Inama tugirwa zo gushikiriza igitabu Niwiyegereze Yehova
◼ Ufise Bibiliya mu minwe, nuvuge uti: “Abantu benshi bemera Imana bipfuza kwumva barushirije kuyiyegereza. Woba wari uzi yuko Imana idutera akamo ngo tuyiyegereze? [Soma Yakobo 4:8.] Iki gitabu kigenewe gufasha abantu gukoresha Bibiliya zabo bwite kugira biyegereze Imana”. Nusome ingingo ya 1 ku rupapuro rwa 16.
◼ Ufise Bibiliya mu minwe, nuvuge uti: “Muri iki gihe akarenganyo karimonogoje. Bimeze nk’uko bivugwa ngaha. [Soma Umusiguzi 8:9b.] Benshi baribaza nimba Imana inavyitaho. [Nusome amungane abiri atangura ingingo ya 4 ku rupapuro rwa 119.] Iki kigabane kirasigura igituma Imana yaretse akarenganyo kakabandanya mu gihe kinana”.