“Nitugirire Neza Bose”
1 ‘Niwamamaze Ijambo ry’Imana mu Buryo Bushitse’ be na “[Nitu]be Abatunzi m[u] Bikorwa Vyiza” ni yo yari imitwe-shimikiro yakoreshejwe mu nyongera z’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma no muri Ntwarante 2002. (Kol. 1:25; 1 Tim. 6:18) Muri ivyo biganiro twararemeshejwe kugira akigoro kadasanzwe ko gufasha abashimishijwe ngo bitabe Icibutso, ko gufasha abahororokewe kugira ngo basubire kwifatanya n’ishengero, be n’ako gufasha abana bacu hamwe n’abigishwa ba Bibiliya bakwije ibisabwa ngo batangure kwamamaza inkuru nziza. Nta nkeka twaranezererewe ivyiza vyavuye mu twigoro twagiranye ubwira. Ubu, “tugifise uburyo, [nitubandanye] [k]ugirir[a] neza bose, cane-cane abo dusangiye ukwemera.”—Gal. 6:10, UB.
2 Nubatumira Basubire Kwitaba Amakoraniro: Mu karere ko muri Afirika yo mu Buseruko, abantu barenga 70.000 batari abamamaji b’inkuru nziza baritaba Icibutso uko umwaka utashe. None ko kuba bacitaba vyerekana ko bashimishwa ku rugero runaka, ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo ‘abantu bose bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera,’ ‘bacike abizera’? (Ivyak. 13:48) Nubaremeshe gusubira kwitaba amakoraniro y’ishengero vuba bishoboka.
3 Ni kuki utotumira umuntu yashimishijwe ngo yitabe Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero kugira ngo yinovore ikiganiro kiryoshe gishingiye ku gitabu Umuntu Ahambaye? Nimba uri incuti canke umugenzi wa nya muntu maze ukaba uri ku rutonde rwo gushikiriza insiguro izokurikira kw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, woshobora kumutumira kugira ngo aze yumvirize ikigabu cawe. Nugume umumenyesha imitwe-shimikiro y’insiguro zizoshikirizwa mu ndwi ziri imbere. (Urutonde rujanye n’igihe rukwiye kuba rumanitswe ku kibaho c’amatangazo.) Nurondere akaryo kose ko kuvyurira uwo muntu icipfuzo co gusenga Yehova. Kandi nimba ata muntu bigana Bibiliya mw’ishengero, ubigiranye ubugwaneza urashobora kumusaba ko womugirira inyigisho.
4 Guma Uremesha Abahororokewe: Abatari bake mu bitaba Icibutso baba baramaze kwiyegurira Yehova. Ariko rero, harageze igihe barahagarika kuba bacamamaza inkuru nziza. Mugabo kandi, Paulo yaraduhimirije “[k]ugirir[a] neza bose, cane-cane abo dusangiye ukwemera.” (Gal. 6:10, UB) Ku bw’ivyo, abahororokewe bakwiye kwitwararikwa ubwa mbere.
5 Kumbure bamwebamwe baramaze kwitabira akamo k’indemesho batewe n’abakurambere hamwe n’abandi ngo basubire kugira uruhara mu busuku. Nimba abakurambere barakugenye gukorana n’uwari yarahororokewe, numenye yuko urukundo ubwawe ufitiye Yehova be n’urw’ukunda ubusuku bwo mu ndimiro bizomutuma ashira ubwoba. Numwereke ingene ukora mu mice itandukanye y’ubusuku kugira ngo na we ashobore kuburonkeramwo umunezero, azokomere ku muheto mu gikorwa co kwamamaza, kandi bikaba vyoshobora kuzomuronsa imihezagiro ya Yehova.
6 Nutume Abamamaji Bashasha Batangura Neza: Umugore umwe yashimishwa amaze kubona yuko yubuye ishirahamwe ry’Imana ry’ukuri, yashatse guca atangura umurimo wo kwamamaza mu maguru masha. Amaze kumenya ivyo asabwa, yavuze ati: “Nshaka gutangura ubu nyene.” Igihe umuntu mwahora mwigana Bibiliya yemerewe gutangura kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, numufashe kubona ko bikenewe “gutangura ubwo nyene,” gutyo utume uwo mwamamaji mushasha atangura neza. Numufashe gutsimbataza akamenyero ko kwitegurira ubusuku bwo mu ndimiro no kubugiramwo uruhara ubudasiba indwi ku ndwi.
7 Nimba ari umwana wawe abaye umwamamaji atarabatizwa, nimukorane kugira ngo agire iterambere rijanye n’imyaka yiwe be n’ivyo ashoboye. Biciye ku mfashanyo ntoyi umuha, wotanganzwa n’ukuntu ashobora gutanguza ikiganiro n’umuntu, n’ukuntu asoma Bibiliya be n’ukuntu ashikiriza ibisohokayandikiro. Igihe aronse umuntu yakira neza inkuru nziza mu murimo wo ndimiro, numumenyereze kugira isubirayo be no kwitwararika abashimishijwe.
8 Niwagure Ubusuku Bwawe: Uko ivyawe vyifashe vyoba bigushoboza kwongereza uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza naho hoba inyuma y’ikiringo c’Icibutso? Woba woshobora kwongereza isaha imwe canke zibiri ku ndwi ku ndwi ku mwanya usanzwe umara mu murimo? Woba uriko uraraba ku kirangamisi igihe ushobora gusubira gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Canke woba ushobora gutunganya uburyo ubayeho kugira ngo utangure gukora ubusuku bw’igihe cose? Akigoro kose tugira mu busuku kofasha umuntu kwemera ukuri! (Ivyak. 8:26-39) Uko tubona imisi yegereza, nimuze “[t]wame [d]ukurikira iciza mu vyo [t]ugiriranira no mu vyo [t]ugirira abandi.”—1 Tes. 5:15.
[Box on page 3]
Nubandanye Gusahiriza:
□✔ Abitavye Icibutso
□✔ Abamamaji bari barahororokewe
□✔ Abamamaji bashasha batarabatizwa