ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/03 rup. 1
  • Ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa nyamukuru tujejwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa nyamukuru tujejwe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Niwigane Kristu mu busuku urangura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • ‘Ubwa Mbere Nimubandanye Kurondera Ivy’Ubwami’
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 6/03 rup. 1

Ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa nyamukuru tujejwe

1 Twese turafise ibikorwa bitandukanye dutegerezwa gukora. Kuronsa abo mu rugo ivyo bakenera, ni ikintu gisabwa n’Imana (1 Tim. 5:8). Ariko rero, igikorwa kirangurwa kugira ngo umuntu ashitse ico kintu Imana isaba, ntigikwiye kurutishwa igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.—Mat. 24:14; 28:19, 20.

2 Yezu yaratanze akarorero twokurikiza mu ‘kubanza kwitwararika ubwami’ (Mat. 6:33; 1 Pet. 2:21). Naho yari afise ibintu bike mu vy’umubiri, yaritanga atiziganya mu gukora ivyo Se agomba (Luka 4:43; 9:58; Yoh. 4:34). Yarihatira gushinga intahe uko akaryo kose kabonetse (Luka 23:43; 1 Tim. 6:13). Yarahimirije abigishwa biwe na bo nyene kwitwararika bimwe bikomeye ico gikorwa c’iyimbura.—Mat. 9:37, 38.

3 Ingene twokwigana Yezu muri iki gihe: Dushobora kwigana akarorero ka Yezu mu kwihatira kubaho mu buryo bworoheje, bushingiye ku busuku bwa gikirisu. Nimba dufise ivya nkenerwa mu buzima, nimuze twumvire impanuro ya Bibiliya iduhanura kutaguma twirundaniriza amaronko yo muri iyi si (Mat. 6:19, 20; 1 Tim. 6:8). Ese ukuntu kurondera kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ari vyo vyiza kuruta! Igihe duhanganye n’ingorane, nimuze twihate nk’uko Yezu yabigize, ntitureke ngo imyitwarariko y’ubuzima itwikire igikorwa nyamukuru cacu co gutangaza inkuru nziza y’Ubwami.—Luka 8:14; 9:59-62.

4 Mbere n’abafise amabanga menshi barashira imbere igikorwa co kwamamaza. Umuvukanyi umwe afise umuryango munini, ajejwe amabanga ku kazi kandi akaba ari umukurambere mw’ishengero rya gikirisu avuga ati: “Mbona ko ubusuku ari wo mwuga wanje”. Hari umuvukanyikazi w’umutsimvyi avuga ati: “Gukora ubutsimvyi biri n’agaciro karuta kure n’iyo akazi kinjiza amahera menshi”.

5 Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, nimuze dukurikize akarorero ka Yezu. Gute? Mu kugira ubusuku bwa gikirisu co gikorwa nyamukuru cacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika