Woba Uterera Agacumu k’Ubumwe Kugira Haboneke Raporo y’Ukuri?
1 Inkuru nyinshi zo muri Bibiliya usanga zirimwo ibitigiri bitomoye, ivyo bikaba bifasha kwerekana neza ivyabaye ivyo ari vyo. Nk’akarorero, Gideyoni yaratsinze ikambi y’Abamidiyani ari kumwe n’abantu 300 gusa. (Abac. 7:7) Umumarayika wa Yehova yarishe ingabo z’Abasiriya 185.000. (2 Abm. 19:35) Kuri Pantekote yo mu 33 G.C, abantu bababa ibihumbi 3.000 barabatijwe, maze inyuma yaho gatoyi igitigiri c’abizera kirongerekana gushika ku 5.000. (Ivyak. 2:41; 4:4) Biragaragara muri izo nkuru yuko abasavyi b’Imana ba kera bagize akigoro kanini kugira ngo baterateranye bongere bandike ibitigiri bikwiye kandi vy’ukuri.
2 Muri iki gihe, ishirahamwe rya Yehova riratwigisha gutanga raporo y’igikorwa cacu co mu ndimiro uko ukwezi gutashe. Dukurikije iyo ntunganyo tudahemuka bituma igikorwa co kwamamaza gicungerwa mu buryo kirumara. Raporo zirashobora kugaragaza ko hari umuce w’ubusuku ukeneye kwitwararikwa, canke ko hakenewe abandi bakozi mu karere kanaka k’indimiro. Mw’ishengero, raporo z’umurimo wo mu ndimiro zirafasha abakurambere kumenya abafise ubushobozi bwo kwagura ubusuku bwabo, hamwe n’aboba bakeneye gusahirizwa. Raporo zerekeye iterambere ry’igikorwa co kwamamaza Ubwami ziraremesha umuryango wacu wose w’Abakirisu. Woba uriko urashitsa uruhara rwawe kugira haboneke raporo y’ukuri?
3 Ibanga Wewe Ujejwe: Iyo ukwezi guheze, vyoba bikugora kwibuka ivyo wakoze mu busuku? Namba ari ukwo vyifashe, kubera iki utoza urandika ivyo wakoze igihe cose ugize uruhara mu murimo wo mundimiro? Bamwe barakoresha ikirangamisi canke agatabu biyandikiramwo ivyo bakora ku musi ku musi. Abandi bibangikanya ka gapapuro kajako raporo y’umurimo wo mu ndimiro. Ku mpera y’ukwezi, ubwo nyene ca ushikiriza raporo yawe umucungezi w’inyigisho y’igitabu yiwanyu. Canke na ho, ushire raporo yawe mu gasandugu kagenewe amaraporo kari ku Ngoro y’Ubwami nimba ari vyo woshima. Namba wibagiye gutanga raporo yawe, ntutebagane kubimenyesha umucungezi w’inyigisho y’igitabu yiwanyu, aho kurindira ko ari we arinda kuyigusaba. Gutanga raporo y’umurimo wawe bivuye ku mutima birerekana ko wubaha indinganizo Yehova yashizeho be n’uko wubahiriza mu rukundo abavukanyi bajejwe kwegeranya izo raporo no kuzishira mu nyandiko.—Luka 16:10.
4 Uruhara rw’Umucungezi w’Inyigisho y’Igitabu: Bwa mwungere yama agavye kandi yitwararika, umucungezi w’inyigisho y’igitabu aritwararika kumenya umurimo w’uwo mugwi mu kwezi kwose. (Imig. 27:23) Aramenya ko umwumwe wese mu bamamaji yoba ariko aragira uruhara ruri n’ico ruvuze, rudahorereza kandi rurimwo umunezero, maze akihutira gutanga insahirizo namba hari uwo ukwezi kwarangiye atagiye mu ndimiro. Kenshi usanga haba hakenewe gusa akajambo k’indemesho, kumugira inama kirumara canke kumutumira ngo bajane mu ndimiro.
5 Ukwezi guheze, umuhagarikizi w’inyigisho y’igitabu ategerezwa kuraba neza ko abamamaji bose bari muri uwo mugwi bashikije ibanga ryabo ryo gutanga raporo y’igikorwa cabo, kugira ngo umunyamabanga ashobore gushikiriza raporo y’ukuri y’ishengero ibiro vy’ishami imbere y’igenekerezo rya gatandatu ry’ukwezi gukurikira. Iyo ukwezi kwegereje guhera, vyomubera ngirakamaro yibukije abagize uwo mugwi gutanga raporo, kandi akaba afise udupapuro twa raporo ahabera inyigisho y’igitabu. Nimba hari abakunda kwibagira gutanga raporo y’igikorwa cabo, arashobora kubibutsa mu buryo bubereye kandi akabaremesha.
6 Gutanga raporo yacu y’umurimo tudatebaganye birafasha kugira haboneke icegeranyo ca raporo kigaragaza neza na neza ivyaranguwe mu ndimiro. Woba uzoshitsa uruhara rwawe mu gutanga raporo yawe y’umurimo ku kwezi ku kwezi?