Porogarama nshasha y’iteraniro ry’umuzunguruko
1 Databuja yabuye yuko abigishwa biwe boshikiwe n’amagorwa (Mat. 24:9). Ibigeragezo dukwiye kubibona gute? Ni ibiki bizotuma dushobora kwihanganira amagorwa? Porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko yo mu mwaka w’umurimo wa 2004 izokwishura ivyo bibazo. Umutwe-shimikiro ni: “Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa”.—Rom. 12:12.
2 Impererekane zibiri: Uruhererekane rwa mbere ruzoba rufise umutwe uvuga ngo “Nimwamishwe ivyamwa no kwihangana”, ruzokwihweza uburyo twama ivyamwa. Abamamaji batari bake bazobazwa ibibazo ku vyerekeye ukuntu bamamaza n’ukuntu bigisha, bakabigira babona ko ibintu vyihutirwa. Abavyeyi canecane bizoba vyiza bateze yompi ikiganiro kivuga ngo “Igihe dutojwe indero na Yehova”, ikizoca irya n’ino ukuntu abavyeyi bashobora gufasha abana babo kuzirikana. Umushikirizansiguro wa nyuma muri urwo ruhererekane azoshira ahabona ivyo dutegerezwa gukora kugira ngo twirinde isi itwosha nabi maze igatuma tutama ivyamwa.—Mrk. 4:19.
3 Umutwe-shimikiro w’uruhererekane rugira kabiri uvuga ngo: ‘Dusiganwe tubigiranye ukwihangana’. Ruzotomora ukuntu ubuzima bwacu bumeze nk’isiganwa. Ni kubera iki dukeneye gusiganwa dukurikiza amabwirizwa agenga isiganwa? Dushobora gute kwererwa igihe twiyambura ibituremera kandi ntiturambirwe muri ukwo gusiganirwa ubuzima? Impanuro zizoba zitanzwe hageze zishingiye ku Vyanditswe, zizodufasha twese kubandanya gusiganwa twihanganye.
4 Kwihangana gutuma twemerwa n’Imana: Insiguro zizoshikirizwa n’abacungezi b’ingenzi zizokomeza ukwizera kw’abazokwumviriza bakongera bagashira mu ngiro izo mpanuro. Imwe mu nsiguro umucungezi w’intara azoshikiriza izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Ukwihangana gushikana ku kwemerwa”. Insiguro y’icese izokwishura ibibazo bikurikira: Amahanga akwiye gushira ivyizigiro mw’izina rya nde, kandi gukora ivyo bisaba iki? Insiguro isozera ifise umutwe uvuga ngo “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu”, izoca irya n’ino ukuntu Yezu yashoboye kwihanganira akarenganyo ata mujinya.
5 Uribuka kuza witwaje igitabu cawe c’Ishure ry’Ubusuku n’Umunara w’Inderetsi uzokwigwa muri iyo ndwi. Uragira utwo wandika kugira bigufashe kudasamara no kugira ngo uzotwikoreko mu bihe bizokurikira. Mu nyuma, isubiramwo ry’iyo porogarama rizogirwa mw’ishengero.
6 Yehova ubwiwe yaraduteguriye ayo mazimano yo mu vy’impwemu. Nimuze mufungure! Tuzoshira amajwi hejuru n’umunezero nitwaba ariho turi kugira twungukire kuri iyo porogarama yose.—Yes. 65:14.