Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Kig.
“Abantu benshi bariyumvira ibijanye n’ivuka rya Yezu. Wewe woba wari uzi yuko hariho ivyigwa vy’agaciro dushobora kwigira ku nkuru ya Bibiliya yerekeye ivuka ryiwe? [Rindira yishure. Maze uce umwereka ku rupapuro rwa 5, hanyuma uce usoma 2 Timoteyo 3:16.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irihweza bimwebimwe muri ivyo vyigwa.”
Réveillez-vous! 22 Kig.
“Woba ubona yuko abavyeyi bafise imvo yumvikana yo kurazwa ishinga n’ukuntu ukwisamaza kuranga ubukazi kwo muri iki gihe kuriko kuragira ico gukoze ku bana babo? [Rindira yishure.] Abavyeyi benshi bakoresha uwu murongo wa Bibiliya kugira ube ari wo ubayobora. [Soma Zaburi 11:5.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irafasha imiryango gusuzuma ingeramizi ziri mu mikino igirirwa kuri orodinateri.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Igihe abantu babuze uwabo canke barwaye, kenshi baribaza bati: ‘Ni kubera iki Imana ireka ibi bikaba?’ Kumbure uramaze kwibaza ikibazo nk’ico. Bibiliya irerekana yuko Imana igirira impuhwe abacumukura. [Soma Yesaya 63:9a.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma dushobora kwemera tudakeka ko Imana izokuraho ugucumukura.”
Réveillez-vous! 8 Nzero
“Woba wiyumvira ko intwaro ikwiye kubuza yuko umuntu agira umwidegemvyo w’ukuvuga? [Rindira yishure.] Bite ho mu gihe ivyo umuntu avuga vyoba bijanye n’ukubwira abandi ivyerekeye idini nk’uko tubisoma hano? [Soma Ivyakozwe 28:30, 31.] Ico kibazo giherutse gushikanwa muri Sentare Nkuru ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Na wewe uratewe akamo ngo usome ivy’ico kibazo muri iyi nomero ya Réveillez-vous!”