Niwironse mu Buryo Bukwiye Ivyo Ukeneye mu vy’Impwemu
1 Ihwaniro ryacu ry’lntara ryimirije ryataziriwe ngo: “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete” riraduha akaryo keza ko kwironsa mu buryo bukwiye ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Nka kurya kw’imfungurwa z’umubiri nziza, iyo porogarama izotugaburira mu vy’impwemu “[a]majambo y’ukwizera.” (1 Tim. 4:6) Izodushoboza kurushiriza kwiyegereza Yehova. Vyongeye turashobora kwitega kuronka impanuro n’indemesho zidufasha kwihanganira ibigeragezo duhangana na vyo mu buzima bwacu. Yehova aratwizigiza ati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” (Zab. 32:8) Ese ingene twahezagiwe kuba turonka ubuyobozi bwiwe buranga urukundo mu buzima bwacu! Niwihweze intambwe ngirakimazi zimwezimwe dushobora gutera kugira ngo turushirize kwungukira kuri iyo porogarama y’ihwaniro.
2 Turakeneye Gutegura Umutima Wacu: Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo kuzigama umutima wiwe w’ikigereranyo. (Imig. 4:23) Ivyo bisaba ko twihata ubwacu kandi tukaba inziraburyarya. Ihwaniro ni igihe co kuzirikana ku bucuti dufitaniye na Yehova, igihe co “[k]witegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo.” Kugira ngo dutegure umutima wacu ngo “[wa]kīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri [tw]ebge,” dukwiye gusaba Yehova ngo adusuzume, kugira ngo arabe yuko hari “inzira y’ibibi” yoba iri muri twebwe dukeneye gukosora, maze akaturongora “mu nzira y’ibihe bidashira.”—Yak. 1:21, 25; Zab. 139:23, 24.
3 Gutega Yompi no Kuzirikana: Yezu yarakeje Mariya kubera ko yateze yompi cane amajambo yiwe, avuga ati: “Mariya ahisemw’umugabane mwiza, atazokwakwa.” (Luka 10:39, 42) Nimba dufise mwene ako gatima nyene, ntituzoreka ngo dusamazwe n’ibintu ataco bimaze. Tuzoraba neza ko twicaye kandi duteze yompi mu gihe c’iyo porogarama yose. Tuzokwirinda kuvuga canke kugendagenda bidakenewe kandi tuzokwiyubara kugira ngo ntidusamaze abandi na twa dutelefone batwara mu ntoke, n’ivyuma bifata amasanamu n’amajwi be n’ivyuma bifata amafoto.
4 Mu gihe twumviriza insiguro, ni vyiza ko tugira utwo twandika muri make kugira ngo bidufashe kurimbura ingene ikiganiro kiriko kirashikirizwa. Turakwiye guhuza ivyo twumva n’ivyo twari dusanzwe tuzi. Ivyo bizodufasha gutegera no kwibuka ayo mayagwa. Igihe dusubiramwo ivyo twanditse, dukeneye kubigira dufise iciyumviro c’ugushira mu ngiro nya mayagwa. Umwe wese muri twebwe arashobora kwibaza ati: ‘Ni gute ivyo biri n’ico bikora ku bucuti mfitaniye na Yehova? Ni ibiki nkeneye kubogora mu buzima bwanje? Noshobora gute gushira mu ngiro ivyo namenye mu vyo nkorana n’abandi? Nobikoresha gute mu busuku bwanje?’ Nituganire n’abandi ingingo zadushimishije kuruta izindi. Ivyo tubigize, bizodufasha kuzigama ‘imbere mu mutima wacu’ ivyo Yehova avuga.—Imig. 4:20, 21.
5 Nidushire mu Ngiro Ivyo Twize: Amaze kwitaba ihwaniro ry’intara, umwe mu bari barijeko yavuze ati: “Iporogarama yari imeze ukwayo, yavyurira umuntu umutima wo gusuzuma umutima wiwe n’uw’abo mu rugo rwiwe be no kurondera imfashanyo iranga urukundo yo mu Vyanditswe uko ikenewe. Yatumye ndushiriza kwitwararika ibanga njejwe ryo kurushiriza gusahiriza ishengero.” Benshi muri twebwe baragize inyiyumvo nk’iyo nyene. Ariko rero ntibihagije ko tuva kw’ihwaniro twumva ko twaremeshejwe kandi twaruhuriwe. Yezu yavuze ati: “Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.” (Yoh. 13:17, ni twe tubihiritse.) Dutegerezwa gushira mu ngiro ingingo zitwerekeye twebwe nyene ubwacu tubigiranye ubwira. (Flp. 4:9) Ubwo ni bwo buryo bwo kwironsa mu buryo bukwiye ivyo dukeneye mu vy’impwemu.
[Box on page 5]
Nuzirikane ku Vyo Wumva:
■ Bigira ico bikoze gute ku bucuti mfitaniye na Yehova?
■ Bifise akosho gute ku vyo nkorana n’abandi?
■ Nobikoresha gute mu buzima bwanje no mu busuku bwanje?