ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/02 rup. 1
  • Nutangaze Ubutumwa bw’Ubwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutangaze Ubutumwa bw’Ubwami
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ubwami “Butazosenyurwa”
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ubwami “Butazokwigera Buhangūra”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 12/02 rup. 1

Nutangaze Ubutumwa bw’Ubwami

1 “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana . . . , kukw ari co natumwe.” (Luka 4:43) Muri ayo majambo Yezu yarashize ahabona umutwe-shimikiro w’ubusuku bwiwe, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana. Ubutumwa dutangaza muri iki gihe na bwo nyene bushimikiye ku Bwami, nk’uko vyabuwe muri Matayo 24:14, ngo: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” Ni ukuri nyabaki kwerekeye Ubwami bw’Imana abantu bakeneye kwumva?

2 Ubu Ubwami bw’Imana buraganza buri mw’ijuru kandi ubu bwa vuba bugiye gusubirira intwaro zose z’abantu. Shetani aramaze kwirukanwa mw’ijuru, kandi uru runkwekwe rw’ibintu rubi ruramaze kwinjira mu misi yarwo ya nyuma. (Ivyah. 12:10, 12) Urunkwekwe rubi kandi rushaje rwa Shetani ruzosangangurwa n’agasya n’akarenge, ariko Ubwami bw’Imana bwo ntibuzokwigera bunyiganyizwa. Buzokwamaho ibihe bidahera.—Dan. 2:44; Heb. 12:28.

3 Ubwami buzohaza ivyipfuzo vyiza vy’abantu bose bagamburuka. Buzokwirura abantu bubakureko umubabaro uterwa n’intambara, ubugizi bwa nabi, agahahazo hamwe n’ubukene. (Zab. 46:8, 9; 72:12-14) Hazoba ibifungurwa vy’umusesekara ku bantu bose. (Zab. 72:16; Yes. 25:6) Indwara n’ubumuga bizoba ari ibintu vya kera. (Yes. 33:24; 35:5, 6) Uko umuryango w’abantu uzogenda uravamwo agasembwa, isi izohindurwa iparadizo, abantu na bo babane mu mahoro.—Yes. 11:6-9.

4 Turerekana ko dushaka kuba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana mu kuntu tubaho muri iki gihe. Ubutumwa bw’Ubwami bukwiye kugira akosho ku buzima bwacu bwose, tutibagiye no ku migambi twishingira no ku vyo dushira imbere mu buzima. Nk’akarorero, naho dutegerezwa kurondera ibitunga umuryango wacu, ntidukwiye kwigera tureka ngo ukwitwararika ibintu vy’umubiri binyohe inyungu z’Ubwami. (Mat. 13:22; 1 Tim. 5:8) Ahubwo, dutegerezwa gukurikira aya majambo ya Yezu yo kutugabisha agira ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose [ibintu vya nkenerwa vy’umubiri] muzovyongerwa.”—Mat. 6:33.

5 Birihutirwa ko abantu bumva kandi bagakora bahuje n’ubutumwa bw’Ubwami hakiriho umwanya. Ese twobafasha kubishitsa mu ‘kubemeza ivy’Ubwami bw’Imana.’—Ivyak. 19:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika