Nidukore Ivyiza Duheze Dushimwe!
1 “Usanga bibereye mu mutekano ntaribwigere mbona mu bandi bantu na bamwe.” “Birahimbaye kwakira uyu mugwi.” Ayo ni amwe mu majambo menshi mezameza yavuzwe n’abatwitegereje inyuma y’amahwaniro y’intara yo mu mwaka uheze, akaba ashimika ku kuntu tuzwi neza bwa shirahamwe. (Imig. 27:2; 1 Kor. 4:9) Ku bwa ngingo, amajambo mwene ayo ashemeza Yehova. (Mat. 5:16) Akandi karyo ntangere ko gushemeza Imana kari imbere yacu mw’Ihwaniro ry’Intara ry’uyu mwaka ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.”
2 Uko umwaka utashe tuributswa mu buryo buranga ubuntu ibijanye n’inyifato ibereye twogira ku mahwaniro. Kubera iki? Kubera yuko uko agatima, inyambaro, hamwe n’inyigenzo vy’iyi si biguma vyononekara, ntidushaka kuvyigana. Ntidushaka kandi ko izina ryiza ryacu ritukwa. (Ef. 2:2; 4:17) Nimuze rero tugumize mu muzirikanyi imburizi zikurikira.
3 Nidukore Ivyiza Turi mu Mahoteri no mu Buraro bw’Ishure: Turazwi yuko turi abantu b’inzirabugunge. (Heb. 13:18) Ni co gituma dukwiye kuvugisha ukuri ku bijanye n’igitigiri c’abantu turi kumwe aho turara. Ntidukwiye gutekera mu cumba nimba ivyo bitarekuriwe. Umukuru w’ihoteri umwe yavuze yuko yari ashoboye kugabanya ibiciro vy’ivyumba ku bw’Ivyabona vya Yehova kubera ko atigera ategerezwa kugura amaswime yatakaye. Arazi yuko inyubakwa yiwe izokwitwararikwa neza. Nta nkeka ko tutotwara “udusharizo” tw’ihoteri. Ahubwo, aho bisanzwe bigirwa, nitubasigire igitigiri kibereye c’amahera ku bw’ugushima ivyo badukoreye. Kandi nitwerekane nantaryo urupfasoni n’ukwihangana mu bintu dukorana n’abakozi b’ihoteri canke abakuru b’ishure.
4 Abatwitegereza baratangara igihe babona abakiri bato bacu bifata rupfasoni kandi bakagamburuka. (Ef. 6:1, 2) Bavyeyi, turabasavye gucungera abana banyu kugira ngo ntibagore abandi, n’igihe nyene baba bari mw’ihoteri canke mu kigo c’ishure. Twese turakwiye kwirinda gukubita inzugi canke kuvuza urwamo rwinshi, na canecane mu masaha yitereye y’umugoroba.
5 Turashobora gukora ivyiza mu kwubahiriza abashitsi batari Ivyabona tuba turi kumwe muri izo nyubakwa. Ntidukwiye kwigera twiyumvamwo yuko ari twe twenyene tudakwiye kwubahiriza ubuyobozi bw’aho hantu be n’uburyo ivyaho bigirwa.
6 Nidukore Ivyiza ku Kibanza c’Ihwaniro: Vyarabonywe ko abantu bamwebamwe bitaba ihwaniro banka gukurikira ubuyobozi bw’abakira abantu, mbere bakavugana na bo mu buryo butaranga Abakirisu. Nidukurikize amabwirizwa y’abavukanyi, kandi ntiduhagarike imiduga canke amakinga aho bitagenewe. Nta gukeka, agatima ko kwibanza ntikaranga ko umuntu akora ivyiza, eka mbere ntigatuma Yehova Imana ashemezwa. Nimuze rero tube abantu b’abanyarukundo, bihangana, kandi basenyera ku mugozi umwe.—Gal. 5:22, 23, 25.
7 Igihe turiko turarondera ikibanza co kwicaramwo, bwa bavukanyi n’abavukanyikazi ntidukwiye kubonwa turiko turiruka, dusunikana, twongera dusitana kugira ngo turonke ivyicaro “vyizavyiza.” Inyifato mwene iyo ishobora gutuma haba ugukomeretsanya. Naho twagiriwe inama y’uko tuzana imfungurwa zoroheje twokwihereza mu karuhuko ka sasita, ntibibereye ko dushira amameza aho bahagarika imiduga.
8 Nidukore Ivyiza Biciye mu Nyambaro Yacu no mu Buryo Twitunganya: Rimwe mu mahwaniro y’intara y’umwaka uheze rirangiye, umwanditsi w’ikinyamakuru kimwe co mu gisagara kimwe kinini, yanditse ati: “Kuruta ikindi kintu ico ari co cose, ukuntu Ivyabona vya Yehova ubwabo bigenjeje ni vyo vyari vyibonekeje cane. Ese ukuntu vyari ivyeza umutima kubona abantu benshi cane bigenza rupfasoni kandi n’icubahiro. Imiryango amajana n’amajana yambaye imararubanza batandukanye kw’ibara ry’urukoba no ku bwoko, bagenda bagize umurongo batekanye bagana ku kibuga c’inkino. Ukuntu bigenza kwari gutandukanye cane n’amasinzi menshi y’abantu bama batonda umurongo binjira muri ico kibuga. Mu vy’ukuri, muri rusangi Ivyabona baratandukanye cane n’amasinzi menshi y’abantu. Birakunda gushika ko haba ukwigenza nabi mu bantu. . . . Si ivy’imbeshere, iryo sinzi ry’Ivyabona rirashimishije bimwe bidasanzwe. Nimuze rero ntitwigere tureka ngo inyambaro zacu be n’ukuntu twitunganya canke uburyo twigenza ntibitume mu buryo na bumwe ka kayaga k’ivy’impwemu karanga ihwaniro kabura.—Flp. 1:10; 1 Tim. 2:9, 10.
9 Nidukore Ivyiza mu Gihe c’Ibatisimu: Ababatizwa bakwiye kuzofata ico kiringo mu buryo buranga icubahiro cinshi. Ukwambara impuzu iguma iranga urupfasoni n’igihe nyene itose, bizokwerekana ko bashima ubweranda bw’ico kiringo. Imbere y’uko bitaba ihwaniro, vyoba ngirakamaro kuruta abarongora inyigisho ya Bibiliya basuzumiye hamwe n’abigishwa babo “Ibibazo vy’Abasomyi mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Ndamukiza 1995 (mu Gifaransa).
10 Indero rupfasoni yacu n’ukwigenza nk’uko Imana ishaka birashingira intahe ukwemera kwacu kwa, gikirisu kandi bigatuma abantu b’imitima nziraburyarya boroherwa kwemera ukuri. Nimuze rero ‘tugume dukora ivyiza’ duheze dushimwe mu gihe twitaba Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.”—Rom. 13:3.