ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/01 rup. 4
  • Woba Ufungura Neza mu Buryo bw’Impwemu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ufungura Neza mu Buryo bw’Impwemu?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki kugira nze ndafungura neza?
    Urwaruka ruribaza
  • Woba uriko uraronka ‘ibifungurwa ku gihe kibereye’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Nitugure Umwanya wo Gusoma no Kwiga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ingene amajambo Yezu yavuze atuma umuntu agira ubuhirwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 10/01 rup. 4

Woba Ufungura Neza mu Buryo bw’Impwemu?

1 Baca umugani ngo: “Ubwiza buca mu kanwa.” Si ivy’imbeshere, ibintu tumenyereye gufungura biragira ico bikoze ku magara yacu n’inkomezi zacu. Kubera Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” Muri ubwo buryo, ibintu tumenyereye gufungura mu vy’impwemu biratuma turushiriza kumera neza canke nabi. (Mat. 4:4) Ku bw’ivyo none, woba ufungura neza mu buryo bw’impwemu? Woba uri umuntu yirishaguza? Woba wihutagiza mu gufungura? Canke woba uhimbarwa n’ugufata umwanya wo kwinovora imfungurwa z’ivy’impwemu wama uronka ziri ku burimbane kandi z’intungamagara?

2 Susuzuma Ivyo Ufungura: Yehova aratanga “ibifungurwa ku gihe kibereye” n’ “amazimano y’inyama zinuze” biciye kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45, NW; Yes. 25:6) Kugira ngo twungukire bimwe vyuzuye kuri izo ntunganyo mvarukundo, dutegerezwa kugira akigoro ko gufungura neza mu buryo bw’impwemu.

3 Wokwibaza ati: ‘Noba nsoma ku musi ku musi icanditswe c’umusi n’insasanuro zaco? Noba nsoma Bibiliya ku musi ku musi nongera ndayizirikanako? Noba ntegura amakoraniro y’ishengero mu kwiyigisha imbere y’igihe amayagwa azokwigwa? Noba nsoma ibisohokayandikiro vyose biheruka gusohoka, nshizemwo na vya bitabu bibiri La Prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains?’

4 Yezu yasezeranye ati: “Hahirwa [“abazi ko bakeneye ivy’impwemu,” NW] . . . Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.” (Mat. 5:3, 6) Rero nufungure neza mu buryo bw’impwemu mu kuzuza umuzirikanyi wawe n’umutima wawe ubumenyi bw’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika