Tube icitegererezo c’ibikorwa vyiza
1. Ni kubera iki canecane kw’ihwaniro ry’intara dukwiye kwitwararika ukuntu twigenza?
1 Igihe dukoraniye hamwe turi benshi ku mahwaniro y’intara, uburyo twigenza n’ingene dufata abandi ni vyo canecane abatwitegereza babona. Ni co gituma umwe wese muri twebwe akeneye kwitwaririka bimwe bidasanzwe iyi nkeburo Bibiliya itanga igira iti: “[Ntu]hugumbe; nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza” (Tito 2:6, 7). Bisaba yuko umuntu agira akigoro gakomeye kugira “ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi” (Flp. 2:4). Reka turimbure imice imwimwe aho dushobora gushira mu ngiro iyo ndemesho kw’Ihwaniro ry’Intara twimirije ryataziriwe ngo “Ninahaza Imana”.
2. Ni ibiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi ku bijanye n’uburaro?
2 Ibijanye n’uburaro: Akaryo keza ntangere dufise ko kugaragaza ibikorwa vyiza ni akajanye n’ivy’uburaro. Twaba tuzocumbika mw’ihoteli, mu buraro bw’amashure canke mw’isomero, bizoba vyiza cane nitwagaragaza ivyamwa vy’impwemu y’Imana (Gal. 5:22, 23). Ikindi, nuzirikane imbere y’igihe ku bintu bimwebimwe vyerekeye ibisaswa, ibifungurwa, uburyo bumwebumwe bwo kwikingira imibu mu turere tumwetumwe hamwe n’amazi meza yo kunywa. Nukurikize amabwirizwa yose atangwa n’abarongoye ishure canke ibindi bibanza vy’uburaro, kugira ngo wirinde amasanganya aturuka ku muriro. Mu masomero menshi no mu buraro bw’amashure bwinshi birabujijwe kuhatekera.
3, 4. Abana bashobora gute gutuma Yehova ashemezwa kandi ni ibanga irihe abavyeyi bafise?
3 Abavyeyi n’abana: Muri iyi si aho usanga urwaruka rwinshi rutifata rupfasoni, abana bacu usanga batandukanye n’abandi, ivyo bikaba bishemeza Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Ariko rero, rimwe na rimwe ingorane zaradutse igihe abana batari bacungerewe neza (Imig. 29:15). Abavyeyi ntibakwiye kureka abana babo ngo bagume badacungerewe mu bibanza bacumbitsemwo canke mu kibanza kiberamwo ihwaniro.
4 Imbere yuko ihwaniro ritangura, hari abavyeyi basanze ari ngirakamaro gusubira gusuzumira hamwe n’abana babo ibijanye n’inyifato vyitezwe ko bagira (Ef. 6:4). Barafasha abana gutahura yuko urukundo nyakuri rwa gikirisu “[ruda]kora ibiteye isoni” canke “[ruta]rondera ivyarwo” (1 Kor. 13:5). Ihwaniro ry’intara ni umwanya washizwe ku ruhande kugira twigishwe na Yehova, kandi abana be n’abakuze barashobora kugaragaza ko bubahiriza iyo ndinganizo mu kuntu bigenza, haba mu kibanza kiberamwo ihwaniro canke ahandi.—Yes. 54:13.
5. Twigenjeje neza bishobora gukora iki ku bandi?
5 Ukwigenza neza kwacu kurashobora gufasha cane mu kubeshuza ivyiyumviro vy’abatuvuga uko tutari kandi kugakwegera abantu ku gusenga kw’ukuri (Mat. 5:16; 1 Pet. 2:12). Twipfuza ko uburyo twigenza n’ingene dufata abantu bose duhura kw’ihwaniro ryacu ry’intara, bishinga intahe ishimishije kuri bo. Muri ubwo buryo, tuzoba ‘twiyerekanye muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza’ kandi tuninahaje Yehova.—Tito 2:7.
[Box on page 4]
Niwubahirize abandi
▪ Mu kwihanganira abakozi bakorera muri iyo nyubakwa no kububaha
▪ Mu gukurikiza amabwirizwa agenga iyo nyubakwa ku bw’ineza y’ingenzi zose
▪ Mu kwirinda ikintu cose cotuma haduka umuriro
▪ Mu gucungera neza abana bawe