Tumenyekanishe izina ry’Imana
1. Kumenya izina ry’uruharo ry’Imana bishobora gukora iki ku bantu?
1 Wavyakiriye gute igihe wumva izina ry’Imana ari bwo bwa mbere? Abantu benshi bavyakira nk’uko umugore umwe yavyakiriye. Yavuze ati: “Igihe natangura kubona izina ry’Imana muri Bibiliya, nararize. Narakozwe ku mutima no gutahura yuko noshobora vy’ukuri kumenya izina ry’uruharo ry’Imana kandi nkarikoresha”. Kuri we, kumenya izina ry’Imana yari intambwe ihambaye ijana ku kumenya neza na neza uko Yehova ameze no gushobora kugiranira na we ubucuti.
2. Ni kubera iki vyihutirwa ko twigisha abandi ivyerekeye Yehova?
2 Kubera iki tworimenyekanisha? Izina ry’Imana rirafitaniye isano na kamere zayo, imigambi be n’ibikorwa vyayo. Rirafitaniye isano kandi n’ubukiriro. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu wese azokwambaza izina rya [Yehova] azokizwa”. Mugabo, yafashije abantu kuzirikana mu kubaza ingene boshobora ‘kwambaza Yehova’ batabanje kwiga ibimwerekeye no kumwizera. Ni co gituma vyihutirwa ko abakirisu bamenyesha abandi izina ry’Imana n’ico risobanura koko (Rom. 10:13, 14). Ariko rero, hariho iyindi mvo ihambaye ituma izina ry’Imana ritegerezwa kumenyekanishwa.
3. Imvo nyamukuru ituma twamamaza ni iyihe?
3 Mu myaka y’1920, abasavyi b’Imana baratahuye biciye ku Vyanditswe ca kibazo kiraba ivyaremwe vyose cerekeye iyemezwa ry’ubusegaba bw’Imana n’iyezwa ry’izina ryayo. Imbere y’uko Yehova asangangura abanyakibi kugira ngo akure iceyi casizwe izina ryiwe, ukuri kumwerekeye gutegerezwa “[kwamamara] mw isi yose” (Yes. 12:4, 5; Ezk. 38:23). Ni co gituma imvo nyamukuru ituma twamamaza ari ugushemeza Yehova ku mugaragaro n’ukweza izina ryiwe ku bantu bose (Heb. 13:15). Urukundo dukunda Imana n’ababanyi bacu ruzodusunikira ku kugira uruhara rushitse muri ico gikorwa twajejwe n’Imana.
4. Ivyabona vya Yehova bashitse gute ku kwitirirwa izina ry’Imana?
4 ‘Abantu bitirirwa izina ryayo’: Mu 1931 twarahisemwo izina ry’Ivyabona vya Yehova (Yes. 43:10). Kuva ico gihe, abasavyi b’Imana baramenyekanishije izina ry’Imana ku rugero runini ku buryo igitabu Prédicateurs, ku rupapuro rw’124 kivuga giti: “Kw’isi yose, umuntu wese akunda gukoresha izina Yehova, ubwo nyene baca babona ko ari Icabona ca Yehova”. Woba uzwi ko uri Icabona ca Yehova? Gukenguruka ukumera neza kwa Yehova gukwiye kudusunikira ku ‘gushemagiza izina ryiwe’, mu kuvuga ibimwerekeye igihe cose turonse akaryo kabereye.—Zab. 20:7; 145:1, 2, 7.
5. Ukuntu twigenza gufitaniye isano gute n’ukwitirirwa izina ry’Imana?
5 Kubera ko turi ‘abantu bitirirwa izina ryayo’, dutegerezwa gushigikira ingingo ngenderwako zayo (Ivyak. 15:14; 2 Tim. 2:19). Kenshi ikintu abantu batangura kubona ku Vyabona vya Yehova, ni ukuntu bigenza neza (1 Pet. 2:12). Ntitukigere dusiga iceyi izina ryayo mu kurenga n’ibigirankana ku ngingo ngenderwako zashinzwe n’Imana canke mu kudashira mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu ivyo kuyisenga (Lew. 22:31, 32; Mal. 1:6-8, 12-14). Ahubwo, nimuze twerekane mu buryo tubayeho yuko duha agaciro agateka ko kwitirirwa izina ry’Imana.
6. Ni agateka akahe dushobora kwinovora muri iki gihe no mu bihe bidahera?
6 Muri iki gihe, turibonera iranguka ry’aya majambo Yehova yavumereye ati: “Uhereye iy’izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu [mahanga]” (Mal. 1:11). Nimuze tubandanye kumenyekanisha ukuri kwerekeye Yehova no ‘gushemagiza izina ryiwe ryera ibihe bidahera’.—Zab. 145:21.