo na twebwe muri iki gihe. None ivyo vyoba ari kwo bizokugendera mu kwa Ndamukiza kw’uwu mwaka?
[Box on page 3]
Ni Nde Wewe Ushobora Kuremesha Kwamamaza Muri Ndamukiza?
Umwana wawe?
Umutohoji wa Bibiliya?
Umuntu yahororokewe?