ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/01 rup. 1
  • “Mbega Nokura Hehe Umwanya?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mbega Nokura Hehe Umwanya?”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Nitugure Umwanya wo Gusoma no Kwiga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Urashobora kuronka agahimbare nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 11/01 rup. 1

“Mbega Nokura Hehe Umwanya?”

1 Uko ni ko abenshi muri twebwe bakunda kwiganyira, kubera ko ubuzima bwacu bwuzuyemwo twinshi ducurumbamwo. Hari abavuze yuko umwanya ari co kintu gifise agaciro kuruta ibindi kandi ko unyaruka guhera kuruta ibindi mu vyo dutunze. Ko ari ko bimeze, ni hehe dushobora gukura umwanya wo gukora ibintu bihambaye vy’ukuri, nk’ugusoma n’ukwiga Ijambo ry’Imana?—Flp. 1:10.

2 Ikibidufasha si ukurondera aho twokura uwundi mwanya, ahubwo ni uguhitamwo ico dushaka gukora mu mwanya dufise. Twese dufise amasaha 168 ku ndwi, ayashika 100 tukaba tuyamara duhengetse umusaya hamwe no mu bikorwa. None twokoresha gute amasaha asigaye kugira tuyungukireko koko? Abanyefeso 5:15-17 haduhimiriza “ku[ta]genda nk’imburabgenge, ariko [tu]gende nk’abanyabgenge [tu]gura [umwanya] [tuw]ugwiza, . . . [kandi] [d]utahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.” Ivyo vyerekena yuko dukwiye gukoresha bimwe bikwiye akaryo kose kabonetse kugira dukore ibintu Yehova avuga ko ari ntahara.

3 Yezu yagereranije igihe cacu n’igihe ca Nowa. (Luka 17:26, 27) Abantu b’ico gihe bari bafise vyinshi bacurumbamwo mu bikorwa vy’ubuzima bwa misi yose. Ariko rero, Nowa yararondeye umwanya wo kwubaka ubwato amahero n’uwo kwamamaza. (Heb. 11:7; 2 Pet. 2:5) Gute? Mu gushira ivy’Imana igomba mu kibanza ca mbere be no mu kuyigamburukira agakora ibintu “artyo.”—Ita. 6:22.

4 Ni Igiki Gikwiye Kuza Ubwa Mbere? Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Mat. 4:4) Ku ndwi ku ndwi, turaronka ‘ingero y’ingaburo y’impwemu igihe kigeze.’ (Luka 12:42) Ivyo bisaba urutonde ruhozako rwo gusoma no kwiyigisha ubwacu kugira tubashe kwihereza ivyo vyose nimba dushaka vy’ukuri ko bitwungura. Bivuye ku gukenguruka izo mfungurwa z’ivy’impwemu, ntituzihereza ningoga na ningoga, ducisha hejuru tunyaraguritsa nk’uko umengo ni umuntu ariko afungura imfungurwa nya mfungurwa yihutagiza. Ahubwo ariho, ugukenguruka kubereye ni kwo kudusunikira ku gufata umwanya wo kwiga no kwinovora ibintu vy’impwemu.

5 Kwihereza imfungurwa z’ivy’impwemu bishobora kudushikana ku buzima budahera. (Yoh. 17:3) Birabereye guheberwa ikibanza ca mbere na mbere mu rutonde rwacu rwa misi yose. Twoba dushobora kuronka akanya kugira dusome Bibiliya ku musi ku musi kandi tugategura amakoraniro ya gikirisu? Egome, turashobora kuwuronka. Aho ni ho tuzoronka “impēra nini” iva ku kumenya no ku gukora ivyo Imana igomba.—Zab. 19:7-11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika