ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/02 rup. 5
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vy’ubuhinga bwa none?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?
    Be maso!—2011
  • Niwironse mu Buryo Bukwiye Ivyo Ukeneye mu vy’Impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 7/02 rup. 5

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Dukwiye kwamiza iki mu muzirikanyi igihe dukoresha twa duterefone batwara mu ntoke be n’izindi terefone umuntu agendana?

Mwene ubwo buryo burashobora gutuma tuvugana n’abandi ahantu nka hose dushobora kuba turi. Naho ivyo vyoba bifasha, dutegerezwa kwiyubara kugira ngo ntidukoreshe mu bihe bitabereye uduterefone two mu ntoke be n’ayandi materefone umuntu agendana, kugira ngo ntibiteshe agaciro umurimo wacu canke amakoraniro ya gikirisu. Ivyo vyoshobora gushika gute?

Rimbura ivyoshika nk’igihe ako gaterefone kovuga canke iyindi terefone umuntu agendana ikavuga turi mu busuku bwo mu ndimiro turiko turashinga intahe. Uwo twoba dusanze ku muhana yokwiyumvira iki? Nka hamwe twohagarika kwishura uwo muntu ahamagaye vyotanga ikihe ciyumviro? Nta gukeka yuko tutokwipfuza gukora ikintu na kimwe cotuma abandi batumviriza ubutumwa bw’Ubwami. (2 Kor. 6:3) Ku bw’ivyo, nimba dufise ako gaterefone batwara mu ntoke canke iyindi umuntu agendana, dukwiye kuyugara kugira ngo ntiduciremwo canke ngo iciremwo abandi mu gihe turi mu busuku bwo mu ndimiro.

Tuvuge iki nk’igihe turi kumwe n’abandi, bakaba ari bo bariko barashinga intahe? Nimba twarashize ku ruhande umwanya kanaka ku bw’umurimo wo mu ndimiro, ntidukwiye none gushira umuzirikanyi wacu kuri ico gikorwa? Tubitumwe n’icubahiro dufitiye umurimo wacu mweranda, turasabwa kwitwararika mu wundi mwanya ivy’ubucuruzi bwacu bwite canke ivy’inyungu zo mu kibano. (Rom. 12:7) Birumvikana ko ivyo bitojamwo ugukoresha terefone turi i muhira kugira turushirize gushinga intahe canke kugira duhane isango n’umuntu dufise intumbero yo gushinga ntahe.

Igihe dutwara umuduga, dutegerezwa kwiyubara bimwe bidasanzwe ku vyerekeye ugukoresha utwo duterefone batwara mu ntoke, kubera ko ubushakashatsi bumwebumwe bwerekana yuko kudukoresha muri ico gihe, vyongereza cane uguhakwa kugira isanganya. Dukwiye kwitondera cane amategeko ayo ari yo yose abuza umuntu gukoresha utwo duterefone mu gihe atwaye umuduga.

Tuza ku makoraniro ya gikirisu, ku materaniro be no ku mahwaniro kugira ngo dusenge Yehova twongere twigishwe na we. Kuba dukenguruka ivy’uko ivyo bihe ari vyeranda ntibikwiye none kutuvyurira umutima wo kwugara ayo materefone kugira ngo ntadusamaze canke ngo asamaze abandi? Nimba hari ikintu cihutirwa gisaba ko duca ubwo nyene tucitwararika, dukwiye kuja kugitunganiriza hanze y’ahariko hagirirwa ikoraniro. Atari ukwo naho, dukwiye gutunganya ivyo kwitwararika ibibazo bituraba ubwacu be n’ibitajanye n’ivyo gusenga, mu wundi mwanya atari uwagenewe ivy’ugusenga.—1 Kor. 10:24.

Ese uburyo dukoresha utwo duterefone two mu ntoke canke ikindi cuma ico ari co cose bwokwama nantaryo bugaragaza yuko twubahiriza abandi kandi ko dushima cane ibintu vy’impwemu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika