Imihezagiro Iva ku Kugaragaza Ugukenguruka Urukundo rwa Yehova—Ikigabane ca 1
1 Intumwa Paulo yanditse ati: “Twebge tugira urukundo, kukw ari [Yehova] yabanje kudukunda.” (1 Yoh. 4:19) Igihe twiyumviriye ivyo Yehova yaturonkeje vyose, twumva twogaragaza ugukenguruka kwinshi. Yezu yaratanze akarorero mu kugira ivyo, arashingira intahe izina ry’Imana n’Ubwami abigiranye ukugamburuka. (Yoh. 14:31) Ni ngirakimazi ko turimbura uburyo bumwebumwe twoshobora kugaragazamwo ugukenguruka dufitiye Yehova ku bw’urukundo rwiwe be n’imihezagiro ivamwo.
2 Kugenda Inzu ku Yindi: Yezu yigishije abayoboke biwe ukuntu bokora igikorwa co kwamamaza Ubwami. Inyobozo yabahaye zirerekana mu buryo butomoye yuko bagiye inzu ku yindi, bakwiragiza inkuru nziza. (Luka 9:1-6; 10:1-7) Bisaba kuba dukunda Imana na mugenzacu kugira tugume tugenda tuva ku rugo tuja ku rundi, igihe duhura n’abantu batabinezwe kandi baturwanya. Ariko rero igihe tubigira, ubwacu turahungukira kubera ukwizera kwacu kurushiriza gushikama, umwiyemezo wacu ukarushiriza gukomera eka n’icizigiro cacu kikarushiriza gukayangana.
3 Kubera ko dukora turongowe n’abamarayika, twarubuye abatari bake bashonje kandi banyotewe ukuri. (Ivyah. 14:6) Hari abanyamihana bavuze yuko bariko barasenga kugira baronke imfashanyo igihe Icabona yakomanga ku muryango wabo. Mu mazinga ya Karayibe, hari Ivyabona babiri bari kumwe n’akana gatoya bariko bagenda inzu ku yindi. Igihe abo bakuze bafata ingingo yuko hari hageze ko bahagarika igikorwa kuri uwo musi, ka kana karabatanze imbere ku muryango wakurikira ari konyene maze karakomanga. Umukenyezi akiri muto yarakinguye umuryango. Ba bandi bari kumwe na ko babibonye, baciye bamwegera baraheza baramuganiriza. Yarabahaye ikaze maze abasigurira yuko ata kanya kari bwahere ariko arasenga asaba Imana ngo imurungikire Ivyabona kugira bamwigishe Bibiliya.
4 Gushinga Intahe mu Mabarabara: Kubera ko mu turere tumwetumwe bisanzwe ari nk’umuzi w’ibuye kuronka abantu i muhira, gushinga intahe mw’ibarabara ni bwo buryo bwo gushingira intahe abantu bwimbuka. Vyongeye, abantu benshi baba ahantu hari inzitiro canke mu nyubakwa zirindwa cane aho ugasanga tudashobora kugenda inzu ku yindi. Ariko rero, ugukenguruka dufitiye Yehova ku bw’urukundo rwiwe kuradusunikira ku kwikora ku karyo kose kabonetse kugira dukome ishwashwa abantu tubabwire ubutumwa bw’Ubwami, harimwo no gushinga intahe mu mabarabara.—Imig. 1:20, 21.
5 Gusubirayo: Kubera ko turondera “abazi ko bakeneye ivy’impwemu,” (NW) dushaka gukora ibishoboka vyose kugira tubamare akanyota. (Mat. 5:3) Ivyo bisaba yuko dusubirayo kuvomera imbuto z’ukuri twateragiye. (1 Kor. 3:6-8) Umuvukanyikazi umwe wo mu gihugu ca Ostraliya yahaye agapapuro k’inkuru nziza umukenyezi umwe yasa n’uwutavyitwararitse cane. Mugabo rero, uwo muvukanyikazi yarashimitse mu gusubira kugerageza kumurondera i muhira iwe. Igihe amaherezo babonana, umuvukanyikazi wacu yasanze yuko inyuma y’aho amugendeye ari bwo bwa mbere, uwo mugore yaciye agura Bibiliya izimvye cane. Uno muvukanyikazi aca atangura kwigana na we Bibiliya.
6 Mu Kurongora Inyigisho za Bibiliya: Uwo urashobora kuba umuce unezereye cane kandi ushumbusha kuruta iyindi mice y’ubusuku bwacu. Mbega umuhezagiro gufasha abantu kwiga ivyerekeye Yehova, ukabona bagira ivyo bahindura mu buzima bwabo kugira bamuhimbare, hanyuma maze ukibonera ukuntu baronka ibatisimu ya gikirisu ngo bibe ikimenyetso c’uko biyeguriye Imana!—1 Tes. 2:20; 3 Yoh. 4.
7 Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura izindi nzira duhezagirirwamwo kubera tugaragaza ugukenguruka dufitiye Yehova ku bw’urukundo rwiwe.