Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?
1 Amashirahamwe y’idini menshi ashimika ku gukora ibikorwa vy’ubugiraneza, nko kwubaka amashure canke amavuriro. Ariko rero, naho Ivyabona vya Yehova batibagira “kugira neza no kugira ubuntu,” ico bashira imbere y’ibindi ni ugufasha abantu mu buryo bw’impwemu.—Heb. 13:16.
2 Icitegererezo co mu kinjana ca mbere: Yezu yarakoze ibikorwa vyinshi vyiza mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, ariko igikorwa nyamukuru yaranguye cari ic’ugushingira intahe ukuri. (Luka 4:43; Yoh. 18:37; Ivyak. 10:38) Yategetse abayoboke biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe.” (Mat. 28:19, 20) Vyongeye, yarerekanye yuko abamwizera boranguye ku rugero rurushirije kuba runini ico gikorwa yatanguje. (Yoh. 14:12) Igikorwa co kwamamaza ni co Yezu yashira imbere kubera yuko cafasha abantu kumenya inzira y’ubukiriro.—Yoh. 17:3.
3 Intumwa Paulo yabona ko igikorwa ciwe co kwamamaza ari “igikorwa ngombwa,” ni ukuvuga igisabwa atari gushobora kwirengagiza. (1 Kor. 9:16, 17, UB) Yari yiteguriye kugira akigoro ako ari ko kose, kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose, canke kurinda amagume ayo ari yo yose yomushikiye kugira ngo arangure ubusuku bwiwe. (Ivyak. 20:22-24) Intumwa Petero n’abari bifatanije na we, barerekanye agatima nk’ako nyene. Mbere naho bapfunzwe bakongera bagatonagurwa, “ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.”—Ivyak. 5:40-42.
4 Tweho bite? Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa coba ari co dushira imbere y’ibindi? Nka kumwe kwa Yezu, twoba twitwararika koko “abagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere”? (Mat. 9:36) Ibintu bibera kw’isi muri iki gihe be n’ubuhanuzi bwa Bibiliya buranguka birerekana mu buryo butomoye yuko iherezo ry’uru runkwekwe rubi ririko ryegereza cane! Kugumiza mu muzirikanyi yuko igikorwa co kwamamaza gihambaye bizotuma tubandanya kwamamaza tubigiranye umwete.
5 Nurimbure uko ivyawe vyifashe: Kubera ko uko ivy’umuntu vyifashe kenshi bihinduka, vyoba vyiza tugiye turarimbura nimba hari ivyo twohindura kugira ngo turushirize kugira uruhara rushitse mu gikorwa co kwamamaza. Hari umuvukanyikazi yahora ari umutsimvyi asanzwe mu myaka y’1950, mu y’1960, no mu y’1970 ariko yabonye ko vyoba vyiza ahagaritse ico gikorwa ciwe kubera yari afise amagara mabi. Ariko rero, haciye igihe amagara yiwe yarongeye kumera neza. Aheruka gusubira kurimbura uko ivyiwe vyifashe hanyuma afata ingingo yo gusubira gukora ubutsimvyi. Ese ukuntu yahimbawe no kwitaba Ishure ry’Umurimo w’Abatsimvyi afise imyaka 90 y’amavuka! Weho bite? Woba wimirije gukukuruka canke kurangiza amashure? Ukwo kuntu ivyawe bizoba bihindutse kwoba kuzotuma ushobora gukora ubutsimvyi?
6 Igihe Yezu yabona ko Marita ‘ahagaritswe umutima no kuzimana vyinshi,’ yaramubwiye abigiranye ubugwaneza yuko yorushirije kuronka imihezagiro aramutse yoroheje ibintu. (Luka 10:40-42) Woba ushobora kworosha uburyo bwawe bwo kubaho? Vyoba bikenewe koko ko umugabo n’umugore bompi bakora akazi k’umubiri? Hamwe mwogira ivyo muhindura, umuryango woba ushobora gutungwa n’umushahara w’umuntu umwe? Kubera ko benshi bagize ivyo bahinduye kugira ngo bagire uruhara runini mu busuku, barahungukiye mu buryo bw’impwemu.
7 Ese twese twokurikira icitegererezo Yezu n’intumwa basize! Turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova azohezagira utwigoro nyatwo tugira mu kugira uruhara rushitse mu gikorwa gihambaye co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.—Luka 9:57-62.