ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/03 rup. 3
  • Dukoranire hamwe ngo dushemeze Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukoranire hamwe ngo dushemeze Yehova
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Shemeza Yehova mw’ishengero rinini
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ya Materaniro y’Intara yo mu 1999 Yataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana”
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • “Dushirane hejuru izina ryiwe”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Tugume twiteze Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 6/03 rup. 3

Dukoranire hamwe ngo dushemeze Yehova

1. Umutwe-shimikiro w’ihwaniro ni uwuhe, kandi ni kubera iki Yehova akwiriye ko tumushemeza?

1 Yehova afise ububasha ntangere, ubukerebutsi budasigurika, ubutungane butagira agahaze kandi ni we rukundo. Kubera yuko ari we Muremyi, Mutanzi w’Ubuzima na Segaba w’Ibiriho Vyose, ni we wenyene akwiriye ko tumusenga (Zab. 36:9; Ivyah. 4:11; 15:3, 4). Ihwaniro ry’Intara ryo muri uyu mwaka ryataziriwe ngo “Ninahaza Imana” rizokomeza umwiyemezo dufise wo kumushemeza kubera ari we wenyene Mana y’ukuri.—Zab. 86:8-10.

2, 3. Gutegekanya ibintu neza, ni gute bizotuma twungukira kw’ihwaniro mu buryo bwuzuye?

2 Gutegekanya ibintu neza birakenewe: Kugira ngo tuzokwungukire bimwe vyuzuye ku mazimano Yehova atubikiye, gutegekanya ibintu neza ni ngirakamaro (Ef. 5:15, 16). Woba wararangije gutunganya ivyerekeye aho uzorara, uburyo bwo kwiyunguruza be no gusaba agakonji ku kazi canke kw’ishure? Ivyo bintu bihambaye ntureke ngo uzobikore ku munuta wa nyuma. Niwateba gusaba agakonji, woshobora gucikwa n’igihimba c’urwo rubanza ruteye umunezero. Twese turakeneye kuba ariho turi mu biringo vyose.

3 Niwishingire umugambi w’uko imisi yose ushika kare mu kibanza c’ihwaniro. Ivyo bizotuma ufata icicaro imbere y’uko ururirimbo rwo kwugurura rutangura vyongere bigufashe kuba witeguye mu muzirikanyi binagufashe kwakira amacishabwenge ashikirizwa. Turagusavye ntufatire abandi ivyicaro nimba atari abo mu rugo iwanyu canke abo mwafatanije urugendo mu muduga.

4. Ni kubera iki bisabwa ko twese twitekerera impamba kw’ihwaniro?

4 Bisabwa yuko umuntu wese yitekerera impamba kugira ngo mu karuhuko ka sasita ntaje kuva ahabereye ihwaniro ngo agiye kurondera imfungurwa. Ukurikije iyi ndinganizo uba uterereye ku mahoro aharangwa, vyongere bitume uronka akanya karushirije ko kwifatanya n’abo musangiye ukwemera (Zab. 133:1-3). Turagusavye ugumize mu muzirikanyi ko bitemewe kwinjiza inzoga ahabera ihwaniro.

5. Dushobora gute gutangura gutegura imizirikanyi yacu ku bw’ihwaniro?

5 Nutege yompi maze ugire ico uhigiye: Ezira yarateguye umutima wiwe abishize no mw’isengesho kugira ngo yakire ijambo ry’Imana (Ezr. 7:10). Yarashize umutima ku nyigisho za Yehova (Imig. 2:2). N’imbere yuko tuva i muhira, turashobora gutangura gutegura imitima yacu ku bw’ihwaniro, mu kuzirikana ku mutwe-shimikiro w’iryo hwaniro no mu kuwuganirako mu muryango.

6. Ni ibiki bishobora kudufasha kuguma twituniye ku biriko birashikirizwa? (Raba uruzitiro.)

6 Mu kibanza kiberamwo ihwaniro ry’abantu benshi cane, turashobora kubona no kumva ibintu vyinshi bidusamaza. Ivyo birashobora gutuma imizirikanyi yacu yangara ntidukurikire umushikirizansiguro. Igihe ivyo bishitse umuntu aracikwa n’amakuru ahambaye. Inama dusanga mu ruzitiro rujanye n’iki kiganiro zirashobora kudufasha kurushiriza kwitunira ku biriko birashikirizwa.

7, 8. Dushobora gute kugaragaza ko twubahiriza abandi?

7 Erekana ko wubahiriza abandi: Ivyuma bifata amafoto n’ibifata amasanamu n’amajwi birashobora gukoreshwa mu gihe c’iyo porogarama. Ariko rero, kugira ntusamaze abandi urabikoreshereza aho wicaye. Udutelefone ngendanwa be n’utwuma two guhanahana amakuru dutegerezwa kuba tuzimijwe kugira ntidusamaze abandi. Nta bikoresho vy’abantu bikwiye gucomekwa ku vyuma bitanga umuyagankuba be no ku bitanga amajwi kuri iryo hwaniro.

8 Ese ukuntu turindiranye igishika kuzokoranira hamwe kugira dushemeze Yehova! Nimuze twiyemeze kuzomuninahaza mu kwitaba ibiringo vyose, mu gutega yompi no mu gushira mu ngiro ivyo tuzoba twize.—Gus. 31:12.

[Box on page 3]

Ingene wotega yompi ku mahwaniro

▪ Zirikana ku mitwe y’insiguro

▪ Nurabe ivyanditswe

▪ Nugire utwo wanditse muri make

▪ Nuhitemwo utuntu tudasanzwe ushaka kuzoshira mu ngiro

▪ Nusubiremwo ivyo uzoba wize

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika