Gusubira kugendera abantu bishikana ku nyigisho za Bibiliya
1. Ni kubera iki igikorwa co gusubira kugendera abantu gihambaye?
1 Yezu ntiyashinze abayoboke biwe ibanga ryo kwigisha gusa, mugabo kandi yabashinze ibanga ryo ‘guhindura abantu abigishwa . . . , no kubigisha’ (Mat. 28:19, 20). Umwamamaji aramamaza mugabo umwigisha we agakora ibirushirije. Arigisha, agasigura akongera agatanga ivyemeza. Uburyo bumwe twigisha abandi, ni mu gusubira kugendera abashimishijwe dufise intumbero yo gutangura kwigana na bo Bibiliya.
2. Ni bande dukwiye gusubira kugendera?
2 Ni bande ukwiye gusubira kugendera? Wame witwararika gusubira kugendera abantu bose bemeye kwakira igisohokayandikiro canke aberekanye ko bashimishwa n’inkuru nziza naho hoba ari ku rugero ruto. Igihe uriko urashinga intahe mu kibanza gihuriramwo abantu benshi ukabona umuntu ashimishijwe, nugerageze kumusaba aderese canke inomero za telefone kugira ngo ukwo gushimishwa kuzoshobore gutsimbatazwa. Nubone ko gutanguza inyigisho za Bibiliya ari ikintu gishoboka. Niwabandanya kurondera abokwemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, nta gukeka uzobaronka.—Mat. 10:11.
3, 4. Igihe umuntu asubira kugendera abantu, yokora iki kugira ngo bibe ngirakamaro?
3 Erekana ko witwararika abandi: Kwitegurira gusubira kugendera umuntu mu buryo ngirakamaro, bitangura igihe tumugendeye ubwa mbere. Abamamaji bererwa, baritwararika kubona ibishimisha uwo bagendeye, maze bakabigira ishingiro ry’ibindi biganiro bazogiranira. Bamwebamwe babona ko birushiriza kuba vyiza bavyuye ikibazo mu gusozera ikiganiro, kugira ngo batume uwo bagendeye yipfuza ko bogaruka kumugendera. Ukwitwararika abantu bivuye ku mutima, bituma tuguma tubazirikana n’igihe mbere tuba tumaze kuva iwabo, kandi bigatuma dusubira kubagendera tudatevye. Nimba bishoboka, gerageza gusubira kubagendera bagishimishijwe, kumbure haciye umusi umwe canke ibiri.
4 Igihe usubiye kugendera umuntu, nurabe ingene wokwubakira ku vyo muheruka kuganirako. Niwishingire umugambi w’uko, igihe cose usubiye kugendera umuntu, umushikiriza n’imiburiburi iciyumviro kimwe cubaka co mu Vyanditswe, kandi ugire umutima wo kwumviriza. Rondera kumenya neza uwo wagendeye. Mu bihe bizokurikira, uko uzoza urasubira kumugendera, uraza uramushikiriza ivyiyumviro bijanye n’ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana bihuye canecane n’ibimuraje ishinga.
5. Ni uburyo bworoshe ubuhe umuntu yokoresha kugira atanguze inyigisho za Bibiliya?
5 Nube umuntu yama agabirije gutanguza inyigisho za Bibiliya: Nuze urasubira kugendera umuntu ufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ivyo wobigira gute? Nuvuge ko wipfuza gusangira na we iciyumviro gishimishije, maze uzingurure ku ngingo yinaka ubona ko yoshobora kumukwegera iri mu gitabu Ubumenyi canke mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Nusome iyo ngingo, musuzume ikibazo, mwongere muganire ku canditswe kimwe canke bibiri vyatanzwe. Mu gihe bikenewe, ivyo bishobora kugirwa mukiri ku rugi canke kw’irembo mu minuta iva kuri itanu gushika kw’icumi. Sozera mu kubaza ikibazo gikurikira no mu guhana na we isango ry’igihe mwobandanya ico kiganiro ikindi gihe.
6. Twokwerekana gute ko dutahura akamaro ko gusubira kugendera abo twayaze?
6 Gutsimbataza ugushimishwa kw’umuntu wese yashimishijwe, ni umuce uhambaye w’ubusuku turangura. Ni co gituma, mu rutonde rw’ibikorwa ukora mu ndwi, ukwiye kurondera umwanya wo gusubira kugendera abantu. Nitwabigira, bizotuma turushiriza kwererwa mu busuku turangura, maze bituzanire umunezero nyakuri.