ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/02 rup. 4
  • “[Ni]mwame Mukurikira Iciza”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “[Ni]mwame Mukurikira Iciza”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Tube icitegererezo c’ibikorwa vyiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2008
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Ivyo Mukora Vyose Mubikorane Urukundo”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • “Mugumane ingeso nziza mu mahanga”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 5/02 rup. 4

“[Ni]mwame Mukurikira Iciza”

1 Kubaho uri Umukirisu bisaba ‘kwama umuntu akurikira iciza mu vyo agirira abantu bose.’ (1 Tes. 5:15) Igihe twitaba amahwaniro yacu y’intara, turaronka uturyo twinshi two gukorera iciza abandi. Muri ivyo bihe, abantu baratwihweza, kandi abo tubonanye bose baragira ico batuvuzeko bisunze ukuntu tubafata. Kugira ngo tugumane izina ryiza bwa Vyabona vya Yehova, turakeneye kwerekana biciye ku bikorwa vyacu yuko “[t]wubah[a] abantu bose.” (1 Pet. 2:17) Ivyo birimwo ivy’uko “umuntu wese [a]tiyumvir[a] ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.” (Flp. 2:4) Rimbura ukuntu ivyo bikora ku bijanye n’intunganyo y’ihwaniro iraba ivy’uburaro.

2 Woba waramaze kugira ivyo utegekanya ku vyerekeye aho uzorara? Hazoba ari mw’ihoteri, mu buraro bw’amashure canke mu masomero? Nuvuge bimwebimwe mu vyo utegekanya ku bijanye n’ibisaswa, ibifungurwa, uburyo bumwebumwe bwo kwikingira imibu mu turere tumwetumwe hamwe n’ikintu c’ukubika amazi yo kunywa. Nukurikize amabwirizwa yose atangwa n’abarongoye ishure canke ibindi bibanza vy’uburaro kugira ngo wirinde amasanganya aturuka ku muriro. Mu masomero menshi no mu buraro bw’amashure bwinshi birabujijwe kuhatekera.

3 Nitwigishe Abana Ingene Bakora Iciza: Abana ntibakwiye na rimwe kwigera barekeranwa ata buyobozi bubereye bw’umuntu akuze muri izo nyubakwa z’uburaro, kuko ivyo bishobora gutera ingorane. (Imig. 29:15) Nimba hariho urugomero rw’amazi rwo kwogeramwo canke ibindi bikoresho bifasha mu vyo kwisamaza, abana ntibakwiye kurekwa ngo baje muri ivyo bibanza, canecane igihe badaherekejwe n’abavyeyi babo. Twese turakwiye kwiyubara ntitugore abandi.

4 Bavyeyi, imbere yuko ihwaniro riba, vyoba vyiza mumaranye n’abana banyu igihe mwihwereza hamwe inyifato ya gikirisu bitezwe ko bagira mu bihe vyose no mu bibanza vyose. (Ef. 6:4) Nk’akarorero, nimubadomere urutoke ku vy’uko urukundo rwa gikirisu ‘rudakora ibiteye isoni, rutarondera ivyarwo, ruticiraho.’ (1 Kor. 13:5) Abakuze barashobora guha uburemere ayo majambo mu kwerekana akarorero keza kugira ngo bose babonereho. Bana, murashobora gukurikirana iciza mu kugamburukira abavyeyi banyu, mu kwubaha inyubakwa y’uburaro, no mu kwubaha abo muri kumwe. (Kol. 3:20) Uko tugira utwigoro dushize hamwe kugira ngo tugirire neza bose, ‘turashariza inyigisho z’Imana, Umukiza wacu.’—Tito 2:10.

5 Ukwigenza neza kwacu kuragira akosho keza atari ku batwitegereza muri rusangi bonyene ariko kandi no ku bahora badutyoza ku bw’imvo zitandukanye. Mu bintu vyose dukora kw’ihwaniro no mu gisagara kiberamwo ihwaniro, twaba turiko turagenda mw’ibarabara, turiko turafungura mw’iresitora, turiko dusama akayaga kw’ihoteri, mu buraro bw’ishure, mu masomero, canke turiko turakoresha uturyo twizanye mu gushinga intahe, imvugo yacu be n’ibikorwa vyacu vya gikirisu bikwiye kugaragaza yuko dushaka gukurikirana iciza.

[Box on page 4]

Turabasavye Mwibuke:

■ Kwihanganira no kwubaha abakozi bakorera muri iyo nyubakwa y’uburaro.

■ Gukurikiza amabwirizwa agenga iyo nyubakwa, ari ho ku bw’ineza y’ingenzi zose.

■ Kwirinda ikintu cose cotuma haduka umuriro.

■ Gucungera neza ivyo abana banyu bakora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika