Ico Intererano Zacu Zikora
1 Igikorwa co kwigisha Bibiliya kw’isi yose kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Amahera yose abonetse arakoreshwa mu kuriha ibintu vyinshi bikenerwa mu kurangura igikorwa co kwamamaza Ubwami mu gihe ca none. Turetse ivy’uko Sosiyete ihingura ibisohokayandikiro bigabanganywa kw’isi yose, iranabungabunga ibiro vy’amashami, inzu za Beteli, amashure y’ubusuku n’ay’ubumisiyonari, abamisiyonari, abatsimvyi badasanzwe, abacungezi b’ingenzi, ibibanza bigabanganirizwamwo ibisohokayandikiro, be n’izindi nzego nyinshi zo gufasha zikenewe kugira ngo turangure igikorwa cose uko kingana Yezu yashinze abayoboke biwe.—Mat. 24:14; 28:19, 20.
2 Abamamaji benshi be n’imiryango yabo baragira akamenyero ko kwama bashira ikintu ku ruhande, ku bw’intererano zijanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. (Gereranya na 1 Ab’i Korinto 16:1, 2.) Muri ubwo buryo, ibikorwa vyose Sosiyete irangura birashigikirwa, harimwo n’ukugabanganya ibisohokayandikiro. Uko twagura ubusuku bwacu tubigiranye umwete, tukagira ubukerebutsi mu gukoresha ibinyamakuru vy’agaciro vya Sosiyete, Yehova araheza akabandanya kuduha iyongerekana. Abantu b’imitima nziraburyarya aho bari hose barashima insobanuro zumvikana tubaha ku biraba ubwoko bw’ubusuku turangura kandi barahimbarwa no kubushigikira biciye ku gutanga intererano bavyishakiye.
3 None Sosiyete ishobora gute kuronsa ibisohokayandikiro abantu bose ata mahera ibasavye? Amahera ategerezwa gukoreshwa mu kubihingura no mu kubigabanganya aboneka biciye ku ntererano. Abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye ni bo soko nyamukuru ry’uko gushigikira mu vy’amahera. Ivyabona vya Yehova ntibigeze bitega yuko abantu bo hanze baba ari bo bashigikira iki gikorwa cihutirwa cane co kwamamaza Ubwami. Kuva kera hose eka n’ubu, ntitwigeze tuja mu vyo gutoza amahera mu bantu. Ariko rero, turashima intererano ntonto zivuye ku bantu bashimishijwe vy’ukuri kandi bakenguruka duhura na bo mu ndimiro.
4 Mu gusozera, abavukanyi bo mu karere iwacu cokimwe n’abari ahandi hose mw’isi bama bibuka yuko abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye ari bo soko nyamukuru ry’amahera akenerwa kugira ico gikorwa kirangurirwa kw’isi yose citwararikwe. Baratahura ukwo kuba hakenewe amahera, bigatuma bashira intererano zabo ubudahorereza mu dusandugu turi mu Ngoro z’Ubwami twanditseko mu ndome ziboneka ngo: “Intererano ku bw’Igikorwa Kirangurirwa kw’Isi Yose.—Matayo 24:14.” Ivyo, umwumwe wese abigira avyishakiye kandi anezerewe bivanye n’uko ubushobozi bwiwe bungana mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako iri mu 2 Ab’i Korinto 9:7. Igihe raporo y’ivy’amakonte isomewe ishengero rimwe mu kwezi, abavukanyi baramenyeshwa amahera yarungitswe kuri Sosiyete ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, maze ku bw’ivyo bakaremeshwa no kumenya yuko ishengero bakukira ririko rirashigikira igikorwa c’Ubwami ridahorereza. Mumenye neza yuko intererano mutanga mutitangiriye itama ku bw’igikorwa Sosiyete irangurira kw’isi yose zifasha kurangura igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa mu mihingo yose yo kw’isi.